I. Umuntu umwe yarishwe arashwe n’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatandatu, bamusanze aho yariko arivuna akanyota muri quartier Kabondo mu gisagara ca Bujumbura, mu kabare kazwi kw’izina ryo Ku matete. Amakenga akaba ari yose ku begereye umuryango wiwe, bagasaba igipolisi gukora amatohoza ku rupfu rwiwe.
II. Hari umunyagihugu wo mu Minago muri komine n’intara ya Rumonge atawuzi iyo yajanywe n’uwahora arongoye iperereza mu ntara ya Rumonge, Michel Ndikuriyo. Uwo yahora atwara iperereza mu ntara ya Rumonge yamufatiye ku rugo iwe ku wa 26 Kigarama umwaka uheze. Kuva ico gihe, abegereye umuryango wiwe ntibarasubira kumukubita ijisho. Bafise amakenga ku mutekano wiwe, bagasaba kumenyeshwa aho yoba apfungiwe.
III. Umuriro wadutse ahitwa Galerie Mandela kw’ibarabara ryitiriwe UPRONA hagati mu gisagara ca Bujumbura mu gitondo co kuri uyu wa mbere. Uwo muriro wononye ibintu bitari bike. Abakorera mu nyubakwa zahiye, bemeza ko vyavuye ku muyagankuba, bagasaba gushumbushwa.
IV. Amatohoza arakenewe kugira ukuri kumenyekane ku cateye umuriro mw’ibohero rya Gitega kw’igenekerezo rya 07 z’ukwezi guheze. Biri mu rwandiko rwashizwe ahabona kuri uyu musi igenekerezo rya 24 kuno kwezi, n’ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch. Lewis Mudge arongoye iryo shirahamwe mu bihugu vya Afrika yo hagati, avuga ko kubona hafi amezi abiri agira ahere ata kuri kuramenyekana ku bitigiri nyezina n’umwidondoro w’abahitanywe n’uwo muriro, bituma ababuze ababo bama mu mubabaro n’agahinda.
V. Abaregwa hamwe n’abarezi bo kw’iseminari ntoyi yitiriwe Umweranda Piyo agira Cumi riri ku mutumba wa Rusengo rikukira Diocèse ya Muyinga, bari mu ngorane nyinshi zifatiye kw’ibura ry’umuyagankuba. Iryo shure rikaba rimaze iminsi 3 riri mu kizime. Bikaba vyaturutse ku cuma c’ishirahamwe REGIDESO kiyungurura umuyagankuba, cononekaye gikubiswe n’inkuba ku muhingamo wo ku wa gatanu w’indwi iheze. Bagasaba ko ico kibazo cotorerwa umuti vuba.
VI. Amezi abiri ararangiye ishirahamwe New Vision for Development rikura imyavu mu gisagara ca Rumonge ritariko rirakora ico gikorwa nk’uko ryavyiyemeje. Abanyagihugu bo muri ico gisagara bakaba baryagiriza ko ryabasavye amafaranga, ariko ntiryashira mu ngiro ivyo ryemeye gukora. Iyo myavu ishobora gutera ingorane mu gihe atacokorwa, kuko itera akamoto kabi mu mihana, nk’uko abanyagihugu babimenyesha. Muri iryo shirahamwe bakaba basigura ko imodokari yabo yatwara iyo myavu yapfuye.
VII. Umukoresha ahindurira akazi umukozi batavyumvikanyeko, agatako akamwimurira ahandi atamugishije inama, biteye kubiri n’amategeko agenga igihugu n’akazi. Ivyo n’ibisigurwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana afatiye ku kwimurwa kw’umudereva wo ku bitaro mu ntara ya Makamba Sadoscar Ndikumwami, asanzwe arongoye na sendika y’abakozi, yarungitswe gukora isuku kw’ivuriro ritoya rya Siza mur’iyo ntara ya Makamba. Umushingwamanza Janvier Bigirimana asaba ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ubugenduzi bw’akazi, kurenganura uyo mukozi ariko araturatuzwa.
VIII. Imigwi Urunani na Gladiators ni yo yaraye yegukanye ibikombe mu nkino zatunganijwe n’ishirahamwe rya basketball mu Burundi. Mu nkino z’igikombe ca Afrika ziriko zirabera muri Cameroun, Burkina Faso na Tuniziya zaraye zironse itike yo gukina igice ca kane gishira ica nyuma.