I. Hoba hariko harategurwa ibitero bizobera mu gisagara ca Bujumbura, na cane cane muri zone za Kinama na Kamenge. Inama yo gutegura ivyo bitero yabaye ku musi wa gatanu iremeshejwe na bamwe mu nzego z’umutekano nkuko vyemezwa na bamwe mu begereye ibiro vy’iperereza. Ivyo bitero bikaba bizoca vyegekwa ku batavuga rumwe na reta cane cane umugambwe CNL. Ivyo vyose bikaba biriko birakorwa mu mugambi wo kwigiza inyuma abatavuga rumwe na CNDD-FDD mu matora yo mu mwaka wa 2020. Mu makuru yacu y’ejo ku musi wa gatandatu tukaba twari twabashikirje ibijanye n’umugambi w’ibitero vyoba bitegekanijwe kubera mu ntara ya Rutana bikozwe n’abakozi b’iperereza babifashijwemwo n’Imbonerakure kugira babishire ku gatwe k’umugambwe CNL n’imigwi yitwaje ibigwanisho.
II. Icegera c’umukuru w’ umugambwe SAHWANYA FRODEBU Léonce NGENDAKUMANA yaraye atowe n’ikoraniro ry’umugambwe ngo azoserukire umugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu mu mwaka wa 2020. Ngo arizeye ko abarundi bazomuhunda amajwi na cane cane abipfuza ko ibintu bihinduka bakabaho mu mahoro bishira bakizana.
III. Kubijanye n’uko umugambwe Sahwanya FRODEBU uzoja hamwe n’iyindi migambwe mu kugira urunani, Leonce NGENDAKUMANA avuga ko uwo mukenyuro uri mu ntumbero y’ingene bazoja mu matora na cane cane mu kuja hamwe nabo basangiye urugamba rwo guharanira intwaro ibereye n’iterambere rya bose atari iry’akarwi kari ku rushi.
IV. Abantu indwi barishwe muri ino ndwi turiko turasozera muri bo umwe akaba asanzwe ari umunywanyi w’umugambwe MSD mu ntara ya Kayanza. Ivyo tubisanga mu cegeranyo ca SOS Torture gisohoka buri ndwi. Ico cegeranyo kikavuga kandi ihagarikwa ry’abantu 80 ridakurikije amategeko mu ntara ya Cibitoke.
V. Abanywanyi b’imigambwe CNDD-FDD na CNL bo ku mitumba ya Cagizo, Rabiro , Kinyuku na Wingoma muri komine ya Butihinda ntibarabana ryiza kuva kumusi wa 4 uheze, nkuko abanyagihugu bamwe bo kumisozi ya Kinyuku na Rabiro babivuga. Uko kurabana ribi kukaba kwaturutse ku rupfu rwa Sotaire Bumari arongoye umutumba wa Cagizo rwashitse mw’ ijoro ryo kuwa 6 Munyonyo. Bamwe mu banywanyi ba CNDD-FDD bo kuri iyo mitumba bakaba begeka urwo rupfu kuri bamwe mu banywanyi ba CNL bo ku musozi wa Cagizo, nkuko ayo makuru abandanya abimenyesha. Abajejwe umutekano bakaba barataye muri yompi abagabo babiri bayoboka umugambwe CNL aho ku mutumba wa Cagizo, bikekwa ko boba bafise uruhara muri urwo rupfu rwa Bumari nkuko ayo makuru abandanya avyemeza. Bamwe mu banyagihugu kuri iyo mitumba bakaba basaba abajejwe intwaro, abajejwe umutekano kuja hamwe batorere umuti w’ico cuka kibi.