Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 21/02/2022

Publié le 21 février 2022 par Rédaction
I. Abasirikare bashika ijana n’imbonerakure zitaramenyekana igitigiri bariko begeranywa ngo baje gufasha mu ntambara zimaze amezi abiri arenga, zihuza imigwi y’abarundi bitwaje ibirwanisho n’abasirikare, mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko mu gihugu ca republika y’intwaro rusangi ya Congo. Abo basirikare bariko begeranywa mu ntara ya mbere, iya kabiri n’iya gatatu kugira baje gusubiriza abarwaye. Leta y’Uburundi biciye ku mushikiranganji wo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba arahakana ko ata basirikare b’Uburundi bari mu gihugu ca Congo.
II. Abakenera impapuro z’inzira barasaba umukuru w’igihugu kugira ico akoze, kugira abitura ibiro vya PAFE bijejwe abinjira n’abasohoka bave mu kaga barimwo. Barerekana ko baruhishijwe n’igiturire, aka mwana wa mama, n’akajagari karangwa mu gisata kijejwe gutanga izo mpapuro. Kubona ivyo haheze amezi arenga atatu bidakosorwa, bitera agashavu abahitura.
III. Imyiyerekano yakozwe n’abarundi baba ku mugabane wa bulaya yo kwiyamiriza ubwicanyi bukorwa n’intwaro y’umugambwe CNDD-FDD ntiyanezeye Varisto Ndayishimiye. Ivyo yabishikirije mw’ijoro ryo kuri uyu wa mungu ku kibuga c’indege i Bujumbura, mu gihe yarashitse avuye mu gihugu c’Ububiligi, mu nama igira 6 y’abakuru b’ibihugu vy’ubumwe bwa bulaya na Africa. Evariste Ndayishimiye yisiguye avuga ko abarundi bose bavuga ibitagenda neza mu gihugu, bakabitorera inyishu.
IV. Bamwe mu bagize iyo myiyerakano ntibatevye kugira ico babivuzeko: Vital Nshimirimana arongoye urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, FORSC, avuga ko atacari kunezera Varisto Ndayishimye kuko vyerekana ubwa mbere ko intwaro arongoye ikorera amabi abanyagihugu. Akavuga ko ata gitangaje kubona Evaritse yita abansi abari mu myirekano yo kumwiyamiriza, kuko bariko bavugira imiryango myishi iguma yicirwa ababo n’umugambwe CNDD-FDD.
V. “Abarundi benshi na jewe ndimwo, barifuza gutaha mu gihugu cabibarutse, ariko bakabibuzwa n’umutekano muke ubandanya uri mu gihugu, aho usanga n’abagize ngo baratahutse bashika bagirirwa nabi”. Ivyo ni bimwe mu vyo Pierre Claver Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH, ryitaho agateka ka muntu n’ak’abanyororo. yabwiye umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Hari ku wa gatandatu uheze i Bruxelles. igihe yabonana n’abarundi baba mu gihugu c’Ububiligi no mu micungararo yaho. Pierre Claver Mbonimpa avuga ko n’umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu uherutse kwemanga ko hari amabi abandanya akorwa mu gihugu. Ku bwiwe ngo biragoye gutaha mu gihe ibintu bikimeze ukwo.

VI. Pierre Claver Mponimpa yatanga umuco mu gihe hari abariko bibazako yoba ariko aritegura gutahuka.

VII. Colonel Pontien Baritonda aracapfungiwe mw’ibohero rya Bubanza inyuma y’amezi 14 arekuwe n’umugwi w’abacamanza ba sentare isubiramwo imanza ya Muha, bita Chambre de Conseil mu gifaransa. Iyo ngingo ikaba yafashwe muri Kigarama umwaka wa 2020. Ivyo bikaba bitangaza abize amategeko. Umushingwamanza Gustave Niyonzima abibonamwo ingingo ya politike, kuko kuva ico gihe cose ata kindi caha canke ikirego sentare iraronka cosigura ipfungwa ryiwe.

VIII. Abarimyi bo muri zone Rugazi komine Kabarore, mu ntara ya Kayanza baridoga, bavuga ko bataronswa ifumbire y’ishirahamwe FOMI kandi barishe amafaranga imbere. Bavuga ko mu gihe ukwezi kwa gatatu kwogera batararonswa iyo fumbire, ata co izoba ije kubamarira kuko umwaka uzoba wabajanye, bagasaba nyabuna kuwuronswa hakiri kare.

IX. Ubukene bw’isukari burabandanya kwibonekeza mu gisagara ca Rumonge. Ni mu gihe ishirahamwe SOSUMO rihingura isukari riheruka gutanga amatoni angana na mirongo ibiri n’atanu muri iyo ntara. Abanyagihugu bagasaba ababarongoye gukurikirana abaronswa iyo sukari aho bayijana, kuko atayiboneka mu mazu y’ubudandarizo.
X. Umugwi nserukiragihugu w’abigeme kuri uno wa mbere ni ho waronka uburenganzira bwo kuzokina igikombe ca Afrika c’umupira w’amaguru kizobera muri Maroc, kuva igenekerezo rya 2 gushika irya 23 z’ukwezi kw’indwi. Muri basketball naho, umugwi w’Urunani mu nkino zitangurira izindi mw’ihiganwa ry’Uburundi muri basketball ni wo wonyene utaratsindwa mu nkino 4.

Ibindi bisa n'ibi