Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 15/02/2022

Publié le 15 février 2022 par Rédaction
I. Ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri, ni ho umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yafata urugendo rumushikana mu gihugu c’Ububiligi. Akaba yitavye inama igira iya gatandatu ihuza umuryango w’ibihugu vya bulaya, n’ibihugu vya Afrika, itegekanijwe ku wa 17 na 18 Ruhuhuma 2022. Agiye aherekejwe n’abandi 25, bamwe muri abo bakaba ari abakozi bo mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu, n’abakozi bo mu biro vy’umukuru w’igihugu. Mu vyo bazokwiga, hakaba harimwo ugusubira kwumvikana uko umuryango w’ibihugu vya bulaya ubandanya imigenderanire n’ibihugu vya Afrika, biciye mu masezerano y’i Cotonou.
II. Icegera c’uwurongoye umugambwe Sahwanya Frodebu, yiteze ko iyo nama yoba iyo kubandanya gukomeza amasezerano y’i Cotonou yari ahasanzwe. Léonce Ngendakumana agahamagarira abakuru b’ibihugu vya Afrika kumenyako ayo masezerano akwiye kwubahirizwa atawurinze kubashirako igitsure. Léonce Ngendakumana yabivugiye kuri radiyo Bonesha FM.
III. Hari umunyagihugu wo muri zone Gitaza ya komine Muhuta mu ntara ya Rumonge atabarizwa n’ababanyi biwe ko apfunzwe azira ubusa. Yafashwe yagirizwa kugandagura umukozi yakoresha, ariko amakuru ava iwabo w’uwo mukozi mu ntara ya Muyinga, akavuga ko ari muzima muhira iwabo. Basaba ko uwo apfunzwe yorekurwa, kuko ataco yagirizwa.
IV. Ubushikirangani bw’intwaro yo hagati bwarafashe ingingo yo guhagarika mu mabanga vy’imfatakibaza Gérard Hakizimana, musitanteri wa komine Vugizo mu ntara ya Makamba. Hari kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2022. Mw’itegeko rimuhagarika muri ayo mabanga, Gérard Hazimana yagirizwa kutubaha amategeko aba yahawe n’abamukurira, gukoresha nabi ubutunzi bwa komine no kutaba afise akarangamutima k’ugutunganya neza ubutunzi bwa komine. Iyo ngingo ikaba ifashwe inyuma yaho uwo arongoye komine Vugizo agiriye isanganya n’imodokari ya komine mu gihe atari afise uruhusha rwo kugendesha imodoka bita permis de conduire, hari mu ndwi twaraye turangije. Gérard Hakizimana akaba atigeze yoroherwa kuva ashikiriye amabanga yo gutwara komine Vugizo, kuko agitangura kurongora komine yarahatswe kugandagurwa n’umugwi w’abantu bitwaje ibigwanisho hari mu ntango za 2021. Ico gihe abatware batari bake bo hasi bakaba barahagaritswe ; abo aha nini bakaba bari abari mu mugambwe CNDD-FDD. Ahagaritswe kandi ata n’indwi iheze ubwo bushikiranganji nyene bufashe ingingo yo gukura mu mabanga musitanteri wa komine Nyabihanga mu ntara ya Mwaro, Adrien Ntunzwenimana. Uyo nawe akaba yagirijwe kuba atacizewe n’abanyagihugu arongoye, akongera kandi akaba yagirizwa gukora ibikorwa bihungabanya ubutunzi bwa komine. Muri ivyo hakaba harimwo kuba yafatanywe ibiro 1000 vy’isukari yari yanyegeje mu nzu iwe.
V. Abanyeshure 5.480 ni bo ibiro vy’indero mu ntara ya Kayanza vyamenye ko bahevye ishure mu mpera z’igice ca mbere c’ishure uno mwaka wa 2021-2022. Ubukene ngo buri mu bituma nyamukuru abanyeshure baheba ishure. Ubwo buyobozi bugasaba abajejwe intwaro gukorana n’abavyeyi mu guhimiriza urwaruka kwijukira ishure, kuko ariho baziga kazoza kabo.
VI. Leta ikwiye gushiraho imigambi yotuma abanyamitahe baza ari benshi mu Burundi, kugira abantu baronke ubuzi kugira imiryango yisununure mu vy’ubutunzi. Ivyo ngo vyotuma abavyeyi bashobora kwitaho indero y’abana babo bagashobora kubandanya amashure. Ivyo n’ibishikirizwa n’umuhinga mu vy’indero Libérat Ntibashirakandi. Abivuga mu gihe abanyeshure baheba ishure bavugwa no mu zindi ntara z’igihugu kubera ubukene bwugarije imiryango, ibitigiri vy’umurengera bikibonekeza cane cane mu ntara za Cibitoke, Bubanza, Makamba na Muyinga.

Ibindi bisa n'ibi