I. Abarongoye igihugu bari bakwiye na ntaryo gushira imbere ineza n’urukundo bakagendera iragi ry’umuhisi Président Ntaryamira Cyprien, ryari rishimikiye kuri discipline. Ivyo vyashikirijwe na Musenyeri Anatole Rugerinyange mu nkuka y’imisa yo kwibuka umuhisi Président Ntaryamira na bamwe mu bafasha biwe, inyuma y’imyaka 28 irangiye yitavye Imana, mw’isanganya ry’indege ryabereye mu gihugu c’Urwanda ari kumwe na Président Juvénal Havyarimana.
II. Ku bijanye n’ubutungane kuri iryo sanganya, sentare isubiramwo imanza y’i Paris mu Bufaransa yaraciye urubanza rwejeje umuhari FPR wagwanya leta y’Urwanda ico gihe ko ata ruhara wagize mu gukorora iyo ndege ico gihe. Kubwa Me Janvier Bigirimana, asigura ko ubutungane bw’Ubufaransa bukwiye kubandanya iyo dossier mu gukurikirana intagondwa zari zegereye ubutegetsi bwa Juvénal Havyarimana ziterekwa ico gihe ko hajaho leta y’ubumwe bw’abanyarwanda, nk’ukwo vyari mu masezerano ya Arusha. Yongerako ko na bamwe mu bafaransa bakoranye bakwiye gushirwa imbere y’intahe, kugira imiryango yabuze ironswe indishi y’akababaro.
III. Ivyaha bitagirirwa ikigongwe harimwo ihonyabwoko canke ubwicanyi bw’agahomerabunwa bitegerezwa gukwirikiranwa na sentare mpuzamakungu. Urunani CB-CPI rubivuze inyuma yaho kuva kuri uyu wa kabiri, italiki 5 Ndamukiza 2022, hatanguye urubanza rwa Ali Mohamed Ali Abd-Al-Rahman yahoze arongoye imigwi y’inkorabara y’aba Janjawid yo muri Sudani igihe hatwara Omar El-Bechir. Umushingwamanza Lambert Nigarura arongoye CB-CPI aributsa ko ahabaye ivyo vyaha hose harimwo n’Uburundi, sentare mpuzamakungu mpanavyaha iteba igacira urubanza abavyagirizwa.
IV. Amakenga ni menshi mu banywanyi b’ishirahamwe Nduza rijejwe kuguranana, inyuma y’aho igipolisi gifashe indongozi zabo. Amakenga yabo aha nini afatiye ku kugene babwirwa ko boja kubariza amafranga bashize muri uwo mugambi kuri parquet, batagiye muri uwo mugambi w’iterambere ku gahato kandi ataho bigeze bitwara. Bavuga nyabuna ko ipfungwa ry’izo ndongozi ryoba rihishije ubusuma, bw’abashaka kunyaga amafranga y’iryo shirahamwe biciye ku bafata ingingo mu gihugu.