I. Mu gihe yari atahutse avuye mu gihugu ca republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, umukuru w’igihugu yavuze ko imigenderanire y’Uburundi n’Urwanda iriko itera intambwe, mu gihe intumwa za leta y’Uburundi zakiriwe mu gihugu c’Urwanda kugira bige icokorwa ngo abagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi batahukanwe kwitaba ubutungane. Evariste Ndayishimiye yabishikirije agishika ku kibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye.
II. Kuri uwo mubonano wabaye mu gihugu c’Urwanda intumwa za leta y’Uburundi zari zirongowe n’umushikiranganji w’ubutungane, Domine Banyankimbona yabonanye na mugenzi we w’Urwanda. Icavuye muri iyo mibonano nticashikirijwe icese. Tukibutsa ko leta y’Urwanda yamaze kwerekana ko idashobora guhonyanga amategeko akingira impunzi, mu gihe leta y’Uburundi yobasaba gutanga abantu bari mu minwe ya HCR.
III. Abantu barenga 60 baragandaguwe, muri abo abarenga 30 batowe ibiziga, batanu baraborejwe igufa, batandatu nabo baranyuruzwa. Biri mu cegeranyo c’indwi zitatu ziheze casohowe n’umuhari uharanira agateka ka zina muntu Iteka. Kubwa Egide Havugiyaremye, ajejwe ugutumatumanako amakuru muri uwo muhari, imbonerakure na bamwe mu bakozi b’ibiro bikuru vy’iperereza baradomwako urutoke kuba bari hejuru y’ayo mabi.
IV. Ingingo yo kubuza ama pikipiki, amakinga n’ama moto bita Bajaj kwinjira mu gisagara hagati ca Bujumbura ni ntabanduka. Vyaraye bishikirijwe kuri uyu wa kane n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca. Hari mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe mu gihe yariko arishura ku bibazo vy’abashingamateka. Uyo mushikiranganji yamenyesheje ko ari igikorwa casabwe n’igipolisi inyuma yo kwerekana ingene amasanganya yama aterwa n’ivyo vyuma.
V. Ingingo ya 47 y’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi iravuga ko uburenganzira bwa kiremwa muntu, ukwishira no kwizana kwiwe n’agateka kiwe bigabanywa biciye mu matora y’inama nshingamateka na nkenguzamateka. Nta mushikiranganji ashobora gufata iyo ngingo, eka n’umukuru w’igihugu ntabirekuriwe. Bishikirizwa na Emmanuel Nkengurutse yahoze ari umukenguzamateka, aho amenyesha ko ivyo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yakoze mu gufatira ingingo abagendesha amapikipiki, n’amakinga ari ibiterasoni.
VI. Iyo ngingo yo kubuza ipikipiki, amakinga na tuktuk kwinjira mu bice bimwe vy’igisagara ca Bujumbura izogira ingaruka ku butunzi bw’imiryango n’ubw’igihugu. Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME yishinze kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, arerekana ko ivyo vyose vyahora bitunze imiryango ibihumbi n’ibihumbi bikongera bikinjiza amatagisi. Avuga ko rero leta yokwitegurira guhangana n’ingaruka zizoterwa n’iyo ngingo ije kwunyura ubukene imiryango itari mike yarisanzwemwo.
VII. Ibinyobwa vya Brarudi bisigaye ari umuzi w’ibuye mu gisagara ca Ngozi. Ikiringo kirenga amezi 2 kiraheze ivyo binyobwa biboneka nabi nabi, bamwe mu babicuruza bakaba bahisemwo kwugara ububare. Iyo hagize na bikeya bibonetse, bitangwa kukimenyane kuko ababitanga baza bafise intonde z’ababironka.