I. Umugabo azwi kw’izina rya Bucumi Onésime yaraye agandaguye umugore wiwe Nibizi Jeannette hamwe n’umwana wiwe. Iryo bara ryabereye ku gacimbiri Kigabwe, umutumba Nyamugari wa komine Mabanda, hari ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu nk’igihe c’isaha 11. Amakuru dukura kuri uyo mutumba, avuga ko yagandaguye abo bantu 2 bo mu muryango wiwe akoresheje ubuhiri. Umukenyezi wiwe akaba yaciye yitaba Imana ubwo nyene, umwana nawe akaba yasandabiye kw’ivuriro rya Musenyi mu gitondo co kuri uyu wa kane. Nyene gukora ikibi akaba aza yafashwe akaba apfungiwe mu gasho k’igipolisi mu Mabanda. Uwo mukenyezi akaba yarafitaniye n’uwo mugabo yaraye amugandaguye abana 4, harimwo uwo yagandaguranywe na nyina.
II. Hari umudereva azwi kw’izina rya Thierry Irakoze avuka ku musozi Nyakimonyi, muri komine Mugamba n’intara ya Bururi, yanyurujwe kuri uyu wa mbere uheze akuwe mu gasho ka zone Musaga igisagara ca Bujumbura. Nk’uko amakuru dukura mu bari hafi y’aho Irakoze Thierry yahagarikiwe abivuga, ngo yahagaritswe na commissaire de police Bigirimana Pierre Claver batazira Rutuku, asanzwe ariwe arongoye igipolisi mu gisagara ca Bujumbura.
III. Umwana w’imyaka 12 ari ku musego inyuma yo guhohoterwa n’umukuru w’umutumba Gatonga muri zone Muzye, komine Giharo, mu ntara ya Rutana. Kuva ku musi wa mbere igenekerezo rya ndwi kuno kwezi turimwo, uwo mwana ntaratora mitende. Yakubiswe n’uwo arongoye umutumba yagirizwa kumwiba telefone ngendanwa. Uwo mwana amaze gukubitwa ngo yaciye ajanwa gupfungirwa mu ngoro y’umugambwe CNDD-FDD iri kuri uwo mutumba wa Gatonga. Iyo telefone yahavuye iboneka, abanyagihugu bo kuri uwo mutumba bakavuga ko yoba azira se wiwe kuko arongoye umugambwe CNL kuri uwo mutumba. Basaba ko uwakoze ayo mabi yohanwa.
IV. Amazu hafi 30 yarabomotse, ama hegitari 30 y’imirima arononekara n’igice c’ibarabara RN 10 na 9 muri komine ya Bukinanyana mu ntara ya Cibitoke, hari kuri uyu wa gatatu, bitewe n’imvura nyinshi ivanze n’umuyaga. Nk’uko vyemezwa na musitanteri wa komine Bukinanyana, Christian Nkurikiye, imitumba yakozweko cane ni Masango, Kibati, Kibaya na Burimbi. Akanavuga kandi ko n’ibiraro vyabomotse nk’igifatanya Ndora na Kiruhura, n’igifatanya Masango na Ndora. Uyo mutware agasaba abanyagihugu gufashanya muri ibi bihe bitoroshe, kugira n’ababomorewe amazu ntibabure aho bakika umusaya.
V. Igihano c’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose, ni co sentare nkuru y’igihugu ya Kayanza yaciriye kuri uwu wa kane, abagabo babiri bavukana bo ku musozi Kivuruga, komine Gatara n’intara ya Kayanza. Abo bose bakaba bagiriwe n’ukuba ku musi w’Imana uheze barishe umugabo yitwa Rénovat Ndikuriyo w’imyaka 22, yakora akazi k’ukwunguruza abantu kw’ipikipiki.
VI. Umukuru wa gisirikare iyo abonye ko umusoda yagavye aca amwugururiza urubanza, hama urwego rwa gisirikare rwitwa conseil de guerre ruca rukorana, uwo musirikare ari mu makosa agahanwa vyanse agakurikiranwa na sentare ya gisirikare. Bivugwa na Méthode Ndikumasabo, yahoze mu gisirikare c’Uburundi, umuhinga mu vy’amategeko, akaba n’umwigisha mu makaminuza y’akarere. Ni mu gihe havugwa abasirikare b’abarundi barenga 20 bagandaguwe mu ndwi iheze, ku ruzi Rusizi mu ntara ya Cibitoke, kubera banse kuja kugwana muri Congo. Iyo abasirikare barenze amategeko mu nyuma bakicwa, n’ubwicanyi ndengerabutungane. Uwatanze itegeko hejuru arakurikiranwa n’ubutungane.
VII. Ikurwaho ry’ibihano ku Burundi bwari bwafatiwe n’umuryango w’ibihugu vya Burayi mu mwaka wa 2016 ntiryafatiye ku mpinduka nziza zabaye mu gisata c’agateka kazina muntu. Hari bimwe mu vyakozwe vyiza mu mwaka wa 2020 na 2021. Aho harimwo irekurwa rya bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu, ariko si co cari gutuma ivyo bihano bivanwaho. Bivugwa na Carina Tertsakian, umushakashatsi mw’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi IDHB, mu kiganiro yahaye Télévision Renaissance, inyuma yaho hasohokeye iyo ngingo yo gukuraho ibihano ku Burundi.
VIII. Ishirahamwe rukristu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ryo mu gihugu c’ubufaransa ACAT France, mw’itangazo ryasohoye kuri uno wa gatatu, rivuga ko gusubira kwunga ubucuti kw’Uburundi n’ibihugu vya Bulaya bitisunze na gato intambwe Uburundi bugezeko mu gusubiza mu buryo ibijanye n’agateka ka muntu mu Burundi. Clément Boursin ajejwe akarere ka Afrika muri iryo shirahamwe.
IX. Kubona Uburundi busubira kugiriranira imigenderanire n’umuryango w’ibihugu vya bulaya nivyo gushima cane, naho imfashanyo atari yo yo nyene ituma ibihugu bitera imbere. Bishikirizwa na Faustin Ndikumana, umuhinga mu bijanye n’ubutunzi, inyuma yaho Uburundi bukuweko ibihano n’ivyo bihugu vya bulaya. Asaba abajejwe igihugu kuraba ivyari vyatumye izo mfashanyo zihagarikwa bigakosorwa burundu, ntibizohave vyongera kuba intambamyi.
X. Ibiciro vyo kwiyunguruza vyasubiwemwo mu gihugu cose, hakaba hiyongeyeko amafaranga mirongo itanu; n’ukuvuga cumi na bibiri n’ibice mirongo itandatu na gatatu kw’ijana (12,63%). Ivyo biciro bikaba vyashikirijwe n’umushikiranganji w’ubudandaji, gutwara abantu n’ibintu, amahinguriro n’ingenzi Marie-Chantal Nijimbere. Ico giciro kikaba kiri munsi y’amafaranga yari yashizweho n’umugwi ugizwe n’umuyobozi w’ubudandaji hamwe n’uwutwara abantu n’ibintu, aho bari bongeyeko amafranga ijana. Umushikiranganji w’ubudandaji asigurako icatumye ivyo biciro vyo kwiyunguruza biduga ngo n’uko ikiguzi c’igitoro caduze.
XI. Bamwe mu banyagihugu bavuganye na radiyo Inzamba bamenyeshako naho habaye akarusho amafranga yari yadugijwe akagabanuka, bari bakwiye kureka kuduza ibiciro kuko basanzwe bari mu buzima buzimvye.