I. Ikiziga ca Adjudant-Chef Nduwimana Mevin batazira Buregeya casanzwe mu buruhukiro bw’ibitaro vyitiriwe Prince Régent Charles kuri uno wa gatatu. Akaba yahora akorera mu biro bikuru vya gisirikare i Bujumbura, mu gisata kijejwe abakozi G1. Hari haheze iminsi ine umuryango wiwe utazi irengero ryiwe. Abamubonye ubwa nyuma, bavugako yari kw’isoko ryo kuri Cotebu ku mugoroba wo ku musi w’Imana uheze. Abegereye umuryango wiwe bavuga ko yoba yaragandaguwe. Mu muryango wiwe bagasaba amatohoza kuri urwo rupfu rurimwo igipfungu. Mu gipolisi bavugako batanguye amatohoza. Adjudant-Chef Nduwimana Mevin akaba yavuka ku mutumba Nyabisindu, agacimbiri mu Ngwa muri komine Musongati y’intara ya Rutana. Akaba yari no ku rutonde rw’abasirikare bariko bitegurira kuja muri Somaliya muri bataillon ya 65.
II. Umurundi wo mw’ikambi ya Nduta muri Tanzaniya yaraye yishwe, abanje guhohoterwa n’abapolisi b’ico gihugu mu gihe yariko arondera guhungana umuryango wiwe mu gihugu ca Kenya. Amakuru atangwa n’uwo muryango yemeza ko Jean-Bosco Barankunda bamuhoye ko yabimye amafranga.
III. Igihugu ca Tanzaniya gisabwa gukora amatohoza yerekana abagandaguye uyo muntu kandi bagakurikiranwa n’ubutungane. Ivyo n’ibishikirizwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, umwe mu baharanira agateka ka zina muntu. Aributsa igihugu ca Tanzaniya ko cemeje amasezerano yo gukingira impunzi, ariko kandi ko mu gihe kidashoboye kubakingira, gikwiye kubareka bakaja kurondera ubuhungiro ahandi.
IV. Umwana w’umuhungu w’imyaka 9 arafunzwe haraheze indwi zitatu, mw’ikambi y’abasirikare ya Gatumba. Yitwa Charité Nduwayo, avuka muri komine n’intara ya Muramvya, ku mutumba Mugomere. Yagirizwa kugurisha ikinga yakoresha mu kwahira ubwatsi bw’inka z’icegera c’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare Général Major Habimana Jean–Paul, batazira Bishinga. Amakuru atangwa na bamwe mu bungere b’inka akavuga ko iryo kinga ryazimiye rifiswe n’umusirikare wo muri bataillon ya 111 camp Gatumba, bagasaba ko uwo mwana arekurwa.
V. Abantu 26 ni bo bamenyekanye ko bagandaguwe, 2 baraburwa irengero, nayo abagera kuri 14 barasinzikarizwa ubuzima mu buryo butandukanye. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe rukristu ACAT Burundi, rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Ni icegeranyo gishira ahabona amabi yakozwe mu kwezi kwa kabiri guheze. Kubwa Augustin Nimubona ajejwe kumenyesha amakuru muri ACAT Burundi, abakekwa gukora ayo mabi ni abakozi b’iperereza hamwe n’urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD. Abakorerwa ayo mabi na bo harwiriyemwo abanywanyi b’umugambwe CNL n’abasoda bahoze mu gisirikare ca kera abo bita aba EX Fab.
VI. Urunani CBDH-VICAR ruharanira agateka k’impunzi ziba mu makambi, rusaba umukuru w’igihugu ca republika iharanira demokarasi ya Congo kwimurira impunzi z’abarundi mu turere turimwo umutekano. Léopold Sharangabo, icegera c’umukuru w’iryo shirahamwe, mw’ikete yandikiye umukuru w’igihugu ca Congo, atabariza impunzi z’abarundi ziri mu makambi ya Mulongwe na Lusenda zirara ntibuca, kubera umutekano muke.
VII. Umugambwe MSD urasaba ushimitse ishirahamwe ry’ibihugu vya kano karere riraba ivyerekeye amahoro, umutekano n’ugufashanya hagati y’igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Congo n’ibihugu bibanyi kugondoza abategetsi b’Uburundi, kugira ngo bashire mu ngiro umugambi wo gukomeza ibiganiro n’intwaro idakumira. Ico na co akaba ari kimwe mu vyo bashize mu nama iryo shirahamwe riherutse gutunganya kw’igenekerezo rya 24 ukwezi guheze kwa kabiri. Iyo nama mbere ikaba yaritabwe n’umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye. Mw’itangazo umugambwe MSD wasohoye, ubonako abategetsi b’i Burundi batobandanya bavuga amajambo asosa gusa mu vyo bakora, ahubwo imvugo yojana n’ingiro.