I. Hari ikiziga c’umugabo catowe mu gatondo ko kuri uno wa gatatu hafi y’isoko kwa Siyoni. Amakuru dukura ngaho kwa Siyoni atumenyesha ko uyo yishwe ari umunyamulenge, akaba yari asanzwe akora akazi ko kuvunja amafranga ngaho kwa Siyoni. Ayo makuru akabandanya avuga ko bene kumugandagura batashoboye kumenyekana banamutwaye n’amafranga menshi cane atazwi igitigiri. Si ubwa mbere ngaho mu micungararo y’iryo soko hatorwa ibiziga vy’abantu bishwe mu buryo nk’ubwo.
II. Abantu babiri barapfuye, amazu agera kuri mirongo ibiri arasiduka, imirima itari mike irononekara. Ni muri komine Muhuta, intara ya Rumonge, biturutse ku mvura nyinshi ivanze n’igihuhusi yaguye kuva ku musi wa mbere muri iyo komine. Abanyagihugu bakozweko n’ivyo vyago bari mu kangaratete, bagasaba ko bogarukirwako.
III. Abajejwe intwaro n’abarongoye umugambwe bategerezwa gukorera hamwe. Iryo n’itegeko ryatanzwe n’umukuru w’inama nshingamateka. Gélase Ndabirabe yabivugiye mu Kirundo kuri uyu wa mbere, mu kiganiro yagiranye n’abarongoye intwaro muri iyo ntara. Abategeka ko uzobona bidakunda ko akorana n’uwundi, yoba atanga imihoho.
IV. Imvugo ya Gélase Daniel Ndabirabe yerekana ko umugambwe CNDD-FDD ushaka gutegeka abanyagihugu kuyoboka ku nguvu umugambwe wabo. Umuhari MAP-Burundi Buhire ubona ko ivyo bifise ingaruka mbi kuko abajejwe intwaro baca bakorana ubwoba, bigatuma bitaho gukorera umugambwe aho gukorera abanyagihugu bose. Emery Pacifique Igiraneza, arongoye umuhari MAP-Burundi Buhire.
V. Abantu bitura igipolisi kijejwe gucungera imbibe n’ikirere PAFE, baridoga ko impapuro z’inzira basavye haheze amezi atandatu batarazironswa. Basaba igipolisi kijejwe abinjira n’abasohoka gutanga insiguro ku mvo yoba ituma izo mpapuro zidatangwa. Bamwe mu basavye izo mpapuro basaba PAFE kubasubiza amafranga batanze basaba kuronswa izo mpapuro, namba ico kigo kitagikora.
VI. Kuri uyu wa kabiri huguruwe ivyigwa vy’abagwizatunga b’abarundi n’abo mu gihugu ca Ouganda. Barabiye hamwe ingene bonagura ubutunzi bw’ivyo bihugu bibiri. Kimwe mu vyo bize n’ingene boza barahingura ibirimwa. Audace Ndayizeye arongoye urunani rw’abagwizatunga mu Burundi CFCIB, amenyesha ko ivyo vyigwa bije hageze.
VII. Ingeso y’ubusuma bwo mu mazu imaze imisi yibonekeza mw’ikambi y’impunzi iri i Mahama mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Amacupa ya gaz bakoresha mu guteka ibifungurwa, ivyuma bikwega imishwarara y’izuba, ama matela n’impuzu ni vyo vyibwa gusumba. Uwuserukira impunzi muri iyo kambi aremeza ko ubusuma buhari, ariko ko butarenze urugero. Asaba ababa muri iyo kambi gucungera neza ibintu vyabo.