Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 05/04/2022

Publié le 5 avril 2022 par Rédaction
I. Abapasitori 11 b’ishengero EUSEBU bahagaritswe. Bagirizwa kugira uruhara mw’igandagurwa ry’uwuserukira imbere y’amategeko iryo shengero mu Kanyosha, mu mpera y’indwi iheze. Pierre Nkurikiye, avugira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano, amenyesha ko amatohoza yatanguye.
II. Pierre Nkurikiye amenyesha kandi ko hari abantu 3 bafashwe n’igipolisi c’Uburundi ku wa 30 Ntwarante. Muri bo 2 n’aba pasitori uwundi n’umukenyezi, bose bari mu rusengero Faith Miracle center church FMC. Bagirizwa kwiba abanyagihugu babicishije mu ruyeri. Pierre Nkurukiye avugira igipolisi c’Uburundi mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru akaba yamenyesheje ko amafranga agera ku muliyaridi y’amarundi ari yo yafatiwe kuri banki yabo.
III. Abanyororo bituye umushikiranganji w’ubutungane ngo imanza baciriwe zisubirwemwo mu mpera z’umwaka wa 2020, intumwa zo mu bushikiranganji zaragiye kubumviriza, ariko bararindiriye inyishu, amaso ahera mu nzira. Mw’ishirahamwe ACAT Burundi rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, bavuga ko bibabaje. Basaba ko umushikiranganji w’ubutungane yokora ibishoboka vyose agaha inyishu abo banyororo, kugira bicare bazi ko urubanza rwabo banse ko rusubirwamwo canke ko bavyemerewe, aho kwicwa indekabagende kandi bari mu munyororo udasiguritse kuko iyo nyishu itaraboneka. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumusi arongoye igisata c’amategeko muri ACAT Burundi.
IV. Abanyororo bo mw’ibohero rya Gitega barashimishwa no kubona inyuma y’imyaka ibiri bahagaritse ivyo kuja kubaramutsa, kuva kuri uyu wa mbere barasubiye kureka abaja kubaraba. Bavuga ko iyo baronse ababaraba baheza bakaruhuka mu mitima, kandi ko muri ibi bihe vy’ubukene bw’ibifungurwa mu maboher,o abafise incuti ziheza zikabagemurira bakabona kuronka agahengwe.
V. Ubwato bw’abarovyi butobuto bushika umunani bwarasambuwe n’abasirikare, ubundi burafatwa kuri uyu wa mbere. Ivyo vyabereye muri zone Gitaza ya komine Muhuta mu ntara ya Rumonge. Abarovyi basamburiwe ubwato barifumbereje. Abo bwafashwe nabo basabwa kubugombora babanje gutanga amafranga. Abo basirikare bavuga ko ubwo bwato bushobora gutuma haba umutekano muke mu nkengera z’ikiyaga Tanganyika.
VI. Gusubiza iwabo ku nguvu abantu baje basaba ubuhungiro ata kindi bagirizwa, ngo n’uguhonyanga amategeko mpuzamakungu yerekeye impunzi. Uko niko Chauvineau Mugwengezo arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga abibona. Akabivuga yiyamiriza ingene leta ya Tanzaniya iherutse kwirukana abarundi bari baje muri ico gihugu gusaba ubuhungiro mw’ikambi ya Nduta. Chauvineau Mugwengezo avuga ko ico gihugu ca Tanzaniya bitebe bitebuke kizobibazwa. Eka mbere ngo kizobazwa n’ayandi mabi yose kidahengeshanya gukorera impunzi z’abarundi ziri muri ico gihugu.
VII. Uwujejwe gutanga ifumbire muri zone Gitaba hamwe n’uwujejwe ububiko barahagaritswe mu mabanga na buramatari w’intara ya Makamba. Bagirizwa gushaka kunyuruza igice c’itoni y’ifumbire. Iyo ngingo yafashwe inyuma y’indwi bari bamaze bari mu minwe y’igipolisi aho i Makamba.
VIII. Hasubiye kwibonekeza ubukene bw’igitoro mu ntara ya Rumonge. Kuva ku w’Imana uheze, nta station n’imwe yo muri iyo ntara ifise igitoro. Abagendesha ivyuma binywa igitoro bakababazwa n’ukwo n’iyo kibonetse gitangwa nabi, kandi abajejwe intwaro n’igipolisi barorera.

Ibindi bisa n'ibi