Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 03/03/2022

Publié le 3 mars 2022 par Rédaction
I. Abakoresha amakinga, amapikipiki na za TukTuk muri komine Mukaza y’igisagara ca Bujumbura, basaba ko ikiringo catanzwe n’umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu, iterambere ry’ama komine n’umutekano ngo babe bahavuye cokongerezwa. Ivyo babisavye mu nama yabahuje n’abarongoye komine Mukaza ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu. Ibibazo babajije bifatiye ku kungene ubuzima butagiye kworoha kubera iyo ngingo. Musitanteri wa komine Mukaza, Rénovat Sindayihebura, abakurira inkoni ku gishitsi ko ingingo itegerezwa gukurikizwa kandi mu kiringo cashinzwe n’umushikiranganji.
II. Ingingo iherutse gufatwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ibuza amakinga, ama pikipiki na tuktuk gushika mu bice vyinshi vy’igisagara ca Bujumbura ntiyisunze ubukene busanzwe bwugarije abanyagihugu. Ivyo biri mu rwandiko ishirahamwe PARCEM ryiyemeje gukangurira abarundi guhindura ingendo, ryarungikiye kuri uyu wa gatatu umushikiranganji Gervais Ndirakobuca. Faustin Ndikumana, arongoye PARCEM yibutsa ko iyo ngingo ubwayo ica kubiri n’amategeko arekurira abanyagihugu kwidegemvya.
III. Hagufata iyo ngingo iza kwongerereza ubukene abanyagihugu, Faustin Ndikumana ashikiriza icipfuzo ko hakwiye kwongerezwa ubumenyi mu gipolisi c’Uburundi kugira gishobore gusuzuma ibijanye n’umuvuduko ku batwara ivyo vyuma. Akabona ko hakurikijwe amategeko ata cobuza ko abo banyagihugu baguma bakora n’amasanganya agahera.
IV. Kuva kuri uyu wa kane, abakenyezi barafise ibanki igiye kubaha ingurane yo kwiteza imbere mu migambi yabo. Iyo banki BIDB (Banque d’investissement et de développement du Burundi mu rurimi rw’igifaransa) yuguruwe n’umukuru w’igihugu mu ntara ya Gitega. Umutahe ugera ku bice 15 kw’ijana watanzwe na leta, nayo uwugera ku bice 85 kw’ijana utangwa n’ama komine, ibitanga umutahe ugera ku miliyaridi 10 z’amafranga y’amarundi. Evariste Ndayishimiye yahamagariye abakenyezi kuja hamwe mu mashirahamwe canke ama koperative kugira bazoronke ingurane z’iyo banki, mu ntumbero y’ukwo abakenyezi badasigara inyuma mu kwiteza imbere, co kimwe n’abagabo.
V. Imyidogo ni myinshi mu muryango wa Jean-Bosco Barankunda, impunzi y’umurundi yahora aba mw’ikambi ya Nduta muri Tanzaniya amaze imisi 2 yiciwe i Mwanza, akubiswe amahiri na bamwe mu bapolisi b’ico gihugu. Ico gipolisi carahiye kirarengwa ko ata buryo gifise bwo gusubiza mw’ikambi ya Nduta ikiziga c’iyo mpunzi. Ni mu gihe umuryango wiwe wasaba kumuhambana iteka.
VI. Kubwa Frédéric Bamvuginyumvira atwara urunani rw’abatavuga rumwe na leta y’i Gitega, CFOR Arusha; ngo leta ya Tanzaniya yari ikwiye gukurikirana ico kibazo, kuko umurundi ari muri Tanzaniya arafise ububasha bwo kuvayo akaja ahandi. Agasaba abarundi bose bari aho gufatana mu nda, bakaraba ingene borwanira agateka kabo.
VII. Mu makuru ya politike afatiye ku ntambara zivugwa muri Ukraine, ku musi w’ejo ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryaratunganije amatora ku ngingo ijanye n’ibitero Uburusiya bumaze imisi bugira muri Ukraine. Ibihugu 141 bikaba vyarashigikiye iyo ngingo, 5 bitora oya, ibindi 35 bitora ko ataho bihagaze. Muri ivyo vya nyuma hakaba harimwo Uburundi. None n’iyihe nsiguro umuntu yoha ko Uburundi buvuga ko ataho buhagaze kuri ivyo bitero? Ku bw’umwigisha Gérard Birantamije, umuhinga mu vya politike, ngo n’ugusubiriza mu nkoko igihugu c’Uburusiya, kubera ico gihugu cagumye inyuma leta y’Uburundi igihe ibindi bihugu vyari vyayifatiye ibihano kubera amabi adasanzwe yaranga ubwo butegetsi.

Ibindi bisa n'ibi