I. Ingaruka zamaze kwibonekeza ku bahora biyunguruza bakoresheje ama pikipiki na bajaji mu gisagara ca Bujumbura. Hibonekeza abantu benshi bategereye imodoka. Ni mu gihe kuri uyu wa mbere ari ho hatangura ishirwa mu ngiro, ry’ingingo y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi, ibuza abunguruza abantu bakoresheje amapikipiki, amatuktuk n’amakinga gukorera hagati mu gisagara ca Bujumbura.
II. Impunzi zine z’abarundi bahungiye mw’ikambi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya zaranyurujwe kuri uyu w’Imana. Amakuru atangwa na bamwe mu baba muri iyo kambi, avuga ko banyurujwe n’abakozi b’iperereza ryo muri ico gihugu, gushika ubu ntawuramenya iyo batwawe. Ayo makuru avuga ko imbere yo kubatwara, babanje kubaboreza igufa babaka n’ivyo bari bafise.
III. Imyaka ine irarumanye Clément Nkurunziza apfunzwe. Uwo yahoze arongoye ishirahamwe ry’abanyeshure bo muri kaminuza, ASSER, yagirizwa ko ari we ari inyuma y’ubwicanyi bwahitanye abanyeshuri b’abahutu mu nyubakwa z’uburaro bwa kaminuza, ku Mutanga mu 1995. Ariko Clément Nkurunziza yamye ahakana ico caha, avuga ko ahorwa ubusa, yiyamiriza ihonyangwa ry’amategeko ryagiye riraranga urubanza rwiwe. Iryo honyangwa rikaba rinemezwa n’abahinga b’amategeko, nko kumwankira kwumvirizwa n’inzengo zotegerejwe kwakira urubanza rwiwe.
IV. Abanyagihugu bo ku mitumba yose igize intara ya Bururi, basabwa kurima inyovu zirimwo ishinge, bongere bace ibiti vy’imikaratusi bahatere ibindi bitanywa amazi menshi. Atari ukwo, ayo matongo ahabwe abandi bashoboye kuyarima. Ivyo biri mu rwandiko rwa bulamatari w’iyo ntara, aho avuga ko ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo rizosuzumwa kuva kuwa mbere Ruheshi uyu mwaka. Ingingo ya bulamatari ikaba ije yisunga ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu mu ntara ya Rumonge, mu gihe hariko hahimbazwa umusi mpuzamakungu w’umukenyezi.
V. Imyidogo ni myinshi ku bavyeyi bafise abana kw’ishure shingiro rya Mutakura, aho umuyobozi w’iryo shure abasaba gutanga amafranga ibihumbi 10 ku gice c’ishure yo kwubaka igorofa y’ishure. Bamwe mu barezi barereye aho kuri iryo shure bakabona ko ayo mafranga ari umurengera, bagasaba umushikirangaji w’indero gutora umuti w’ico kibazo.
VI. Mu nkino zo kurondera imigwi izokina ihiganwa ry’Uburundi muri basketball ryitwa Viva Basketball, New Star ni yo iri mu kibanza ca mbere vy’imfatakibanza inyuma yo gutsinda Urunani ku manota 60 kuri 58. Muri handball na ho, igikombe c’igihugu mu bagabo catwawe na SOS ; mu bigeme naho gitwarwa n’umugwi wa Sister’s. Imigwi umunani na yo izokina igice ca kane gishira ica nyuma mu mupira w’amaguru, yose yaraye imenyekanye.