I. Ikiziga c’umwana yaraye yibarutswe catowe mu kazu ka Surwumwe mu gitondo co kuri uyu wa gatanu. Uwo mwana akaba yatowe ku mutumba Kanzege, komine n’intara ya Makamba. Akaba yataweyo na nyina wiwe asanzwe ari umunyeshure kw’ishure ryisumbuye ry’inyuma y’ishure shingiro riri mu gisagara ca Makamba. Ikiziga c’umwana kikaba caciye gitwarwa mu buruhukiro bw’ibitaro bikuru vya Makamba, nyina nawe akaba yaciye aja kuvurirwa kw’ivuriro ryakira abavyeyi rya Makamba nk’ukwo amakuru dukura mu baganga abimenyesha. Uwo akaba ari umwana agira 5 yishwe mu buryo nk’ubwo muri komine Makamba, kuva mu kwezi kw’icenda.
II. Umutama w’imyaka 66 azwi kw’izina rya Ntibasarira Matthieu yatowe ikiziga mu gitondo co kuri uyu wa gatanu. Uwo mutama asanzwe ava ku mutumba Nyatubuye wa komine Mugamba, yari yazimiye ku musi wa gatandatu w’indwi iheze, ab’iwabo bakaba bari bamaze imisi barondera barahebura. Matthieu Ntibasarira akaba ari umukukuruke mu gisirikare ca kera, akaba kandi yaheruka gukukuruka mw’ishirahamwe rihingura icayi OTB, ishami ryayo ry’i Tora.
III. Umunyororo wo gupfungwa amezi atatu n’indishi ingana amafranga ibihumbi amajana atanu mu mafranga y’amarundi kuri umwe umwe, ni rwo rubanza rwaciriwe ku muhingamo wo kuri uyu wa gatanu, umuyobozi wa Lycée Musema n’umunyamabanga wiwe. Urwo rubanza rwasomwe na sentare nkuru y’igihugu y’intara ya Kayanza. Abo bagabo uko ari babiri bagirijwe kuba bafise uruhara mu vyatumye haba isanganya ry’imodokari y’iryo shure. Isanganya ryahitanye abantu babiri, abarenga 20 bagakomereka, hari ku musi w’Imana w’indwi iheze.
IV. Abanyagihugu bo mu ntara ya Makamba baragiriza abacamanza bakorera muri iyo ntara ko barya ibiturire. Ivyo babishikirije kuri uyu wa kane mu nama umushikiranganji w’ubutungane yagirishije abavuga ko barenganijwe. Uwo mushikiranganji asaba abashikirizamanza guhagararira abanyagihugu mu kubarenganura.
V. Umucamanza azwi kw’izina rya Cyrille yahora arangurira imirimo muri Sentare nkuru y’igihugu, mu ntara ya Muyinga, yarahagaritswe ku musi w’ejo wa kane, n’umwe mu bashikirizamanza ba parquet nkuru y’igihugu ijejwe kugwanya ibiturire be no gusesagura amatungo ya Leta. Uyo mucamanza yaciye ajanwa ubutarariye mw’ibohero rikuru rya Muyinga, nk’ukwo amakuru ava muri iryo bohero abimenyesha. Ihagarikwa n’ifungwa ry’uwo mucamanza, ngo bifitaniye isano n’igiturire akekwa kuba yaratse umwe mu banyororo asanzwe apfungiwe muri iryo bohero. Mu kiganiro yaheruka kugiriranira ku kibuga c’inkino Umuco n’abajejwe inzego zitadukanye zigize ubuzima bw’intara ya Muyinga ku wa gatanu w’indwi iheze, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, akaba yari yagarutse ku buryo urwego bw’ubutungane rukora, aca aragabisha abacamanza.
VI. Ishirahamwe ry’abaskuti mu Burundi rirabeshuza ivyavuzwe ku wahora acungera umutekano w’ibiro vyaryo i Matana. Ibinyamakuru bitandukanye, harimwo radiyo Inzamba, vyari vyavuze ko Jean-Marie Kwizera yoba atotezwa n’uwuserukira iryo shirahamwe i Bururi. Ivyo binyamakuru nyene vyari vyavuze ko yapfunzwe bivuye kuri uyo nyene aserukira ishirahamwe. Mu rwandiko iryo shirahamwe riheruka gusohora, rivuga ko Jean-Marie Kwizera yabeshe. Ngo ahubwo yapfunzwe inyuma y’aho ashatse kugirira nabi abayobozi ba Lycée Matana. Nyuma y’aho arekuriwe, akaba yashatse gucumita icuma bita Fer à Béton uwari ahejeje kumusubirira muri ako kazi ku biro vya Skuti ngaho i Matana. Iryo shirahamwe rikamenyesha ko rimaze no kumwitwarira imbere y’ubutungane, kandi akaba ariko araronderwa n’igipolisi co ngaho i Matana.
VII. Ikiringo cababa amezi 4 kirakwiye abakozi bakorera mu gisata c’ingenzi mu bushikiranganji bw’ubudandaji n’amahinguriro bataronka agahembo kabo. Abo bakozi bavuga ko muri kino gihe, imiryango yabo ibayeho nabi, bagasaba kuronswa utwabo bakoreye.
VIII. Ingingo iherutse gufatwa na leta yo kwaka uturusho abakozi bo mu ma banki n’ayandi mashirahamwe ya leta canke amashirahamwe ifisemwo imitahe, ngo iteye kubiri n’amategeko mpuzamakungu yerekeye akazi. Ivyo bivugwa na Paul Nkunzimana, umwarimu muri za kaminuza, akongera akaba umuyobozi w’iteka w’umugambwe w’abakozi na demokrasi PTD Twungurunani. Asigura ko iyo ngingo ya leta yica vyinshi igakiza bike.
IX. Paul Nkunzimana avuga ko iyo ngingo izogira ingaruka mbi ku bakozi n’igihugu. Agasaba leta kwihutira gutegura ibiganiro hagati y’abakozi n’abayobozi b’ayo mashirahamwe, kugira bashire ibintu mu buryo, bitarayangara.
X. Haheze imisi hibonekeza ubusuma bukorwa mu mazu yo ku mutumba Birimba, muri komine n’intara ya Rumonge. Ubwo busuma buba cane cane mw’ijoro. Abanyagihugu bo kuri uwo mutumba uri mu gisagara ca Rumonge, bakaba bikeka ko bwoba bukorwa n’urwaruka ruvuga ko rurara rurakizura ijoro.