Post Views: 0
I. Hari umutamakazi w’imyaka mirongo umunani yaba ku musozi Kinzobe zone Kabuye, Komine n’intara ya Kayanza yaraye yishwe n’abanyagihugu bo ku musozi Nyabikaranka. Uwo na we akaba yishwe yagirizwa uburozi. Musitanteri wa komine Kayanza akaba atera ivyatsi iyo ngendo y’abanyagihugu yo kwihanira.
II. Abantu bagendana ubumuga bwo mu mutwe muri komine Mabanda mu ntara ya Makamba barabangamiwe n’ubwicanyi bakorerwa n’abantu bataramenyekana. Amakuru dukura ngaho mu Mabanda avuga ko mu kiringo c’amezi abiri, abantu batatu barishwe, muri abo hakaba harimwo n’umukenyezi.
III. Abapolisi babiri bo muri komisariya y’igisagara ca Bujumbura, babarizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri uheze. Bagirizwa gukubagura umucamanza wa sentare nkuru y’intara ya Bujumbura, ikorera mu Kabezi. Ababibonye nabo bakavuga ko intandaro y’ukwo gushamirana, ari uko uwo mucamanza yasabwe kwambara agafukamunwa mu kwirinda ikiza ca Covid-19 akavyanka, aca ashaka guhangana n’abapolisi.
IV. Nta gitangaje na kimwe kubona abapolisi bakubagura abantu kuko basanzwe bakora ibiciye kubiri n’akazi bajejwe. Bishikirizwa na Vital Nhimirimana arongoye urunani FORSC rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike. Avuga ko igikorwa cabo ari ugukingira abanyagihugu n’ivyabo. Vital Nshimirimana arashima ko abagirizwa gukubagura umucamanza wa sentare nkuru y’igihugu ya Bujumbura, bafashwe bagashirwa mu minwe y’ubutungane.
V. Ikiza c’indwara ya Covid-19 cari kimaze imisi caracureshe mu ntara ya Muyinga, casubiriye kwibonekeza muri ino misi ku rugero ruteye amakenga. Guhera mu ndwi iheze gushika mu ntango y’ino ndwi, ku bantu bipimishije mu bibanza bitandukanye, abarenga 70 ni bo bamenyekanye ko banduye umugera wa covid-19, nk’ukwo amakuru atandukanye ava mu burere bw’ubuvuzi bugize intara ya Muyinga avyemeza. Ukudebukirwa kw’abanyagihugu mu gukurikiza ingingo zo kwikingira ico kiza, ngo ikaba ari yo nkomoko y’ibitigiri bibandanya kuduga vy’abarwaye ico kiza.
VI. Abantu indwi baratowe umugera wa Corona muri iyi misi ibiri iheze mu ntara ya Rumonge. Batatu muri bo, bakora mu gisata c’amagara y’abantu. Ivyo bikaba biteye ubwoba abanyagihugu. Basaba ko hoshirwamwo inguvu mu gucungera ishirwa mu ngiro ry’ingingo zo kwikingira.
VII. Bitewe n’irwirirana ry’uwo mugera wa Covid-19, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca, asanga iryo rwirirana ry’abandura uwo mugera ryavuye kubadebukiwe mw’ikurikizwa ry’ingingo zafashwe na leta. Aha akadoma urutoke ku bafise ubunywero n’amazu yo kwidagaduriramwo ko naho leta yari yababujije gukoranya abantu benshi nko mu gihe c’ibiteramo, batigeze bavyubahiriza. Kuri iyo mvo, ubushikiranganji bwafashe ingingo yo guhagarika ibiteramo bitandukanye n’amazu y’ubutambiro bita boite de nuit. Ubwo bushikiranganji bugasaba abarundi kwambara agapfukamunwa nk’itegeko, mu gihe bari mu modoka zunguruza abantu. Ibindi basabwa n’ugukaraba kenshi n’isabuni, kudasubira kuramukanya n’iminwe hamwe no gusiga umwanya hagati y’umuntu n’uwundi, mu bibanza bihuriramwo abantu benshi.
VIII. Abanyagihugu bo muri zone ya Gisenyi, komine Busoni, mu ntara ya Kirundo, baratabaza ko ata gikozwe bagiye kwicwa n’inzara. Iyo nzara iva ku ruzuba rwatse muri iyo komine. Bamwe mu banyagihugu bakaba bamaze guhungira mu ma komine yaguyemwo imvura. Abanyagihugu bo muri komine Busoni bakaba bidogera abajejwe intwaro, ko ata co bariko barafasha uretse kubaturubika iyo hagize uwubahuka kuvugira hejuru ko inzara yateye.
IX. Umugambi mushasha wa leta usaba aborozi kugumiza ibitungwa vyabo mu mpongore uriko uratahurwa n’abanyagihugu kiretse mu ntara zimwe zimwe nka Bururi, Mwaro, no mu kiyaya c’Imbo. Vyashikirijwe kuri uyu wa gatatu n’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Umushikiranganji avuga ko aborozi batari bake muri izo ntara bifise kandi bize amashure, ariko ngo baracashaka kuragira ibitungwa vyabo mu matongo ya leta.