I. Republika iharanira demokarasi ya Congo yinjiye mu muryango w’ibindi bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko, kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 29 Ntwarante 2022. Kibaye igihugu kigira 7 mu bigize uwo muryango; ciyongera kuri Kenya, Tanzaniya, Ouganda, Rwanda, Burundi na Sudani y’epfo. Bikaba vyabereye mu nama y’abakuru b’ibihugu igira iya 19 yabaye kuri uyu wa kabiri, hakoreshejwe ubuhinga bwa none. Umukuru w’igihugu ca Congo Félix Tchisekedi akaba yagaragaje akanyamuneza kw’izina ry’abanyeCongo. Yanamenyesheje ko kubera urunani rw’ivyo bihugu hagiye kuba akarusho kadasanzwe mu vy’ubudandaji.
II. Abantu babiri bo muri zone Gitaba mu ntara ya Makamba bagirizwa kunyuruza umwavu bari mu minwe y’igipolisi. Ifatwa ry’abo bagabo rije mu gihe harangwa ubukene bw’uwo mwavu mu gihugu cose.
III. Inyuma y’imyaka ine umunyagihugu Simon Bizimana wo ku mutumba Gisoro muri komine Cendajuru y’intara ya Cankuzo agandaguwe abanje kuborezwa igufa, abarundi n’abegereye umuryango wiwe baracarindiye ko ubutungane buhana abakoze ico caha. Simon Bizimana yafashwe yagirizwa ko yanse kwiyandikisha mu matora yo kwemeza ibwirizwa nshingiro muri ntwarante umwaka wa 2018. Mw’isekeza SOS-Torture Burundi, bavuga ko ako ari kamwe mu burorero bwerekana ko ubutungane bw’Uburundi burangwa no kudahana ivyaha biba vyakozwe n’abo mu nzego z’umutekano, canke abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.
IV. Hari umutama yitwa Emmanuel Ndoreraho w’imyaka 62, wo mu gacimbiri Gisoro II, ku musozi Musave, mu gisagara ca Kayanza, yaraye yitavye Imana mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere buca ari ku wa kabiri, mu buryo budasiguritse. Nk’ukwo abantu bo muri ako gacimbiri babibonye babivuga, ngo umukobwa w’uwo muhisi, Odette Ndayishimiye yarakomeretse cane akubiswe icupa ry’ikidaji mu gahanga, na muramukazi we yitwa Aline Kubwimana. Iyo mishamirano ikaba ngo yatewe n’ukwo Aline Kubwimana n’umugabo wiwe bari bagurishije inzu y’umuryango bari bagabiwe n’uwo muhisi, ari we se w’uyo mugabo wa Aline. Igihe c’isaha zitatu z’ijoro, bamwe mu babanyi n’umuryango ba Odette Ndayishimiye, niho bamuherekeza kwa muganga. Ariko bagarutse muhira, basanze se wiwe Emmanuel Ndoreraho yapfuye. Inkuru ku vyerekeye urupfu rw’uwo mutama ariko zidahurijweko na bose, zivuga ko yoba yaguye hasi agata ubwenge ku mvo y’ukwo yarababajwe n’ivyari bihejeje kuba kuri uwo mukobwa wiwe, mbere bikaba intandaro y’urwo rupfu. Aline Kubwimana yaciye afatwa n’igipolisi ku mvo z’umutekano.
V. Igipolisi ca Tanzaniya gifadikanije n’abasungusungu bazindutse baratemagura imirima y’ibitoke mw’ikambi ya Nduta, abarundi bahungiyemwo. Abo barundi bavuga ko agatotezo bakorerwa kabaye ndanse, kandi ko batazi ico bariko barazira. Basaba amakungu guhagurukira leta ya Tanzaniya kuko ari yo ituma ubwo bubisha.
VI. Ikibazo c’ikena ry’ifu mu mabohero gifatwa minenegwe n’ubutegetsi. Ivyo vyashikirijwe na Me Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe rukristu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi. Ngo iryo kena rije ryunyurwa n’ukuntu incuti z’abo banyororo batemerewe kuja kubaraba ngo babagemurire. Me Ntiburumunsi agasaba ubushikirangaji bujejwe ubutungane gufata ikibazo c’abo bafungwa bakakigira icabo, maze umuti ukaboneka.
VII. Komite nshasha y’inama nkuru y’urwaruka ngo ibwirizwa guhimiriza urwaruka mu bikorwa vy’amahoro, umutekano n’agateka ka zina muntu. Ico ni kimwe mu vyo leta isaba abayobozi bashasha b’iyo komite. Hari ejo igihe umushikiranganji Ezechiel Nibigira ajejwe urwaruka, yariko arashikiriza icese abagize iyo komite. Umuhari mpuzamakungu w’urwaruka rw’abarundi MIJB uhanura iyo komite nshasha gukorera urwaruka rwose co kimwe, ata nkunzi canke aka mwana wa mama.