Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 17/03/2022

Publié le 17 mars 2022 par Rédaction
I. Ikiziga c’umukenyezi caraye gitowe ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu, ku mutumba wa mbere wa Kinyinya muri zone Rukaramu, komine Mutimbuzi iri mu ntara ya Bujumbura. Ico kiziga kikaba catowe ku nzu iri hafi y’agasoko kari kuri uwo mutumba aho cari cahambwe. Abarongoye uwo mutumba barikumwe n’ababanyi b’uwo yagandaguwe, hamwe na nyene inzu bakeka ko yoba yishwe n’umugabo wiwe, kuko amaze ukwezi ataboneka. Ivyo bikaba vyateye umutima uhagaze abanyagihugu bo kuri uwo mutumba, aho basaba ko amatohoza yokorwa. Ibisigarira vy’ico kiziga bikaba vyafubanywe iteka kuri uwo mugoroba nyene n’abajejwe intwaro, babifashijwemwo n’abakozi b’umuryango utabara imbabare Croix-rouge.
II. Agashiruka bute n’ubundi burusho vyahora bihabwa abakozi b’ama banki, n’abo mu mashirahamwe yegukira leta, n’ayandi leta ifisemwo imitahe, vyarahagaritswe muri uyu mwaka w’ikori wa 2021 n’umushikiranganji w’ikigega ca leta Domitien Ndihokubwayo. Mw’ikete yandikiye kuri uyu wa mbere abayobozi bakuru bakuru bose bo mu bigo bitandukanye, yabasiguriye ko ari mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyasabwe n’umukuru w’igihugu mu mwiherero aheruka gutunganya mu ntara ya Gitega.
III. Umushingwamanza Cyriaque Nibitegeka asigura ko ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo y’umushikirananji w’ikigega ca leta izogorana, kuko ica kubiri n’amategeko agenga akazi hamwe n’ibwirizwa shingiro ubwa ryo ritegekanya ugutandukanya ivy’ubutegetsi. Ahanura abazokorwako n’iyo ngingo guca bitura sentare y’akazi hamwe na sentare itatura amatati y’akazi bita cour administrative.
IV. Abakozi bakora mw’ihunguriro LOYAL CROWN ryegukira umugwizatunga Appolinaire Nibizi, hamwe n’abandi bigeze kurukoramwo aho mu ntara ya Muyinga, baridogera uwo mugwizatunga ko bamaze amezi arenga 3 kuri bamwe no ku bandi, bataronswa agahembo bakoreye. Bamwe muri abo bakozi bavuga ko uko kudahembwa vyabateye ukubaho nabi no ku miryango yabo.
V. Imyidogo kandi ni myinshi mu bantu bafise ama machine yo gusya ibigori n’ubududu muri komine Giharo intara ya Rutana. Bagiriza Musitanteri w’iyo komine kubajuragiza, ngo kubera aherutse gufata ingingo yo kwimurira ayo mamachine munzu y’indi. Ni mu gihe hari haciye hafi ukwezi kumwe bahejeje kwimukira mu bibanza bitandukanye kw’itegeko rya buramatari w’iyo ntara ya Rutana aho yabasavye kwegerwa kure y’ibarabara rikuru Rutana-Giharo.
VI. Ntibishoboka ko ikiziga gishika mu buruhukiro abarongoye ibitaro batabizi, ndetse batamenye n’abakizanye. Ivyo bivugwa na muganga Jean Minani yigeze kuba umushikiranganji w’amagara y’abantu, akaba yaranarongoye ibitaro vya Rumonge na Kiremba. Abivuze mu gihe hamaze iminsi hanyuruzwa abantu bakaburwa irengero, mu nyuma bagatorwa mu buruhukiro bw’ibitaro; nk’ukwo vyabonetse ku bitaro Prince Régent Charles. Muganga Jean Minani avuga ko imbere yo kwakira ikiziga, abarongoye ibitaro babanza kumenya umwidondoro w’uwo muntu n’icamwishe.
VII. Urubanza rw’ikibiriraho rwari rutegakanijwe kuri uwu wa kane muri sentare y’igihugu ya Kayanza,  aho umushikirizamanza wa Republika yashengeza Irakoze Thimotée umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya Musema na Niyonsavye Gérard, umunyamabanga kuri iryo shure nyene, ntirwaburanishijwe. Hakaba ari kubera basavye sentare ko kugira baburane bobanza kuronka abashingwamanza bo kubunganira mu gihe c’imburano zabo. Sentare ikaba yabibemereye nabo bemera ko abo bashingwamanza bazoba bamaze kubaronka ejo, ku musi wa gatanu, ari naho urwo rubanza ruzoca ruburanishwa. Abo bagabo uko ari babiri bakaba  bashengejwe imbere ya sentare ku caha c’uko bagirizwa kuba ku musi w’Imana uheze, abantu babiri mu bari batwawe n’imodoka y’iryo shure rya Musema bitavye Imana mw’ isanganya iyo modoka yagize hongera hakomereka abandi 27.

Ibindi bisa n'ibi