Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 15/03/2022

Publié le 15 mars 2022 par Rédaction
I. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yakiriye mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri intumwa z’igihugu c’Urwanda. Izo ntumwa, zari zizanye ubutumwa bw’umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame, zari zirongowe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi Général major Albert Murasira. Ku bw’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Evelyne Butoyi, ibiganiro vyari bihagaze kw’inagurwa ry’imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri. Mwokwibuka ko, kw’igenekerezo rya 10 nzero uyu mwaka, intumwa z’Uburundi zirongowe n’umushikiranganji ajejwe ibibazo vy’umuryango wa afrika y’ubuseruko zarabonanye, i Kigali, n’umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame. Izo ntumwa na zo nyene zikaba zari zitwaye ubutumwa bwa Ndayishimiye.
II. Umugwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB uherutse gusozera ikiringo c’imyaka itatu wari umaze wongewe, kugira uzobe wasozereye igikorwa cawo co gutatura amatati ya kahise, afatiye ku matongo. Mw’ikete ibiro vy’umukuru w’igihugu vyandikiye abarongoye uyo mugwi,  bawusaba gushikiriza ama dosiye yose akiriko arakorwa be n’imanza zacitse kugira zihabwe abandi babijejwe. Amadosiye arenga ibihumbi mirongo ibiri, ni yo asigaye gukorwa.
III. Umushingwamanza Vital Nshimirimana asigura ko abarundi bagiye kwiruhutsa kubera uwo mugwi CNTB ubavuyeko. Ariko ku bwiwe naho ikiringo c’uyo mugwi kirangiye, ntibihagije na gato, kuko kuva mu mwaka wa 2010 wanyaze amatungo abarundi batari bake. Uyo arongoye urunani FORSC rw’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike mu Burundi, avuga ko abarundi bamwe bamwe batazokwibagira umugwi CNTB kuko wateranije abarundi mu kiringo wari umaze, wisunze ubwoko co kimwe n’ivyiyumviro vyabo vya politike.
IV. Umuyobozi wa lycée Musema muri komine Butaganzwa n’intara ya Kayanza Thimothée Irakoze, ari mu minwe y’inyamiramabi muri komisariya y’igipolisi mu Kayanza  kuva kuri uwu wa mbere. Apfunganganywe n’umunyamabanga kuri iryo shure yagiye ajanye nk’umudereva imodoka y’ishure mu ntara ya Cibitoke, igihe yagira isanganya ku musi w’Imana uheze. Uwo muyobozi yagirizwa kuba yishe abantu abishaka mu gupakira abana mu modokari idakwije ivya ngombwa. Uwariko arayigendesha nawe yagirizwa gutwara imodokari adafise uruhusha rwo kugendesha.
V. Umukozi w’ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo, yarakubaguwe n’igipolisi kuri uyu wa mbere, mu gihe ikiganiro cari catunganijwe n’amashirahamwe OLUCOME, rirwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, na PARCEM cari gihejeje kuburizwamwo n’igipolisi. Tubisanga mu kinyamakuru Net press, candika ku buhinga ngurukanabumenyi. Uwo mukozi wa PARCEM akaba yariko afata amasanamu ingene igipolisi gisohora abamenyeshamakuru ahariko habera ico kiganiro. Akaba yakubwiswe na bamwe muri abo bapolisi bababa 15, bari muri ico gikorwa. Abo bapolisi bakaba bashaka kumwaka ku nguvu Téléphone yariko arakoresha mu gufata amasanamu, ariko uwurongoye abo bapolisi aramira. Ico kiganiro cari kiremeshejwe na Faustin Ndikumana arongoye PARCEM, arikumwe na Gabriel Rufyiri, arongoye OLUCOME, cahagaritswe mu gihe bariko bashikiriza amakenga ajanye n’ishirwa mu ngiro ryo kubuza amakinga, moto, na TukTuk gushika hagati mu gisagara ca Bujumbura. Bakaba bariko berekana ingaruka z’iyo ngingo ku butunzi bw’Uburundi.
VI. Kubuza amashirahamwe adaharanira inyungu za politike gutunganya ikiganiro kubamenyeshamakuru biza bisubiza inyuma ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro vyubaka igihugu. Bishikirizwa na Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye ishirahamwe RCP, ry’abarundi b’intungane.

Ibindi bisa n'ibi