Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/11/2019

Publié le 8 novembre 2019 par Rédaction

I. Ku musi ugira uwa 18 abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu n’umushoferi wabo bashizwe mu mvuto, ivyabo n’ubu ntibiraja ahabona. Kugeza ubu baracari mw’ibohero rikuru ry’i Bubanza. Uburongozi bw’ikinyamakuru Iwacu bwameyesheje ko bwunguruje inyuma yaho icariho c’umushikirizamanza w’i Bubanza Jean Marie Vianney NTAMIKEVYO  abashizeko icaha co gufatanya n’abashaka guhungabanya umutekano mu gihugu. Christine Kamikazi, Agnès NDIRUBUSA, Thérence MPOZENZI, Egide HARERIMANA na Adolphe MASABARAKIZA. Bahagaritswe itariki 22 Gitugutu bagana muri komine Musigati gutohoza inkuru zijanye n’imishamirano hagati y’umugwi witwaje ibigwanisho n’abajejwe umutekano. Kuva ico gihe, abatari bake baraneguye ifatwa ryabo. Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru, abaharanira  agateka ka zina muntu, eka n’abanyepolitike mu gihugu n’amakungu basavye ko borekurwa kandi atagisabwe. Murabo harimwo ishirahamwe rirwanya isesagurwa ry’amatungo ya leta OLUCOME. Gabriel RUFYIRI arongoye iryo shirahamwe, mw’itangazo yasohoye aratangazwa n’ingingo y’ubutungane yo gufunga abo bamenyeshamakuru, mu gihe himirije ibihe vy’amatora.

II. Uwurongoye Ikigo CNC kijejwe gucungera ingene ibinyamakuru bikora mu burundi Nestor Bankumukunzi yategerezwa gukingira abamenyeshamakuru , atari uko ni atange imihoho’’ ivyo bishikirizwa na Athanase Karayenga Umuhinga mu vyo kumenyesha amakuru. N’inyuma yaho Nestor Bankumukunzi avuze ko ataramenya igituma abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru Iwacu n’umudereva wabo bafunzwe  haraheze indwi zibiri. Kubwa Athanase Karayenga ngo uwo arongoye urwego CNC yategerezwa kwishikira mu ntara ya Bubanza vuba na vuba akaraba uko abo bamenyeshamakuru bamerewe.

III. Abantu mirongo itatu na batandatu (36) barishwe muri bo harimwo abagore babiri, abana babiri n’uruhinja. Ivyo n’ibiri mu cegeranyo co mukwezi kw’icumi c’umuhari Iteka. Ico cegeranyo gishira kandi ahabona abantu cumi na babiri bakubaguwe, mirongo itanu na babiri na bo barahagarikwa hadakurikijwe amategeko. Bamwe  mu bajejwe umutekano , abo mu ntwaro n’urwaruka rw’imbonerakure bakaba badomwako urutoke muri ubwo bubisha.

IV. Ukwigenga k’ubutungane bw’Uburundi buracari kure nk’ukwezi, kubera buca imanza zidafatiye ku vyemezo canke ku mategeko. Ivyo n’ibiri mu mwihwezo wakozwe n’ishirahamwe ACAT-BURUNDI, rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, mu rubanza RCPA 4162 rwahuza umushikirizamanza hamwe na Germain Rukuki asanzwe akurikiranwa ku caha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumusi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT Burundi aratwereka utunenge twagiye turaboneka dutuma iryo shirahamwe ACAT rivuga ko ubutungane butigenga.

V. Impunzi ziri mw’ ikambi ya NYARUGUSU muri Tanzaniya zirabandanya kuburabuzwa. Abunguruza abantu ku makinga ntibagifise uburenganzira bwo gukora ako kazi. Mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu, igipolisi kirikumwe n’abajejwe umutekano mw’ikambi bita abasungusungu bazindutse bafata amakinga yunguruza abantu. Izo mpunzi zikabonako iyo ngingo, uretse gukandamiza impunzi, izotuma ibiciro vy’ibidandazwa biduga kuko abadandaza bakoresha ayo makinga mu kurangura n’ukwiyunguruza.

Ibindi bisa n'ibi