I. Umwe mu bunguruza abantu bakoresheje amakinga, yarashwe urusasu rwo mu kuguru kw’ibubamfu arakomereka cane. Yarashwe n’umupolisi yari acunze ikimenyetso cerekana ko amakinga, amapikipiki na tuktuk bitemewe ko biharengana. Ababonye igihe uwo mupolisi yarasa uwo munyagihugu aho bita kwa Komine mu Ngagara, bavuga ko yari yahagaritse ikinga ryiwe hafi y’ico kimenyetso benshi bita icapa. Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, n’umutekano babicishije ku rubuga rwabo rwa Twitter, bamenyesheje ko uwo munyagihugu yarashwe n’urusasu rw’icaduka bita balle perdue mu gifaransa. Bongera bamenyesha ko uwo mupolisi yarashe uwo muntu yafashwe kugira agirweko amatohoza. Abari begereye aho uwo agendesha ikinga yarasiwe bavuga ko uwamurashe yabikoze nkana atari urusasu rwiyadukije bita balle perdue, nk’ukwo bivugwa n’ubushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu n’umutekano.
II. Abasirikare b’Uburundi n’imbonerakure bari bamaze amezi atatu arenga mu buseruko bwa Congo kuva mu mpera z’indwi iheze, baratanguye gusubirizwa n’abandi. Abagiye kubasubirira bakaba bakuwe mu makambi ya 111, 112 n’iya 212, yari asanzwe yararungitse abasirikare muri ico gikorwa, hamwe n’imbonerakure zegeranijwe mu bice bitandukanye.
III. Urwego rwa gisirikare bita FRAD ruzoba rurimwo abasirikare bita réserviste mu gifaransa rwaraye rwemejwe n’inama nshingamateka y’Uburundi. Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi ni we yasiguye iyo nteguro y’itegeko imbere y’abashingamateka kuri uno wa mbere. Alain Tribert Mutabazi yasiguye ko urwo rwego ruzoba rugizwe n’abasirikare bamaze imyaka ibiri gusa bakukurutse. Bakazoba bajejwe kwivuna umwansi iyo bikenewe ko igihugu kibikorako.
IV. Chauvineau Mugwengezo, umunyamabanga mukuru w’urunani ruhurikiyemwo imigambwe imwe imwe itavuga rumwe n’ubutegetsi CFOR-Arusha, abona ko gushiraho urwo rwego rushasha ata kindi bigamije, atari uguha imbonerakure ububasha bwo gukora ibikorwa vya gisirikare ku mugaragaro. Abona ko ico gisirikare gishasha kizoba kije kuzivya, gutoteza no gukorera amabi atandukanye ata camira abo bose badashigikiye intwaro ya CNDD-FDD. Abantu rero ngo bakwiye kuhagabira.
V. Ihohoterwa harimwo kuborezwa igufa ku banyororo, ukutavurwa uko amategeko abitegekanya, ukudafungura bikwiye, ni vyo vyigaragaza mu mabohero atandukanye mu gihugu. Biri mu cegeranyo c’amezi atatu arangiye c’ishirahamwe rukristu ryishinze kugwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ACAT Burundi. Abafungwa bahurikiye mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD baradomwako urutoke kuba bari hejuru y’ayo mabi akorerwa mu mabohero.
VI. Abantu 153 barishwe, 19 baraburwa irengero hamwe n’abantu 10 bahohotewe. Ivyo tubisanga mu cegeranyo c’umuhari Iteka co kuva mu kwezi kwa mbere kugera mu kwa gatatu umwaka wa 2022. Célestin Ruribikiye ari mu bajejwe kumenyesha amakuru muri ligue Iteka, basaba leta kwubahiriza agateka ka zina muntu.
VII. Imyidogo ni myinshi mu bakozi bo mu bushikiranganji bujejwe uburimyi, ku bijanye n’umugambi mushasha wa leta wo kunganisha imishahara ku bakozi bayikorera. Abo bakozi bagasaba ko imbere y’ukwo uyo mugambi uja mu ngiro, hobanza kuba isubirwamwo ry’imishahara muri ubwo bushikiranganji, abafise impamyabushobozi zingana bagahembwa amafranga angana, batarinze kubaca mu migwi nk’ukwo biri ubu.