I. Amasezerano ya leta n’ishirahamwe BMM ricukura Nickel y’I Musongati, yari yisunze itegeko rigenga ubutare bw’Uburundi naho aherutse guhagarikwa n’ingingo y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Amakuru dukura mu batwara mu 2014 igihe ayo masezerano yaterwako umukono, avuga ko yatomora neza uruhara rw’iryo shirahamwe, ariko nta ntambwe yigeze iterwa n’impande zibiri zerwa n’ayo masezerano.
II. Abarimyi bo mu ntara za Kayanza na Karuzi baridoga ko umwaka w’irima wagiye, bataronkejwe ifumbire barihiye amafranga. Isango ryari ryatanzwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ko mu misi cumi izoba yabonetse, bararindiye amaso ahera mu nzira. Basaba kumenyeshwa aho ingorane yabereye ntibame bahabwa isango ridashika.
III. Ikena ry’ifumbire mu gihugu cose ntiritahuritse. Ivyo bishikirizwa na Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC, rudaharanira ivyicaro vya politike. Ahamagarira abarimyi n’abari mu mashirahamwe y’uburimyi kumera magabo bakishuza leta, ikabaronsa iyo fumbire, na rirya abarundi benshi batunzwe n’uburimyi.
IV. Abakenyezi barenga 150 ni bo bagandaguwe kuva Evariste Ndayishimiye ashikiriye ubutegetsi kuva mu kwezi kwa gatandatu, 2020, abandi bakenyezi 3 baranyurujwe. Ivyo biri mu cegeranyo umuhari Iteka wakoze ku mabi yakorewe abakenyezi muri ico gihe, wongera ukirungikira umukuru w’igihugu. Anschaire Nikoyagize arongoye Ligue Iteka, avuga ko ishirahamwe arongoye ryipfuje kurungika ico cegeranyo kugira umukuru w’igihugu agire ico akoze mu gukingira abakenyezi, ariko n’abanyagihugu bose muri rusangi.
V. Leta itegerezwa gushira imbere y’ubutungane abakora amabi y’agahomerabunwa, itanguriye ku bo nayo nyene imaze kumenya. Ako kamo kari mu cegeranyo c’ishirahamwe rikurikiranira hafi agateka ka zina muntu mu Burundi, Initiative des droits de l’homme au Burundi mu gifaransa, IDHB mu mpfunyapfunyo. Carina Tertsakian, umushakashatsi muri iryo shirahamwe, aratanga uburorero bw’abahitanywe n’ayo mabi, be n’abayakoze.
VI. Kuva uno musi ikigo CNC gicungera ingene ibinyamakuru bikora kiramutswa umupfasoni Vestine Nahimana. Akimara gutorwa ijana kw’ijana n’abagize urwego nshingwabikorwa y’ico kigo, yamenyesheje ko agiye gufashanya n’izindi nzego na cane cane ibimenyeshamakuru mu ntumbero yo guteza imbere akazi kavyo. Ariko urunani rw’abamenyeshamakuru UBJ rubonako ata kinini umuntu yokwitega kuri uwo muyobozi mushasha w’ikigo CNC.