Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/04/2022

Publié le 4 avril 2022 par Rédaction
I. Ikiziga c’umuntu biboneka ko yishwe akubiswe umupanga, catowe mu gatondo k’uyu wa mbere kw’ibarabara ry’umunani, aho bita ku Musenyi muri komine Mpanda y’intara ya Bubanza. Isoko rya radiyo Inzamba ku Mpanda rivuga ko bari abasuma batatu bagiye kwiba ku rugo babanje kubomora inzu. Nyene urugo yari yiraririye aca atemamwo umwe ari na we bakeka ko yatowe ikiziga. Uwo muntu akaba ata n’icangombwa na kimwe kimuranga yari afise.
II. Icuka kibi kiri mw’ishengero EUSEBU, caraye gitumye igipolisi gihagarika aba pastori batatu, bafatiwe muri komine Nyanza-Lac y’intara ya Makamba mu bumanuko bw’Uburundi. Bafashwe inyuma y’igandagurwa ry’abaserukira iryo shengero imbere y’amategeko mu Burundi hamwe no mu gihugu ca leta zunze ubumwe za Amerika. Igipolisi cabahagaritse ku mvo z’amatohoza kuri ubwo bwicanyi.
III. Abantu 29 barishwe, 15 barahagarikwa hadakurikijwe amategeko mu kwezi kwa gatatu guheze. Ivyo biri mu cegeranyo c’ishirahamwe rukristu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ACAT Burundi. Augustin Nimubona ajejwe kumenyesha amakuru muri ryo, avuga ko imbonerakure na bamwe mu bajejwe intwaro ari bo badomwako urutoke kuba kw’isonga ry’ubwo bwicanyi.  Ishirahamwe ACAT Burundi risaba ubutungane bw’Uburundi gukora kugira abagirwa n’ivyaha bahanwe.
IV. Abarundi bari bamaze ukwezi basaba ubuhungiro mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya, barasubijwe mu Burundi ku nguvu, ku wa kane w’indwi iheze. Abo barundi bakaba bari bahunze ubugira kabiri kubera umutekano wabo waguma uhungabana. Abaharanira agateka k’impunzi bakabona ko Leta ya Tanzaniya na HCR bihonyanga amategeko mpuzamakungu agenga impunzi.
V. Amafranga arenga imiliyalidi 400 z’amarundi ntiyigeze yinjira mu kigega ca leta mu mwaka wa 2021. Bishikirizwa n’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, Gabriel Rufyiri arongoye iryo shirahamwe yavuze ko inyuruzwa ry’amatungo ya leta, n’ibiturire ari vyo ntandaro yavyo. Abagirizwa ubwo bunyonyezi na bo boba bari mu bategetsi b’igihugu.
VI. Abantu bagera ku bihumbi 25 ni bo bataye akazi kuva aho hashiriwe mu ngiro ingingo yo kubuza amapikipiki, tuktuk n’amakinga kunguruza abantu n’ibintu mu gisagara ca Bujumbura. Iyo ngingo yatumye no mu miryango y’abanyagisagara ubuzima buzimba gusumba uko vyahora.
VII. Imigwi ya Bumamuru na Aigle Noir yaraye iteye intambwe nziza igana mu gice ca kabiri c’igikombe c’umukuru w’igihugu. Muri Basketball naho imigwi ya Muzinga, Kern na Mutanga United izokina mu cicaro ca kabiri, mw’ihiganwa ryimirije.

Ibindi bisa n'ibi