Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 05/11/2019

Publié le 5 novembre 2019 par Rédaction

Uno musi ugize 15 abamenyeshamakuru bane Christine Kamikazi ; Agnès Ndirubusa ; Térence Mpozenzi ; Egide Harerimana n’umushoferi w’ikinyamakuru IWACU bafunzwe. Bafashwe ku musi wa kabiri igenekerezo rya 22 Gitugutu mu gihe bari bagiye gutohoza amakuru ku vyerekeye igitero c’abareberi i Musigati mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru babanje guhagarikwa baja gufungirwa mu gasho ka komine Bubanza; hanyuma bungururizwa mw’ibohero rikuru ry’intara ya Bubanza igenekerezo rya 26 ukwo kwezi nyene.  Bagirizwa gukorana n’abagizi ba nabi no guhungabanya umutekano w’abanyagihugu. Kw’igenekerezo rya 31 sentare nkuru y’intara ya Bubanza niho yafata ingingo yo kubagumiza mw’ibohero. Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru ; amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ; abanyepolitike ku rwego rw’igihugu no ku rwego mpuzamakungu ntibahengeshanya kwiyamiriza iryo fungwa. Bakavugako riteye isoni kandi ridakurikije amategeko. Basabako abo bamenyeshamakuru borekurwa vuba bwango;  atakirinze gusabwa.

Impinduka umukuru w’igihugu  Petero Nkurunziza aherutse kugira mu biro bikuru vy’iperereza ngo rigamije kwegeza inyuma abo bari basanzwe basangiye gufata ingingo mu ntumbero y’ukwo asigara ari we umwe rudende abazwa ivy’igihugu n’ivya CNDD-FDD. Ivyo vyemezwa n’indongozi muri uwo mugambwe  aho batumenyesha y’ukwo iyegezwa inyuma rya bamwe mu bihangange nka General Silas Ntigurirwa na General Etienne Ntakarutimana bivana n’uko petero Nkurunziza yarahiye ararengwa y’uko ku kibazo c’uwo musubirira atawundi akijejwe atari we wenyene. 

Abarundi iyo bava bakagera bari mu migambwe no mu mashirahamwe yigenga basabwa bashimitse kutitaba amatora ariko arategurwa na CNDD FDD yo mu mwaka wa 2020 kuko aje guhuma amaso aabantu ku mabi ariko arakorwa n’ubwo butegetsi. Ivyo biri mw’itangazo ridasanzwe ryasohowe kuri uyu wa 2 n’urunani rw’abanyepolitike batavuga rumwe na leta CFOR-ARUSHA. Jérémie Minani avugira urwo runani arasigura ivyo bafatirako.  

Hari umunyororo afungiwe mw’ibohero rya murembwe mu ntara ya Rumonge yasinzikarijwe ubuzima na bagenziwe bafunganywe bajejwe umutekano mw’ibohero. Ruyambu Gerard akaba ataronse n’uruhusha rwo kuja kwivuza, abarongoye ibohero ngo bakaba batinya ko agiye hanze yohava abwira abantu ingene abayeho ukwa wenyene kandi yaborejwe igufa. Abarongoye ibohero ariko tubabajije bavuga ko ubuzima uyo munyororo abayemwo batari babizi ariko ko bagiye kubibaza neza.

Amakuru yo mu ntara mu ncamake: tubabwira ihagarikwa ry’icegera c’uwurongoye umurwi w’intara ujejwe amatora I Bururi. Mu Cibitoke, ku murwa mukuru w’iyo ntara abadafise ivyangombwa bafashwe. Mu Kirundo naho hari umugabo afunzwe yagirizwa gushurashuza umwana

Ingoro y’umugambwe CNL yaraye ibomowe muri zone Rugari komine ya muyinga n’akarwi k’abantu bataramenyekana. Amakuru dukura muri bamwe mu ndongozi z’umugambwe muri iyo komine batubwira ko iyo ngoro yari yinjiwe icese itariki zibiri za kuno kwezi bagasaba ko ingoro zabo zokingirwa.

Umuhari MAP-Burundi buhire uriyamiriza ubwicanyi bumaze imisi buriko burakorwa hagati mu gisagara ca Bujumbura. Uwurongoye uwo muhari Emery Pacifique Igiraneza  agatangazwa n’ingene ubwo bwicanyi buba ukamengo ntacabaye mu gihugu citwa ko kirimwo abategetsi.

Ibindi bisa n'ibi