Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 28/02/2022

Publié le 28 février 2022 par Rédaction
I. Umuntu umwe yarishwe, uwundi arakomereka cane n’imipanga. Ivyo vyabaye mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana ku misozi ya Mirombero na Muzenga muri komine Murwi, intara ya Cibitoke. Abo bagabo babiri bari bagirizwa kuroga boba bazize ukwihanira kw’abanyagihugu, nk’uko uwurongoye iyo komine abivuga.
II. Abanyagihugu bo ku mutumba Kibati wa komine Kabarore y’intara ya Kayanza, baratewe umutima uhagaze n’imyimenyerezo ya gisirikare ihakorerwa n’imbonerakure, ziza zivuye ku mitumba yose igize zone Rugazi. Bavuga ko baterwa ubwoba cane cane n’amajambo avugwa n’abari muri iyo myimenyerezo, bagasaba ko yohagarara.
III. Imvura y’igihuhusi, irimwo urubura n’umuyaga mwinshi yaguye ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere, mu bice vya Ruvumvu, Ngogo na Ruteme muri komine Bugarama y’intara ya Rumonge. Abanyagihugu bakavuga ko imirima itari mike yononekaye. Basaba abajejwe intwaro n’abagiraneza kubagarukirako.
IV. Mu Burundi harakenewe ayandi mashirahamwe afasha mu gutabara abanyagihugu mu gihe c’ibiza, kugira afashe ayasanzwe ahari muri iki gihe. Leta ikaba itegekanya gutanga inyigisho mu bibanza bihuriramwo abantu benshi, nko kwa muganga canke ku mashure kugira habonekemwo umugwi ufasha muri ivyo bihe vy’ibiza. Ivyo bishikirizwa na Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi, hari kuri uyu wa mbere mu gihe buca hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe gukinga impanuka.
V. Gushikiriza Uburundi abakekwa gushaka gutembagaza ubutegetsi muri 2015, ngo bisaba ko habaho amasezerano yo guhanahana inkozi z’ibibi hagati y’Uburundi n’Urwanda. Umwihwezo n’uw’umushingwamanza Salvator Minani, umuhinga mu bijanye n’amategeko. Ku bwiwe ngo hamwe abo bakekwa gushaka gutembagaza ubutegetsi boba ari impunzi, ngo ntibizokunda ko batangwa mu Burundi kuko bakingiwe n’amasezerano mpuzamakungu agenga impunzi. Muri ico gihe kugira bikunde batangwe, umushingwamanza Salvator abonako Urwanda ruzohitamwo gushimisha Uburundi canke kwubahiriza amategeko mpuzamakungu. Umushingwamanza Salvator Minani akaba yabivugiye kuri radio Isanganiro. Uwo mwihwezo uje inyuma y’aho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye amenyesherejeko Uburundi n’Urwanda biriko birigira hamwe ingene abashatse gutembagaza ubutegetsi boshikanwa mu gihugu.
VI. Naho hibonekeza ingorane zifatiye kw’ihindagurika ry’ibihe kw’isi yose, icizere kiriho ko ibintu bishobora guhinduka ibihugu bibishizemwo inguvu. Biri mu cegeranyo c’umugwi mpuzamakungu ujejwe kugenzura ibijanye n’ihindagurika ry’ibihe GIEC. Uwo mugwi ukaba washikirije ico cegeranyo kuri uyu wa mbere, mu nama igira gatanu y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU iriko irabera mu gihugu ca Kenya ku bijanye n’ihindagurika ry’ibihe, inama yatanguye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 28 z’ukwezi kwa kabiri, ikazohera italiki 2 z’ukwezi kwa gatatu buca gutangura. Ico cegeranyo kikavuga ko ama dolari arenga imiliyaridi 120 asohoka buri mwaka, ata gikozwe kuva mu mwaka wa 2030 gushika muri 2050 hazoza harasohoka ayarenga ayo hafi incuro zirenga zibiri.
VII. Ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi, umusi wa 23 warangiye, Bumamuru yatsinzwe na Musongati isumvya Athlético New Oil amanota atatu. Muri basketball naho, imigwi ya Remesha n’Urunani ifise intsinzi zine zine, iriko yegereza amanota yotuma ija mw’ihiganwa y’igihugu cose.

Ibindi bisa n'ibi