Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 19/03/2022

Publié le 19 mars 2022 par Rédaction
I. Kuri uno wa gatandatu, ibikorwa vy’abanyagihugu bo ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo vyahungabanye biturutse ku rugendo rw’umukuru w’umugambwe CNDD-FDD muri iyo ntara. Abanyagihugu basabwe guhagarika imirimo bararikwa bose kwitabira ibikorwa vyo kwubaka ingoro y’uwo mugambwe, ku rwego rw’intara. Abatari muri uyo mugambwe uri ku butegetsi babona ko ako ari akarenganyo.
II. Bamwe mu banyagihugu bo muri komine Kayogoro mu ntara ya Makamba, baragiriza abatware bo hasi ko babanyaga amatongo bakayaranguriramwo imigambi ya komine ku nguvu, batabagishije inama. Bamwe muri bo, barerekana ingene n’ubu batarasubizwa amatongo banyazwe kandi imanza zaraciwe na sentare.
III. Abasirikare b’abarundi bababa ijana bari kumwe n’imbonerakure baraye bajabutse uruzi Rusizi bagenda mu gihugu ca Congo. Abo basirikare bakuwe muri bataillon ya 11 bita blindé, hamwe no muri bataillon ya 212. Amakuru ava muri bamwe muri abo basirikare avuga ko bajabutse isaha indwi z’ijoro, bakaba bajabukanye ku cambu c’ahitwa mu Ruhagarika muri komine Buganda y’intara ya Cibitoke. Abo basirikare basanzeyo abandi bamazeyo amezi arenga abiri, barongowe na lieutenant-colonel Nyandwi asanzwe arongoye ikambi ya 212.
IV. Kuva kuri uyu wa mbere, ishirahamwe FOMI rizotangura gutanga mu banyagihugu ifumbire yo mu bwoko bwa Totahaza, inyuma y’indwi hafi 3 yari irindiriwe n’abarimyi. Ivyo vyashikirjwe n’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema. Hari kuri uyu wa gatanu. Ubushikiranganji bukavuga ko buzokwirikirana ko abanyagihugu baronswa ifumbire ingana n’iryo barihiye. Tubibutse ko iryo shirahamwe FOMI ryari rimaze gucererwa indwi zibiri zirenga mw’itangwa ry’iyo mfumbire. Igenekerezo rya 24 ruhuhuma, umushikiranganji ajejwe iterambere ry’amakomine yari yatanze iminsi itarenze 10 ngo uwo mwavu wa kijambere ube watanzwe.
V. Uno musi, ikigabane Kw’Isôko kiza guhagarara ku ngaruka zishobora gushikira abarimyi muri kino gihe bihebuye, bivuye ku kubura umwavu wa kijambere wa FOMI mu gihugu cose.

Ibindi bisa n'ibi