I. Umuntu w’umugabo yarishwe ku mugoroba wo kuri uyu wa Mungu ku mutumba wa Nyakivumu muri komine n’intara ya Cankuzo. Claude Ndayahande w’imyaka 29 yatowe ikiziga ku mugoroba w’ijoro nk’isaha imwe; biboneka ko yatemagujwe umupanga mu mutwe. Uwo yishwe asanzwe ava ku mutumba wa Mutetero muri komine ya Cankuzo. Abarongozi bo mu ntwaro bemeza ayo makuru bakavuga ko amatohoza yatanguye, abantu batatu bakekwa muri ubwo bwicanyi bakaba bafashwe ku mvo z’amatohoza.
II. Abanyororo bo mw’ibohero rikuru rya Gitega baramaze indwi bataronswa igifungurwa c’ubugali bw’imyumbati. Ivyo bica bituma bafungura ibiharage gusa na vyo bavuga ko ari intica ntikize. Basaba abarongoye iryo bohero hamwe n’ubuyobozi bukuru bw’amabohero, kubaronsa ibifungurwa nk’ukwo vyahora.
III. Abandikisha amatongo baridogera igisata kijejwe kwandika amatongo “ Titres fonciers“. Bavuga ko bashobora kumara amezi atatu barindiriye ko ayo matongo yandikwa bakabura. Ivyo ngo bikaba bituruka kw’itunganywa ribi ry’ico gisata, kuko igikorwa co gushika aho amatongo ari gikorwa n’umuntu umwe.
IV. Ibitabo vy’inzira bita passeport na laisser-passer bigiye gusubira gutangwa mu Burundi mu misi itatu iri mbere, inyuma hafi y’amezi 6 bitagitangwa. Ivyo vyashikirijwe n’umuyobozi w’igipolisi kijejwe ingenzi PAFE commissaire Maurice Mbonimpa. Yabimenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’umutaga kuri uyu wa mbere. Yavuze ko abazotangura kuzironswa ari abatanguye kuzisaba.
V. Commissaire wa PAFE akaba yaboneyeho kugabisha abakoresha ubusuma mu kwiba abanyagihugu ngo bashaka kubaronderera ivyo bitabo vy’inzira. Commissaire Maurice Mbonimpa.
VI. Abantu barenga 6000 ni bo bamaze gutanga ikori yo gupangisha amazu. Ivyo n’ivyo abaserukira ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi OBR bashikirije kuri uyu wa mbere, mu gihe bari bagiye kuraba ibibanza vyatunganijwe mu ntumbero yo kwakira abaje kumenyekanyisha umwimbu mu makori ku mazu, canke ku zindi nyubako zipangishijwe. Stany Ngendakumana, umuvugizi w’ikigo OBR ahamagarira abandi batangakori kwitabira ico gikorwa, itariki ntarengwa bahawe itaragera.
VII. Ingingo yafashwe yo kubuza amapikipiki, amakinga n’amatuktuk gushika mu gisagara hagati ca Bujumbura, ni ingingo ishobora gukwega amacakubiri mu barundi. Ivyo vyashikirijwe na musenyeri Joachim Ntahondereye, umwungere wa diyoseze ya Muyinga, akaba asanzwe arongoye inama y’abepiskopi katolika mu Burundi. Hari mu nkuka y’imisa yariko arashikiriza kuri uyu wa Mungu.
VIII. Imigwi itanu kuri itandatu izokina igikombe c’Uburundi muri basketball iramaze kumenyekana. Uwugira gatandatu uzomenyekana inyuma y’urukino ruzohuza Dynamo na Kern, mu mpera y’ino ndwi. Ihiganwa na ryo ryo gusiganwa n’imodokari ryabereye mu kiyaya c’Imbo ryaraye ritahukanywe na Valéry Bukera.