I. Abantu 3 baraye bishwe, abandi barenga 10 barakomereka biturutse kuri grenade yatewe ahari inzu barabiramwo ama reresi iri hagati y’amabarabara irya 3 n’irya kane, muri Zone Bwiza komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura. Abajejwe intwaro bo hasi baremeza ayo makuru bakavuga ko iyo grenade abayiteye batamenyekanye, ariko amatohoza ko yatanguye.
II. Abantu 2 baraye bitavye Imana muri iri joro ryo ku wa gatatu rishira ku wa kane, ku mutumba wa Ruganirwa, mu ntara ya Muyinga. Urwo rupfu rukaba rwaturutse ku matati hagati y’umugabo n’umugore bari bubakanye. Umugabo amaze kwica umukenyezi wiwe, nawe yaciye ahitamwo kwiyahura, ikiziga ciwe kikaba catowe mu gitondo co kuri uyu wa kane.
III. Ibintu bijanye no gukubagura no guhohotera abana biribonekeza hirya no hino mu gihugu c’Uburundi. Ivyo bivugwa na Sixte Vigny Nimuraba, arongoye umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH. Avugako muri kino gihe uwo mugwi uriko urategura icigwa kizokwerekana neza ingene ibintu vyifashe mu gihugu. Agasaba leta kuzoca ibifatirako kugira ngo ifate ingingo zose zotuma ivyo guhonyanga agateka k’abana biranduranwa n’imizi mu Burundi. Sixte Vigny Nimuraba yabishikirije kuri uno wa kane, mu nama yo kwemeza icigwa cakozwe n’abahinga kuri ico kibazo.
IV. Iyinjira ry’igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Congo mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko bizotuma haba agahengwe na cane cane mu gisata c’umutekano. Ivyo biri mu mwihwezo w’umushakashatsi mu vyigwa vya politike, Gérard Birantamije, asigura ko ibihugu bigize uyo muryango harimwo n’Uburundi, bishobora kworoherwa mu gutorera umuti hamwe ibibazo vy’imigwi irwana harimwo n’iy’abarundi icumbitse mu karere k’ubuseruko ka republika iharanira demokarasi ya Congo.
V. Mu bijanye n’ubutunzi naho, ngo akarere gahanamiye Uburundi hakurya muri ico gihugu kibanyi ca Congo ngo karimwo abantu bagera ku millioni 10. Iyo rero ngo ni isoko nini rishobora gufasha ku bijanye n’ingenzi be no guhanahana ibidandazwa. Gérard Birantamije.
VI. Twibutse ko inama y’abashikiranganji b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko yaraye isabwe n’abakuru b’ibihugu kwihutira vuba bwango gusozera ibiganiro n’igihugu ca republika iharanira demokarasi ya Congo, kugira cinjire muri uyo muryango. Ivyo bigasigura ko Congo itararonka uruhusha nk’uko kari kadusovye mu makuru yacu yo kuri uyu wa gatatu.
VII. Muri iyo nama igira iya 18 y’abakuru b’ibihugu, icegera c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza yarasavye impunzi gutahuka. Ariko rero impunzi zahungiye mu bihugu bitandukanye ntizirota zitaba akamo zatewe ku musi w’ejo wa gatatu n’uyo mutegetsi. Izo mpunzi zimenyesha ko ico zahunze kigihari, zigasaba nyabuna abategetsi b’Uburundi kugarukana umutekano mu guhasha abawuhungabanya. Bamwe mu mpunzi baganiriye na Radiyo Inzamba.
VIII. Hari amafranga menshi atinjira mu kigega ca Leta kubera ayava mu bibanza bimwe bimwe vya Leta hatamenyekana neza abahakorera n’iyo amafranga aja, bishikirizwa n’umushikiranganji w’ikigega ca leta Domisiyano Ndihokubwayo. Ni mu gihe uwo mushikiranganji afadikanije n’ikigo OBR kuri uyu wa kane, bari bazindutse bagendera ahategekanijwe inyubako za Leta n’amazu ya leta akorerwamo ibikorwa bitandukanye. Akavuga ko ivyo bizofasha ikigo OBR gukurikirana ahari amatungo ya Leta.
IX. Kuva mu mwaka uza wa 2022 mu ntara zose, hazoba hari ibiro abantu bashobora kuronkeramwo impapuro za leta batamye biciye mu nzira yo mu buhinga ngurukana bumenyi Isoko, nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’akazi ka leta Thaddée Ndikumana. Yagiriyeko amenyesha ko ubwo buhinga bumaze gushikanwa mu ntara cumi z’Uburundi. Isoko rikazofasha kugabanya abatonda ku biro barondera izo mpapuro, bongere bapfunyirizwe n’ingendo. Ivyo umushikiranganji Thaddée Ndikumana akaba yabishikirije inyuma y’uruganda rwari rwateguwe mu ntumbero yo gusigurira abanyagihugu umuhora Isoko.