Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 11/03/2022

Publié le 11 mars 2022 par Rédaction
I. Inyuma y’amezi abiri n’igice mu muryango wiwe batazi iyo apfungiwe inyuma yogufatwa na Michel Ndikuriyo, yahoze arongoye iperereza mu ntara ya Rumonge, Canisius Nsabimana wo muri zone Minago ya komine n’intara ya Rumonge yarinjijwe ibohero rikuru rya Mpimba ku wa kabiri ku mugoroba. Mu begereye umuryango wiwe, barashima ko basubiye kwumva iyambu ryiwe, bagasaba ko yorekurwa kuko ataco ariko arazira.
II. Ifungwa rya Canisius Nsabimana ngo rirateye isoni kuko ryabaye hahonyanzwe amategeko ajanye n’ivyaha. Ivyo bivugwa na Jean-Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’ubutungane mw’ishirahamwe ACAT-Burundi, rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Ku bwiwe abafashe Canisius Nsabimana bakamunyuruza imisi n’iyindi hadakurikijwe amategeko, ni bo bari gufatwa bakabazwa icaha bakoze.
III. Imisi 10 ni yo yongewe abagendesha amapikipiki, Tuktuk n’amakinga kugira bibe vyavuye mu gisagara ca Bujumbura. Umushikiranganji Gervais Ndirakobuca yatanze ico kiringo kugira abo banyonga ivyo vyuma babe bavyandikishije, kuko ikizofatwa kitanditswe nyeneco azofatwa nk’umugizi wa nabi. Ni mu gihe vyari bitegekanijwe ko uno musi igenekerezo rya 11 Ntwarante ivyo vyuma vyose vyategerezwa kuba vyavuye mu gisagara.
IV. Aragabisha abashobora gutegura kwiyamiriza iyo ngingo yo kubuza amakinga n’amapikipiki gushika mu gisagara ca Bujumbura. Uwo ni umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu. Gervais Ndirakobuca avuga ko bamaze kubona ko hari intumbero yo gushaka kwihereza amabarabara mu kwanka iyo ngingo. Naho umushikiranganji avyita ko ari akaguma, umukuru w’igihugu we aherutse kwemeza ko atacobuza imyiyerekano, mu gihe abantu babuze aho bavugira.
V. Ku bw’umushingwamanza Janvier Bigirimana, yanonosoye ibijanye n’amategeko, iyo mvugo y’umushikiranganji Gervais Ndirakobuca iteye isoni mu gihe iyo ngingo yo kubuza ama pikipiki, Tuktuk n’amakinga kwidegemvya mu gisagara ca Bujumbura, iteye kubiri n’amategeko kandi ihohetera agateka ka zina murundi wese.

Ibindi bisa n'ibi