I. Umwana w’umuhungu w’imyaka icenda yari asanzwe agendana ubumuga, azwi kw’izina rya Fabrice Iteriteka, wo ku musozi Gihororo muri komine Gatara, mu ntara ya Kayanza, yarishwe anizwe ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri. Inkuru ziva aho iryo bara ryabereye, zimenyesha ko uwo mwana yishwe n’abantu bataramenyekana mu gihe nyina wiwe yari yashoye ikawa kw’itonorero. Ni naho atashe yasanga ikiziga c’uwo mwana mu bitoke kiriko n’umugozi mw’izosi. Uwo mwana akaba yabana na nyina kwa sekuru avyara nyina. Mu gipolisi bavuga ko amatohoza yatanguye kugira hamenyekane abishe uwo mwana.
II. Umukuru w’iguhugu Evariste Ndayishimiye avuga ko yiteguriye kuganira n’umuntu wese canke umugwi mu ntumbero yo guteza imbere igihugu. Hari kuri uyu wa kabiri mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Kubwa Charles Nditije arongoye umugambwe Uprona utemewe n’ubutegetsi bwa Gitega, ibiganiro umukuru w’igihugu avuga ko vyuguruye birimwo agahaze. Ngo nk’ukwo vyakozwe mu bindi biganiro hoba ibiganiro bihuriwemwo bose kandi bigashika ku masezerano.
III. Muri ico kiganiro nyene, Evariste Ndayishimiye umukuru w’igihugu yemeje ko ubukene bw’amafaranga y’agaciro mu kigega ca leta ariyo ntandaro yo kubura igitoro mu gihugu. Ngo ntakundi vyogenda, agasaba abarundi kubaho mu buryo buke bwa leta mu kurindira ko haba kugwiza umwimbu kugira amafranga y’agaciro ashobore kuboneka mu Burundi. Evariste Ndayishimiye.
IV. Mu muhari MAP BURUNDI-BUHIRE, baratanganzwa n’ukwo umukuru w’igihugu abita ku banyagihugu ko ari bo batadugije umwimbu kugira haboneke amafranga y’agaciro. André Nikwigize, icegera c’uwurongoye uwo muhari, asigura ko leta ikwiye kwihutira imigambi yo gukura nyabuna abarundi mu bukene barimwo, harimwo kugabanya igitoro gikoreshwa n’inzego za leta.
V. Umuforoma umwe, abakozi babiri bakora isuku bo ku bitaro bikuru vya Makamba hamwe n’umwigeme yagirizwa gukorora inda, bari mu minwe y’igipolisi ku mugwa mukuru w’iyo ntara ya Makamba, kuva kuri uyu wa mbere. Bagirizwa gufasha gukorora inda yari hafi kuvuka uwo mwigeme. Uwujejwe intwaro n’ubutunzi hamwe n’umuyobozi w’ibitaro bakaba bariko barabazwa mu gipolisi kuva kuri uyu wa gatatu.
VI. Kw’ivuriro ritoyi ryo mu Kanyosha, mu gisagara ca Bujumbura, havugwa ubusuma bw’ibikoresho vy’iryo vuriro. Abakozi b’iryo vuriro bagiriza uwurirongoye ko afise uruhara mw’iyibwa ry’ibikoresho. Ipikipiki yokoreshwa mu bikorwa vy’iryo vuriro, ngo isigaye ikoreshwa mu guca amahera yinjira mu mufuko y’uwurongoye iryo vuriro. Abakozi basaba ubushikiranganji bakukira, gukemura ivyo bibazo ku neza y’abitura iryo vuriro.