Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 03/11/2019

Publié le 3 novembre 2019 par Rédaction

Uno musi ugize uwa 13 abamenyeshamakuru bane Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa, Thérence Mpozenzi, Egide Harerimana n’umudereva w’ikinyamakuru IWACU bafunzwe. Bafashwe ku musi wa kabiri w’indwi iheze mu gihe bari bagiye gutohoza amakuru ku vyerekeye igitero c’abaroberi i Musigati mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru babanje guhagarikwa baja gufungirwa mu gasho ka komine Bubanza, mu nyuma bungururizwa mw’ibohero rikuru ry’intara ya Bubanza. Bagirizwa gukorana n’abagizi ba nabi no guhungabanya umutekano w’abanyagihugu. Abatari bake bakaba babandanya biyamiriza iryo fungwa. Muri abo hakaba harimwo ishirahamwe mpuzamakungu ry’urwaruka rw’abarundi MIJEB mu mpfunyapfuyo. Iryo shirahamwe ribonako iryo fungwa riteye isoni kandi ridakurikije amategeko. Risabako abo bamenyeshamakuru borekurwa vuba bwango atakirinze gusabwa. Arsene Arakaza niwe arongoye iryo shirahamwe.

Umushingamateka Fabiano Banciryanino yatowe mu ntara  ya Bubanza aranegura ukugene gushika uno musi ata nama y’umutekano n’imwe iratunganywa haba  ku rwego rw’intara canke ku rwego rwa komine ya Musigati, inyuma y’ibitero vy’abaroberi vyabaye muri ako karere haraciye indwi zibiri. Ku ncuro 2 zose izo nama zari zitezwe, ariko ntizabaye zikiba. Uwo mushingamateka agasigura ko hataraboneka  ijambo ry’ihumure ku banyagihugu bo muri ako karere.

Uwo mushingamateka avuga kandi ko ababazwa n’ipfungwa ry’abamenyeshamakuru bafatiwe muri iyo ntara yatowemwo, bagiye gutohoza amakuru. Avuga ko ivyo bicafuza intara yabo ya Bubanza ishobora gufatwa nk’akarere katari nyabagendwa. 

Abantu 6 nibo bamenyekanye ko bagandaguwe, 13 barahagarikwa hadakurikijwe amategeko, muri abo, 11 bahagaritswe inyuma y’ishaka kugandagura umukuru wa  zone ya MUYIRA. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe SOS Torture Burundi. Muri abo bishwe nk’ukwo biri muri ico cegeranyo, harimwo abagabo batatu biciwe mu bunywero mu gisagara ca Bujumbura mu gitero c’abitwaje ibirwanisho hamwe n’umukenyezi umwe yiciwe ku rugo iwe mu gisagara ca Bujumbura nyene.

Kubw’iryo sekeza SOS Torture Burundi, rimenyesha ko hari ibiziga 5 vyatowe mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatandatu ku mutumba RUSIGA komine ya RUGOMBO ku nkengera z’uruzi RUSIZI ruhana imbibe n’igihugu ca republika iharanira demokarasi ya Congo. SOS Torture rikiyamiriza ifubwa ry’ivyo biziga ryategetswe n’abajejwe intwaro hatabaye amatohoza kugira bamenyekane.

Fréderic Bamvuginyumvira icegera c’umukuru w’urunani CFOR rwiyemeje guharanira amasezerano y’i Arusha, amenyesha ko Leta iminsi yose iyo habaye ubwicanyi canke ubundi bugizi bwa nabi, yama ica yihutira kumenyesha ko amatohoza yuguruwe ariko bikaba akamizwe n’ingoma. Fréderic Bamvuginyumvira akaba abivuze inyuma y’aho abantu batatu biciwe mu bunywero kw’ibarabara rya muyinga mu gisagara ca Bujumbura aho igipolisi caciye kimenyesha ko amatohoza agiye gukorwa kugira ngo ukuri kumenyekane. Bamvuginyumvira akavuga ko imvugo nk’iyo imenyerewe kuko hamaze kuba ubwicanyi bwinshi  mu gihugu ariko ubutungane ntibwigere bukora kuko buri mu kwaha kwa Leta.

Impunzi ziri mw’ikambi ya Nduta muri Tanzaniya zirabandanya kuburabuzwa. Mw’iri joro ryakeye muri zone ya gatanu amazu badandarizamwo yaraye abomowe n’igipolisi gifadikanije n’iperereza rya Tanzaniya. Amakuru ava ngaho mw’i kambi  ya Nduta akamenyeshako ibidandazwa bitari bwakurwe mw’ayo mazu, vyaciye bisahurwa.

Nk’ukwo vyama ku minsi ya mungu, muratega amatwi amakuru yanditswe n’ibinyamakuru.

Ibindi bisa n'ibi