Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 12/05/2022

Publié le 12 mai 2022 par Rédaction
I. Umukenyezi w’imyaka iri muri 60 azwi kw’izina rya Mariya Roza Ntiranyibagira, wo ku musozi Nyanza-Tubiri, zone Mparamirundi ya komine Busiga, yaraye yishwe acumiswe imbugita, mw’ijoro ryakeye kuri uwu wa kane. Inkuru ziva ku mutumba w’aho ico caha cabereye zimenyesha ko yishwe na muramuwe Gaspard Bizimana. Bikavugwa ko yoba yamwishe ku mvo z’uko mwenewabo ari na we mugabo w’uyo yishwe, yari yiciye igiti kiri mw’itongo ry’uwo Gaspard Bizimana, yagirizwa ubwo bwicanyi. Musitanteri wa komine Busiga, Joseph Nahimana agasaba abo arongoye kuvavanura n’ubukozi bw’ikibi mu kwihanira. Igipolisi kikaba catanguye kurondeza uwo mugabo ngo kuko agiheza gukora ico caha co kwica, yaciye atungwa n’ayo yameze.
II. Imvugo y’umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye ku kibazo c’ishirahamwe ONATEL isa n’iyirimwo ibihushane ku bijanye n’icatumye iryo shirahamwe rya leta ryo gutumatumanako amakuru rihomba. Hamwe avuga ko biva ku bakozi n’inama shingwantwaro bagiye bariha uburusho kugeza aho basanga bariye inyungu n’umutahe vy’ishirahamwe. Ku rundi ruhande, akavuga ko iryo shirahamwe ryahombeshejwe n’abagiye baragenwa ngo barirongore nabo bagaca baheza bagaha akazi incuti zabo hamwe n’abo mu migambwe baje bavamwo. Ivyo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yabishikirije kuri uyu wa kabiri uheze, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru.
III. Umukuru w’igihugu ntiyarakwiye gufatira mu kivunga ibituma ishirahamwe ONATEL ritagikora neza. Bishikirizwa na Eulalie Nibizi, yigeze kuba icegera c’uwurongoye urunani rw’amasendika y’abakozi COSYBU. Ku bwiwe, leta yarikwiye gukora isuzuma ryatumye iryo shirahamwe rihomba, mu kuraba uruhara rw’umwe umwe wese na cane cane Inama nshingamateka isanzwe ifise igikorwa co kwitwararika amatungo  y’abanyagihugu, hagutera ubwoba abakozi b’iryo shirahamwe.
IV. Abakozi b’ishirahamwe rihingura isukari SOSUMO ntibazi ko ari abakozi ba Leta. Vyashikirijwe kandi na Evariste Ndayishimiye, umukuru w’igihugu, muri ico kiganiro yaremesheje ku bamenyeshamakuru ku musi wa kabiri. Yavuze ko atumva ingene iryo shirahamwe rishobora kwitwarira urwego rwa Leta nka OBR, kandi inyungu SOSUMO ironka ari iya Leta.
V. N’ibisanzwe ko ishirahamwe ryaba irya leta canke iry’abikorera ivyabo ryitwarira irindi kuko ishirahamwe ryose riba rifise amategeko arigenga. Uko niko umushingwamanza Yves Runyagu, umuhinga mu bijanye n’amategeko agenga urudandazwa, abisigura inyuma yaho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avugiye ko adatahura ingene ishirahamwe rya leta ryitwarira irindi. Uyo muhinga avuga ko uko kudatahura kumwe amategeko y’Uburundi bishobora kubera intambamyi abacamanza mu mwuga wabo.
VI. Mu gihe amakungu ahimbaza kuri uyu wa 12 rusama, umunsi wahariwe abaforoma kw’isi, Sendika y’abaforoma b’i Burundi SYNAPA irakeza abaforoma ku gikorwa bakora ku munsi ku munsi, ariko ikababazwa n’ukwo uwo mwuga utigera utera imbere mu Burundi. Mélance Hakizimana arongoye SYNAPA asaba leta gushiraho urwego rw’abaforoma n’ugushiraho ubuyobozi bubaserukira mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu.
VII. Igikorwa co kwandika ama moto, amakinga n’ama tuktuk y’abikorera utwabo ku giti cabo caranzwe n’amahinyu menshi. Ivyo bishikirizwa na Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, hari mu nama yagiranye kuri uyu wa kane n’abajejwe intwaro mu gisagara ca Bujumbura, kugira barabe uko rusansuma y’ivyo vyuma yagenze. Umushikiranganji Ndirakobuca akabona nyabuna ko rusansuma yakozwe vyibonekeza ko hari n’ibindi vyuma vyasubiye kwandikishwa kandi bisanzwe vyarankiwe gukoreshwa mu gisagara hagati ca Bujumbura.
VIII. Abanyagihugu bo mu ntara ya Rumonge baridogera ishirahamwe REGIDESO. Bavuga ko iminsi igire ikwire itanu batagira umuyagankuba. Bakabona ko uruhombo ari runini. Basaba REGIDESO gutorera umuti ico kibazo.

Ibindi bisa n'ibi