I. Mu kiganiro n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, mu gihe yari mu rugendo i Buruseri mu Bubiligi, ku kibazo c’ibohero rikuru rya Gitega ryahiye, Pierre Claver Mbonimpa avuga ko baronse akanya ko kwereka umukuru w’igihugu ko abanyorororo bahaguye ari benshi gusumvya ibitigiri vyashikirijwe, kandi ko vyari ngombwa ko bahambanwa iteka. Umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu n’ak’abanyororo APRODH asaba ko ico kiganiro umukuru w’igihugu yagiranye n’abarundi baba mu Bubiligi no mu bihugu bihana imbibe cocishwa kuri Television y’igihugu mw’ido n’ido, kuko ngo cari ngirakamaro ku banyagihugu.
II. Umukuru w’umugambwe CNL amenyesha ko umugambwe arongoye utigeze utegura canke ngo witabire imyiyerekano yo kwiyamiriza amabi akorwa na leta y’Uburundi, imyiyerekano yabaye ku munsi wa gatandatu i Buruseri mu Bubiligi ku cicaro c’umuryango w’ibihugu vya bulaya. Mu kiganiro yahaye radiyo Isanganiro, Agathon Rwasa amenyesha kandi ko umugambwe arongoye udacuditse n’umugwi n’umwe urwanira mu buseruko bw’igihugu ca Congo. Agathon Rwasa akaba abivuze inyuma yaho umukuru w’igihugu yagirije umugambwe CNL ko watunganije imyiyerekano yitabiriwe n’abarundi baba mu Bubiligi.
III. Umukuru w’igihugu yarakwiye gusubiramwo politike yiwe ikaba iyihuza abarundi gusumba kubatandukanya. Ivyo bivugwa na Faustin Ndikumana arongoye PARCEM, ishirahamwe rihimiriza abarundi guhindura ivyiyumviro kugira bashike kw’iterambere rirama. Ku bwiwe, ibiherutse kubera mu Bubiligi aho Evariste Ndayishimiye yahora mu rugendo, vyerekana neza ko impinga ikiri ndende kugira abarundi basubize hamwe. Faustin Ndikumana akabona ko ari co gituma vyari bikwiye ko haba ibiganiro bihuza abarundi bose ata n’umwe asigaye inyuma, kuri ico kibazo.
IV. Gutsimbataza amasezerano y’ubumwe bw’abarundi biracari kure nk’ukwezi mu Burundi. Ivyo tubisanga mu mwihwezo wakozwe n’ishirahamwe SOS-Torture mu cegeranyo gisohoka buri kwezi. Aimé Kwizera ajejwe ibikorwa muri iryo shirahamwe, agaruka ku bijanye n’amajambo yashikirijwe n’abategetsi batandukanye, igihe Uburundi bwahimbaza imyaka 31 buteye igikumu kuri ayo masezerano, hari kuwa 5 Ruhuhuma uyu mwaka.
V. Ibitigiri vy’abandura umugera wa corona vyaragabanutse cane mu gihugu. Bimenyeshwa n’umugwi w’igihugu ujejwe kurwanya ikiza ca Covid-19, hari kuri uyu wa mbere. Uwo mugwi umenyesha ko abandura bari munsi ya 20 ku munsi. Dr Sylvie Nzeyimana, umushikiranganji w’amagara y’abantu yavuze kw’izina ry’uwo mugwi, asaba abanyagihugu kutadohoka mu kubandanya bakurikiza ingingo zo kwikingira Covid-19.
VI. Abarimyi bo mu ntara ya Ngozi baridoga bavuga ko bataronswa ifumbire y’ishirahamwe FOMI kandi barishe amafaranga imbere. Bavuga ko bayirondera mu mazu yose yagenewe kuyitanga bakabura. Babona ko igihe co guteragira kizohava kibajana, bagataha zirayoye. Basaba ababijejwe kubaronsa iyo fumbire, ahandi hoho bazicwa na kigoyi mu misi iri imbere.
VII. Sentare ntahinyuzwa y’igihugu ca Kenya yafashe ingingo yo gufata amafranga agera ku miliyoni 2 z’ama dolari y’abanyamerika mu kiringo c’iminsi 90. Ayo mafranga akaba yafatiwe ku kibuga c’indege mu ndwi iheze, avuye i Bujumbura mw’ibanki BCB. Iyo ngingo y’ubutungane ikaba ifashwe mu ntumbero yo gukora amatohoza kugira ukuri kw’iyo ayo mafranga yaragiye kumenyekane.