Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 05/02/2022

Publié le 5 février 2022 par Rédaction
I. Umuntu yaraye yishwe ku musozi Gahise, komine ya Butaganzwa, intara ya Kayanza. Inkuru ziva aho muri komine Matongo, zimenyesha ko hari nk’igihe c’isaha zine n’igice z’ijoro, aho abantu batamenyekanye binjiye mu nzu y’umutama w’imyaka hafi 60 yarazwi kw’izina rya Gervais Bashingwa. Ngo baramwivye amafranga arenga gato ibihumbi amajana atanu. Ariko bamaze kugera nko kw’irembo, boba bariketseko yabamenye, baragarutse bamutemesha umupanga.
II. Mu ntara ya Karusi ku mutumba Muhweza muri komine Buhiga, havugwa umuntu yaraye yishwe mw’ijoro ryakeye ku wa gatandatu. Uwo akaba ari umunyezamu yiciwe aho yarasanzwe ararira iboutike. Abamwishe bagiye bivye amafaranga angana n’ibihumbi 495 vy’amarundi. Abo basuma bagakeka ko ari abo mu micungararo kuko uyo muzamu babanje kumufuka mu maso.
III. Mu ntara ya Ngozi naho havugwa ikiziga c’umugabo atashoboye kumenyekana, catowe mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu mu ruzi  Nkaka, rugabura imisozi Gitasi wo muri komine Mwumba na Kinyami wo muri komine Ngozi. Ico kiziga cari kiboshe kandi bikaboneka ko uwo muntu yoba mu kwicwa yanigiwe ahantu kure, hanyuma aza gutabwa muri ako karere. Mu gipolisi bakavuga ko amatohoza yatanguye kugira hamenyekane abakoze ubwo bwicanyi.
IV. Ingingo yo kuduza ibiciro vyo kwiyunguruza yari yafashwe n’umugwi wo mu bushikiranganji bw’ubudandanji hamwe n’abajejwe kwunguruza abantu yarahagaritswe n’umushikiranganji w’ubudandanji. Ivyo biri mw’ikete uwo mushikiranganji yandikiye uyo mugwi kuri uyu wa gatanu. Uyo mushikiranganji akaba yamenyesheje ko iyo ngingo yafashwe n’umugwi utabifitiye ububasha.
V. Ishirahamwe OLUCOME ryo rivuga ko kubona hari abafashe ingingo batarinze kuzicisha kubabatwara bisigurako hariho abandi bantu batwara igihugu mu kinyegero, ico bashatse kikaja mu ngiro. Gabriel Rufyiri arirongoye amenyesha ko inyungu zija ku kagwi gatoya gafukamye igihugu mu nda.
VI. Barasaba kugira ico baterereye mw’itunganwa ry’inama rukokoma yigisata c’indero itegekanijwe mu kwezi kuza kwa gatatu. Abigisha bahurikiye mu runani rw’amasendika yabo COSSESONA bariyamiriza ikumirwa ry’ayo masendika muri ico gikorwa. Biri mw’ikete bandikiye umushikiranganji w’indero kuri uyu wa gatanu. Basigurako baravye uko igisata c’indero cifashe muri iki gihe, gushiramwo abo begwa n’indero bose ari vyo vyofasha gutora izo ngorane zigwe neza.
VII. Kuri ivyo amasendika avuga, Eulalie Nibizi arerekana ko leta iriko yirengangiza agaciro abarimu bafise. Uwo aharanira agateka ko kwiga ku bana bose, avuga ko abigisha bafise kinini boterera mu guteza imbere ico gisata, ari naco gituma batofatwa nk’abo ataco bafise boterera muri iyo nama.
VIII. Kuri uyu wa  gatandatu igenekerezo rya 5 Ruhuhuma, niho hahimbazwa imyaka 31 iheze abarundi bemeje amasezerano y’ubumwe bwabo. Ibirori nyamukuru vy’uyu musi bikaba vyabereye ku cibutso c’ubumwe kiri i Vugizo i Bujumbura. Ngo abarundi ntibashobora gutera imbere batabumbatiye ubumwe hagati yabo. Ivyo n’ivyashikirijwe n’umukuru w’Inama nshingamateka Daniel Gelase Ndabirabe, kw’izina ry’umukuru w’igihugu. Impunzi zisabwa gutahuka mu gihugu kugira ziterere mu kurwanya umwansi w’abarundi ari bwo bukene.
IX. Impinga iracari ndende kugira ngo ubumwe bw’abarundi butsimbatare, mu gihe abarundi bamwe bamwe barara ntibuca abandi bahirwa buhongo. Ivyo bishikirizwa na Emery Pacifique Igiraneza arongoye umuhari MAP-BURUNDI BUHIRE.  Kuri uno munsi abarundi bahimbaza ubumwe bw’abarundi, ngo n’aho umukuru w’igihugu asaba abahunze gutahuka kugira bubake igihugu, ngo biragoye mu gihe umugambwe CNDD-FDD ukivangura abanyagihugu mu guhohotera abo badasangiye ivyiyumviro vya politike, ubumwe bw’abarundi bukabandanya guhonyangwa.
X. Inkino z’igikombe ca Afrika zizosozerwa kuri uno w’Imana n’urukino rwa nyuma ruzohuza Sénégal na Misiri. Misiri izoba iriko irashaka igikombe c’umunani mu gihe Sénégal ikirondera ica mbere. Misiri izokina ibura abakinyi batanu bishobora gufasha Sénégal gutwara igikombe ca mbere.
XI. Mu kiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi, duca irya n’ino amajambo ya Evariste Ndayishimiye avuga ko leta itazosubira gutsindwa n’abanyagihugu ngo kuko ari yo ica imanza.

Ibindi bisa n'ibi