Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 09/11/2019

Publié le 9 novembre 2019 par Rédaction

I. Umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho woba uriko urategurwa kugira ugire ibitero mu ntara ya Rutana. Amakuru ava mu biro vy’iperereza, yemeza ko abakozi b’iperereza barenga cumi bari muri Tanzaniya bahamagawe muri ico gikorwa. Intumbero ngo niyo kwagiriza no gushira ico gitero kuri bamwe mu ndongozi z’umugambwe CNL na bamwe mu bamaze kwiyemerera ko barongoye imihari irwana.

II. Abanyagihugu  bo ku murwa mukuru w’intara ya Rutana barerekana amakenga bafise kuva aho hibonekereje ibiziga vy’abantu bitorwa abo bantu bagasanga batazwi kandi n’abajejwe intwaro bakihutira kubahamba. Abanyagihugu bo ku murwa mukuru w’intara ya Rutana bakavuga ko abo bantu boba bicirwa ahandi bakaza gutabwa aho batomenyekana.

III. Uwurongoye umuhari w’agateka ka muntu Iteka abona ko ata kiziga gitowe ahantu categerezwa gufubwa hatabanje kuba amatohoza.

IV. Uno musi ugize 19 abamenyeshamakuru bane bikinyamakuru Iwacu n’umushoferi wabo bafunzwe. Christine Kamikazi ; Agnès Ndirubusa ; Térence Mpozenzi ; Egide Harerimana, Adolphe MASABARAKIZA bafashwe italiki 22 z’ukw’icumi bagiye gutohoza amakuru ku vyerekeye inrwano yariko ihuza abitwaje ibirwanisho  n’abajejwe umutekano  i Musigati mu ntara ya Bubanza. Bagirizwa gukorana n’abahungabanya umutekano w’igihugu. Kw’igenekerezo rya 31 sentare nkuru y’intara ya Bubanza niho yafata ingingo yo kubagumiza mw’ibohero. Ikinyamakuru Iwacu caciye kimenyesha ko kigiye kwunguruza. Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru ; amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ; abanyepolitike ku rwego rw’igihugu no ku rwego mpuzamakungu ntibahengeshanya kwiyamiriza iryo fungwa. Basabako abo bamenyeshamakuru borekurwa atakirinze gusabwa.

V. Kuri uno wa gatandatu umugambwe Sahwanya Frodebu niho watora uwuzowuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka wa 2020. Léonce Ngendakumana icegera c’umukuru w’umugambwe akaba ariwe  yagomwe ngo azoserukire uyo mugambwe aho yaronse amajwi  mirongo umunani n’atanu kwijana akaba yari yahiganywe na Pierre Claver Nahimana umukuru w’uwo mugambwe aho yaronse amajwi mirongo ibiri n’umunani kw’ijana. Amatora y’umukuru w’igihugu akaba ategekanijwe kuba italiki 20 Rusama umwaka uza.

VI. Aya makuru tuyasozerera ku kigabane « Kw’isoko » nk’uko vyama bigenda ku misi ya gatandatu. Uno  musi tubabwira ibijanye n’itunganywa ryo  kwivuza ku mpunzi ziba mu bisagara vy’Urwanda inyuma  yaho hatangiwe  Mutuelle yo kwivurizako.

Ibindi bisa n'ibi