Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 18/02/2022

Publié le 18 février 2022 par Rédaction
I. Inama iriko ihuza ubumwe bwa Bulaya n’umugabane wa Afrika irangira kuri uyu wa gatanu. Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yimirije guhura ejo n’abarundi baba mu Bubiligi. Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ari kumwe na bamwe mu Barundi basanzwe baserukira abandi mu mahanga, ahamagarira abarundi bose bari mu bihugu vya Bulaya kwitaba imyiyerekano yo kwiyamiriza ubwicanyi hamwe n’itotezwa ry’agateka ka zina muntu, biguma vyibonekeza mu Burundi izoba kuri uyu wa gatandatu. Vital Nshimirimana arongoye urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC akamenyeshako igihugu c’Uburundi categerezwa kuguma gishinzweko ijisho kugira ngo gihindure ingendo.
II. Ibiharuro bijanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu vyashikirijwe n’umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu ngo biratandukanye n’ukuri ariko ngo n’intambwe ko bahaye bemera ko hari abantu baburwa irengero. Bishikirizwa na Jean-Claude Ntiburumusi, ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe rukristu rijejwe kugwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi. Asaba ariko Gélase Daniel Ndabirabe arongoye inama nshingamateka kumenya ikibanza ciwe, agafasha kugira ukuri kumenyekane aho gutoteza abari ku kivi.
III. Abasirikare bagera kuri 20 ngo bishwe bazira ukuri mu gusaba urupapuro rw’inzira rubaha uruhusha rwo kwinjira mu gihugu ca Congo iharanira demokarasi. Igandagurwa ryabo ngo ryari rikwiye kubera icigwa abasirikare b’Uburundi, kugira ntibarwe mu mutego wo kuja mu bikorwa vya gisirikare ku nyungu atari iz’igihugu. Bisigurwa na Chauvineau Mugwengezo arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga. Avuga ko abo basirikare babaye nk’icungu mu kwanka kujabuka kugwanira ku butaka bwa Congo ata ruhusha.
IV. Hari umunyagihugu wo mu gihugu ca Kenya yafashwe kuri uyu wa kane ku kibuga c’indege Jomo Kenyatta, afise ivalise y’amafranga imiliyoni zibiri z’ama dolari ya amerika. Uyu mugabo akaba yaravuye mu Burundi. Ibanki BCB ikaba yasohoye itangazo kuri uyu wa kane nyene rivuga ko iyo valise y’amahera ari iyayo, kandi ko bisanzwe biri mu bikorwa vyayo vya misi yose.
V. Amafranga nk’ayo afatanywe ingenzi aba ari amafranga adaciye mu muco. Bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe rihimiriza guhindura ingendo PARCEM. Ku bwiwe, ngo biratangaje kubona uwayafatanywe adashobora kubisigura. Faustin Ndikumana asaba ko hokorwa amatohoza, ahandi ho bitanga isura mbi ku mabanki yo mu Burundi.
VI. Hari ubwato bw’umurundi yitwa Rafiki Abraham Diego bwibiye  mu mazi y’ikiyaga Tanganyika mu bice vyegereye intara ya Kigoma mu gihugu ca Tanzaniya. Ubwo bwato bwari buzanye ibikoresho bikoreshwa n’ihinguriro rihingura isima BUCECO, bwari buvuye ku Kivuko ca Mpulungu mu gihugu ca Zambia. Abari mu bwato bose barakize kuko ubwato bw’abasirikare barwanira mu mazi b’igihugu ca Tanzaniya bwaratabaye hakiri kare. Abahinga mu bijanye n’ingendo z’ubwato mu mazi bakavuga ko bishobora kuba vyatumwe n’ubugenduzi bwoba butifashe neza muri kino gihe, cane cane mu kugenzura ko ubwato bukorera mu kiyaga Tanganyika bukwije ibisabwa mu bijanye n’ubuhinga.
VII. Abarundi barenga ibihumbi 7 ni bo bamenyekana ko barwara cancer ku mwaka ku mwaka mu Burundi. Vyashikirijwe na muganga Jean De Dieu Havyarimana, arongoye umugambi w’igihugu wo kurwanya indwara zidakira kandi zitandukira. Hari kuri uno wa gatanu, igihe hariko harahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara ya Cancer. Kubwa  Dr Jean De Dieu Havyarimana, mu Burundi, hari benshi batorwa cancer ariko zaracerewe kuvugwa, aho usanga n’imiti yayo itabaho mu gihugu.

Ibindi bisa n'ibi