I. Abanywanyi 3 b’umugambwe CNL barahagaritswe n’igipolisi ca Tanzaniya kiraheza kibarungika mu Burundi. Abo na bo basanzwe bavuka mu muryango umwe, bahagaritswe n’igipolisi ca Tanzaniya kuri uyu wa 15 Ntwarante mu kijiji ca Gitanga, mu ntara ya Kigoma aho bari bahungiye kuva mu kwezi kwa myandagaro umwaka uheze.
II. Inyuma y’imyaka 30 Uburundi buteye igikumu ku masezerano mpuzamakungu abuza ikumirwa iryo ari ryo ryose rikorerwa abakenyezi, kugeza uyu musi mu Burundi haracari agahaze. Ivyo bibonekera cane cane ku kungene mu Burundi abakenyezi badatorana, hamwe n’ayandi mabi abakenyezi bakorerwa. Ivyo biri mu cegeranyo ca 44 c’isekeza SOS-Torture. Aimé Kwizera ajejwe kumenyesha amakuru muri SOS-Torture, arashima ariko ko hari intambwe imaze guterwa mu guteza imbere agateka k’umukenyezi naho idashemeye.
III. Kuri uyu wa kabiri, niho hatanzwe mu ntara ya Kayanza ifumbire FOMI yari imaze igihe irindiriwe n’abarimyi. Itangwa ry’iyo fumbire rikaba ritashimishije abarimyi, kuko n’abagize Imana bakayironswa bavuga ko bataronkejwe igitigiri c’ifumbire gihuye n’amafaranga barishe, abandi bo batashe zirayoye. Abo barimyi bakaba bamenyesha ko batabona uko bagiye kubaho mu minsi iri imbere, na rirya n’iminsi yo gutera yariko irabajana.
IV. Ama toni 325 y’ifumbire yaratanzwe kuri uyu wa mbere mu ntara ya Bubanza. Akamo ko gutanga iyo fumbire kari katewe n’ubushikiranganji bw’uburimyi bumaze kwumva imyidogo y’abanyagihugu ijanye n’ukwo iyo fumbire idatangwa nk’ukwo vyategerezwa. Ariko rero abarimyi baguma bidoga ko utunenge tuguma twibonekeza mw’itangwa ry’iyo fumbire kubera hari abashaka kuyidandaza bidakurikije amategeko.
V. Abarimyi bo mu ntara ya Makamba bobo barababazwa n’ubukene bw’ifumbire burangwa muri iyo ntara, mu gihe umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’uw’uburimyi batahengeshanije kubizeza ko igiye kuboneka.
VI. Umwimbu w’ikawa wo kw’isizeni ry’umwaka wa 2021 ushira uwa 2022 wagenze neza. Amatoni y’ikawa arenga 6000 ni yo yashowe hanze y’igihugu. Ivyo vyashikirijwe kuri uno wa kabiri n’umushikiranganji ajejwe uburimyi, ubworozi n’ibidukikije Déo Guide Rurema, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Umushikiranganji Rurema akavuga ko ibice mirongo icenda na bitanu kw’ijana vy’ikawa igenewe gushoka hanze vyamaze kugurishwa, n’umurimyi w’ikawa akaba yarahatoreye akoyokwe. Mwomenya ko muri uyu mwaka hitezwe umwimbu w’ikawa ishorwa hanze ungana n’amatoni ibihumbi cumi n’indwi, ikiro c’ikawa y’ibiturumbwe kikazogurwa amafranga amajana umunani.