Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/11/2019

Publié le 4 novembre 2019 par Rédaction

Uno musi ugize 14 abamenyeshamakuru bane Christine Kamikazi ; Agnès Ndirubusa ; Thérence Mpozenzi ; Egide Harerimana n’umudereva w’ikinyamakuru IWACU bafunzwe. Bafashwe ku musi wa kabiri igenekerezo rya 22 Gitugutu mu gihe bari bagiye gutohoza amakuru ku vyerekeye igitero c’abareberi i Musigati mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru babanje guhagarikwa baja gufungirwa mu gasho ka komine Bubanza kw’igenekerezo rya 22 gitugutu ; hanyuma bungururizwa mw’ibohero rikuru ry’intara ya Bubanza igenekerezo rya 26 uko kwezi nyene.  Bagirizwa gukorana n’abagizi ba nabi no guhungabanya umutekano w’abanyagihugu. Kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu, sentare nkuru y’intara ya Bubanza niho yafata ingingo yo kubagumiza mw’ibohero. Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru ; amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ; abanyepolitike ku rwego rw’igihugu no ku rwego mpuzamakungu ntibahengeshanya kwiyamiriza iryo fungwa. Bakavugako riteye isoni kandi ridakurikije amategeko. Basabako abo bamenyeshamakuru borekurwa vuba bwango ; atakirinze gusabwa.

Ishirahamwe FOCODE rirasaba ko hoba amatohoza ku rupfu rw’abarwizatunga batatu baguye mu gitero co kuri uyu wa gatanu mwijoro ku bunywero buri muri Rohero mu gisagara ca Bujumbura. FOCODE ifise umugambi Ndondeza ujanye n’ababuzwe irengero bafashwe n’inzego z’umutekano. Pacifique NININAHAZWE arirongoye akavuga ko hari ivyemezo bishobora gufasha abagira itohoza kuri ico gitero kumenya ababishe. Pacifique  NINIHNAHAZWE  aributsa n’abandi barwizatunga babuzwe irengero mu bintu bidatomoye. Asaba ko umuco kuri ubwo bwicanyi.

Umushingamateka yatowe mu ntara ya Bubanza Fabien Banciryanino avuga ko hari ibimenyetso bituma yibaza ko urupfu rwa Désiré Hakizimana batazira Bino bine rwari rwateguwe n’indongozi zo ku rwego rwo hejuru mu ntara ya Bubanza na rirya ngo hari vyinshi vyerekana ko ata bushake bwo kugira amatohoza kuri urwo rupfu. Uwo Bine Bine, yahora ari umukuru w’imbonerakure ku mutumba Buramata muri komine Gihanga, yatowe ikiziga ku wa 23 Gitugutu. Amakuru ava aho i Buramata akavuga ko yoba yazize ko yoba yarashigikiye abarwanyi ba Red-Tabara baheruka kugaba igitero i Bubanza.

Kw’igenekerezo rya 04 Munyonyo, isi yose irahimbaza umusi wahariwe kurwanya ihindagurika ry’ibihe. Uwo musi ubaye mugihe mu Burundi ihindagurika ry’ibihe ryonona vyinshi. Mamert Sabushimike arongoye ishirahamwe ’’Abagenzi bibidukikije’’ arakebura leta, kwubahiriza amasezerano mpuzamakungu araba ibidukikije iba yateyeko igikumu.

Umukuru w’igihugu c’uburundi Pierre Nkurunziza yoba ari mu ngorane zikomeye zijanye no gutora uwuzomusubirira kugutinya ko amatungo yiwe atosubira kuyacungera neza haba mu mashirahamwe akomakomeye canke amatongo yagiye arihagira. Ico coba ari naco gituma hariko haraba ihindagurika ry’ibibanza mu nzego z’umutekano. Uyo ukaba ari umwihwezo w’umumenyeshamakuru Innocent Muhozi abona ko uyu musi inguvu za Petero Nkurunziza zisigaye mu mirwi y’interahamwe n’imbonerakure basanzwe bari mu minwe ya General Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika bivugwa ko yoba ariwe asigaye aramutswa ibiro bikuru vy’iperereza asubiriye Steve Ntakarutimana.

Inyuma y’ibomorwa ry’amazu badandarizamwo muri zone ya gatanu mw’ikambi ya Nduta n’igipolisi gifadikanije n’iperereza rya tanzaniya, abakora urwo rudandazwa basigaye mu kangaratete. Bakemeza ko udufaranga bakura muri urwo rudandazwa, twabafasha guhindurira imfungurwa abana bato. Iyo ngingo ya Tanzaniya ikaba yiyamirizwa n’urunani rw’abarundi b’intungane.

Ibindi bisa n'ibi