Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 07/02/2022

Publié le 7 février 2022 par Rédaction
I. Umugabo w’imyaka 23 yari azwi kw’izina rya Rénovat Ndikuriyo, yakora akazi k’ukwunguruza abantu kw’ipikipiki mu gisagara ca Kayanza, yaraye yishwe atemagujwe umupanga n’uwo yari yunguruje. Ivyo bikaba vyabaye ku mutaga wo kuri uyu w’Imana ku muhana w’uwo yari yungurujwe, nk’igihe c’isaha indwi ku musozi Kivuruga wo muri komine Gatara. Umuntu umwe yikekwa kuba yarafatanije icaha n’uwo muhungu yamaze kuyanyaga, akaba yarafashwe ku mvo z’amatohoza.
II. Imyidogo ni yose muri bamwe mu banyagihugu bo ku mutumba Muramba muri komine Buhinyuza y’intara ya Muyinga. Intandaro akaba ari umunyagihugu yitwa Venant Ndayisenga yatemagujwe n’imipanga n’abantu bazwi haraciye iminsi itanu, ariko bakaba bacidegemvya. Abanyagihugu bo bakabonako ukudahana ivyaha biri mu bigwiza ivyaha muri iyo komine.
III. Umugwi washizweho kugira ushinge ibiciro bishasha mu bijanye n’ukwunguruza abantu, umenyesha ko udashobora gufuta ingingo ishiraho ibiciro bishasha vyo kwiyunguruza. Biri  mu cegeranyo c’inama casohowe n’uwo mugwi ku wa gatanu w’indwi iheze. Umushikiranganji w’ubudandaji yari yasavye uwo mugwi gufuta vyihuta iyo ngingo ishinga ibiciro bishasha washinze utabifitiye ububasha.
IV. Frédéric Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu w’Uburundi asigura ko uko kunyinyurana mu bushikiranganji bw’ubudandanji, vyerekana ko ubushobozi bw’umushikiranganji buba budafatwa nk’uko vyategerezwa. Ku bwiwe. biboneka ko abayobozi bakuru mu bushikiranganji bw’ubudandanji bafise uwundi bumvira gusumba uwubarongoye. Bamvuginyumvira akavuga ko iyo hatabonetse inyishu kuri ico kibazo, umushikiranganji ashobora gusezera mu mabanga yahawe, kuko ingingo afata zidakurikizwa n’abo arongoye.
V. Abanywanyi bahembwa n’ishirahamwe INSS ryishinze gutegekaniriza kazoza abakozi ba leta baridogera iryo shirahamwe. Aho n’inyuma yaho kuwa 31 ukwezi kwa mbere guheze rimenyeshereje ko ribaye rirahagaritse gutanga akaruhuko ko muzabukuru bita pansion ku bisabiye gukukuruka batarakwiza imyaka itegekanijwe. Abo banywanyi babona ko iyo ngingo ihonyanga amategeko  bikanabashira mu ngorane  ziruta izo bari basanzwemwo.

VI. Imyidogo ni myinshi mu barimyi bo muri komine Nyabihanga intara ya Mwaro. Bidogera ishirahamwe ribaha umwavu w’ikizungu ryitwa Tubura. Ngo umwavu barihiye amafranga si wo uriko uratangwa. Bavuga ko bahabwa muke bagereranije nuwo bari biteze. Bagasaba ko abarongoye ishirahamwe Tubura bokwikubita agashi bakabaha umwavu barishe.

VII. Ngo ntibarota barandura imirima yabo kuko bitari mu mico y’abarundi kurandura imirima. Abo ni impunzi z’abarundi baba mw’ikambi y’impunzi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. Bategekwa n’abatware kurandura imirima yabo. Ivyo biri uko mu gihe haheze igihe abategetsi ba Tanzaniya bafadikanije n’igipolisi hamwe n’abasungusungu badasiba kwirara mu mirima y’impunzi z’abarundi bakayirandura iyindi bakayitemagura.

VIII. Igihugu ca Sénégal caraye kibaye ica 15 gitwaye igikombe ca Afrika mu mupira w’amaguru, inyuma y’aho vyanse ko kibishikako mu mwaka wa 2002 na 2019. Mu mupira w’amaguru mu Burundi naho mw’ihiganwa ry’igihugu cose, Bumamuru iracari mu kibanza ca mbere. Nayo muri basketball inkino zokurondera imigwi izoja mw’ihiganwa ry’igihugu cose zarabandanije mu mpera y’ino ndwi turangije.

Ibindi bisa n'ibi