Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 14/03/2022

Publié le 14 mars 2022 par Rédaction
I. Hari umukenyezi yaraye yishwe anizwe ku mutumba wa Buramata, ni muri village ya mbere muri komine Gihanga mu ntara ya Bubanza. Ababanyi co kimwe na bamwe muri uwo muryango basanze mu gatondo k’uno wa mbere umwana ariko ararira wenyene mu nzu, basanga uwo mukenyezi yapfuye, baca baratabaza. Nta kanya kahaciye, umugabo wiwe yari yahunze yaciye yishikana muri commissariat y’igipolisi i Bubanza. Hafashwe kandi abandi bantu 3 bakekwako ico caha, bo mu muryango w’uwo mugabo, kuko ngo bari bateramanye gushika ku gihe c’isaha umunani z’ijoro, nk’uko vyemezwa n’umukuru w’umutumba wa Buramata.
II. Abantu batatu baritavye Imana, abarenga mirongo ibiri barakomereka ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana, biturutse  kw’isanganya ry’umuduga ryabereye muri komine ya Bukinanyana mu ntara ya Cibitoke. Muri abo bitavye Imana, harimwo abanyeshure babiri n’umwigisha bo kuri Lycée Musema iri muri komine Butaganzwa, mu ntara ya Kayanza. Abo banyeshure, baherekejwe na bamwe mu barezi babo, bari baje bava mu ntara ya Cibitoke mu mahiganwa y’umupira w’amaguru bise Umwizero.
III. Abantu babiri bo mu muryango umwe, baba ku mutumba Rukago wa komine Gahombo y’intara ya Kayanza, bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, kuva kuwa kane w’indwi iheze. Bari bamaze indwi zibiri zirenga baranyurujwe atawuzi irengero ryabo. Ivyaha bagirijwe n’abacamanza bo muri parquet y’igihugu ya Mukaza imbere y’uko barungikwa mw’ibohero, bifitaniye isano n’amafranga barungikiwe n’umuntu w’incuti yabo aba mu mahanga. Abacamanza bo muri parquet babagirije ko ayo mafranga ari ayakoreshwa mu guhungabanya umutekano. Ivyo abegereye umuryango wabo, bamirira kure, bagasaba ko abo bantu borekurwa, kuko bapfunzwe bazira umwikeko gusa.
IV. Hari umupfasoni apfunganywe n’abahungu biwe babiri haraciye amezi abiri, mw’ibohero rikuru ry’I Muramvya. Abo muri uyo muryango bakaba bababajwe no kubona muri ayo mezi yose, ababo batarigera barengutswa imbere ya sentare ngo bumvirizwe. Uyo muryango ukaba wagirizwa kugarariza ishirwa mu ngiro ry’ingingo ya sentare y’intango yo mu Rusaka yo kugabura itongo.
V. Amasengesho yarahungabanye mu mashengero yose ya EUSEBU akukira misiyoni Nyanza-lac, komine Nyanza-lac, intara ya Makamba kuri uyu w’Imana. Vyavuye ku kwiyamiriza iyinjizwa mu mabanga abavuga butumwa barenga 60,  bikozwe na pasteur wa mbere w’iryo shengero Labani Barankunda. Uyu nawe yaheruka gukurwa mu mabanga yiwe n’inama y’inararibonye muri iryo shengero, ariko aguma ashigikiwe n’umugambwe uri ku butegetsi muri iyo komine.
VI. Hari umukozi akorera ikigo c’umuhari w’aba scouts muri komine Matana mu ntara ya Bururi, ariko aratotezwa n’uwurongoye ico kigo. Ngo yarafashwe n’inzego z’umutekano aho i Matana kw’igenekerezo rya cumi kuno kwezi arapfungwa yibwa amafaranga yari afise, telefone n’igikoresho c’akazi. Ivyo vyose ngo vyaturutse kw’isuka yatiye, abo yayirungikanye ntibayisubiza. Atinya ko bashobora kumwirukana batamuhemvye amafranga bamufitiye yababa 100.000 vy’amarundi.
VII. Ingingo yo kubuza ama moto, amakinga na Tuktuk gukorera mu gisagara ca Bujumbura irimwo akarenganyo kagaragara ku bikorera utwabo. Bivugwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM ryiyemeje gukangurira abarundi guhindura ingendo, hari mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere bari kumwe na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe rirwanya igiturire OLUCOME. Bamenyesheje ko iyo ngingo biboneka ko yafashwe hatizwe ingaruka zayo ku butunzi bw’abanyagihugu, no ku gihugu muri rusangi.
VIII. Iyo nama ntiyashoboye gusozerwa kuko igipolisi cahavuye cinjira aho yariko irabera ku biro vy’ishirahamwe PARCEM, babamenyesha ko yohagarara kuko ata ruhusha basavye. Abamenyeshamakuru baca bahitana ibikoresho vyabo barataha.
IX. Ihiganwa ry’Uburundi mu mupira w’amaguru risigaje inkino 6 ngo rirangire. Bumamuru iracari mu kibanza ca mbere ikaba isumvya Athletico New Oil amanota abiri. Muri basketball naho, inkino zo kurondera imigwi izokina ihiganwa ry’Uburundi bwose hari haramutse hakinwa inkino zo ku musi w’indwi. Urunani ruri mu kibanza ca mbere, Dynamo nayo mu ca nyuma.

Ibindi bisa n'ibi