I. Hari umukenyezi yaraye yishwe acumiswe imbugita mu nda n’umugabo wiwe, ku mutumba Gahwazi agacimbiri Mugaruro muri komine Mpanda, n’intara ya Bubanza. Amakuru ava ku Mpanda avuga ko vyabaye ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana, bakavuga ko uwo mugabo yafashwe ubu ari mu minwe y’inyamiramabi ku mvo z’amatohoza.
II. Imbonerakure zaramaze kwigarurira ibibanza bimwe nk’ivy’abajejwe umutekano n’ubutungane. Ivyo binegurwa na Vital Nshimirimana, arongoye urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC. Ivyo akabivuga afatiye kw’ireresi yerekana umuntu yicaye mu vyatsi, imbonerakure z’i Nyanza-Lac ziriko zimutegeka gusaba ikigongwe imbonerakure zivuga ko yatutse. Aho bakaba bahavuye bamubwira ko urubanza rwiwe barusibije n’ukuvuga kumwica, ariko ngo ahirahiye agasubira, bazomukoza ico bashaka. Vital Nshimirimana akavuga ko izo mbonerakure zotegerejwe gukurikiranwa n’ubutungane.
III. Abigisha bahurikiye mu runani rw’ama sendika COSSESONA barashima intwambwe yashitsweko mu biganiro vyo kuri uyu wa mbere bagiranye n’umugwi w’igihugu ujejwe ibiganiro. Victor Ndabaniwe arongoye COSSESONA asigura ko umugwi w’igihugu ujejwe ibiganiro watahuye ko ingorane zihanze igisata c’indero atari umwigisha gusa.
IV. Igisata c’indero mu Burundi kirahanzwe n’ibibazo bitari bike harimwo kubura intebe abanyeshure bicarako. Biri mu cegeranyo cakozwe n’urunani FORSC rwakoze ku bijanye n’indero mu kwezi kwa mbere uno mwaka. Ico cegeranyo kivuga ko inda z’indaro ziterwa abanyeshure, abigisha bafatwa nabi n’ubutegetsi biri mu bituma indero itituka.
V. Hari ishirahamwe ririko ryishuza leta y’Uburundi ku ncuro igira gatatu amafranga arenga imiliyoni amajana indwi na cumi z’amarundi. Iryo shirahamwe SYTECORE ryoba rishaka kurihwa ubugira gatatu, kandi hariho irindi shirahamwe rizwi kw’izina rya ETS-EKA ryamaze kurihwa ku gikorwa iryo shirahamwe SYTECORE ryishuza. Mw’ikete ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta ryandikiye umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, rimusaba gukurikiranira hafi ico kibazo, kugira leta ntisahurwe ubutunzi. Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME.
VI. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye azokwitabira inama y’abakuru b’ibihugu n’ama leta agize umuryango w’Ubumwe bwa Afrika n’Ubumwe bwa Bulaya. Ayo makuru atangwa n’abamwegereye mu biro vy’umukuru w’igihugu. Iyo nama ikazotangura ku wa kane w’ino ndwi ihere ku munsi wa gatanu, i Bruxelles mu Bubiligi. Evariste Ndayishimiye kuva ashikiriye ubutegetsi, akazoba ari irya mbere yitabiriye inama zikomeye zibereye ku mugabane wa Bulaya.
VII. Imigwi ya New Star n’Urunani ni yo migwi itaratsindwa na rimwe mu nkino zo kurondera imigwi izokwitabira igikombe c’Uburundi bwose muri Basketball. Muri volleyball naho, Muzinga y’abakobwa na Rukinzo mu bagabo, ni yo yatwaye igikombe c’inkino z’intango mw’ihiganwa; mu gihe mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi Bumamuru ikiri mu kibanza ca mbere.