I. Icegera c’uwurongoye ihuriro ry’amashirahamwe y’ubudandaji n’amahinguriro yaraye akuwe ku rutonde rw’aba Candidat baharanira ikibanza co kurongora CFCIB. Iyo ngingo yafashwe n’urwego rujejwe gucungera iyubahirizwa ry’amategeko muri iryo huriro, ari rwo conseil de surveillance mu gifaransa. Gynette Karirekinyana yakuwe inyuma yaho yitwariwe n’uwuramutswa CFCIB muri kino gihe, amuhora ko yandikiye umukuru w’igihugu amushikiriza ibirego ku wo bahiganwa, umushingamateka Olivier Suguru, amwagiriza kuba ari mu mabanga adahuye no kurongora iryo huriro ry’amashirahamwe y’ubudandaji n’amahinguriro. Iryo kurwa ribaye uwo yandikiye umukuru w’igihugu atararonka inyishu y’aho umukuru w’igihugu ahagaze ku makenga yerekanye, mu gihe Olivier Suguru yohabwa kurongora CFCIB. Mwomenya ko uwo mushingamateka ari we wenyene asigaye ku rutonde rw’abitoza muri ico kibanza.
II. Abanyagihugu baba muri zone Kajaga bariko baraturatura kubera ingo zabo zatewe n’amazi y’ikiyaga Tanganyika. Ababa hafi ya zone Kajaga barahunze, ubu bakaba batakigira ayo bacira n’ayo bamira. Basaba abategetsi kubagarukirako.
III. Ibiharuro vy’abana baheba ishuri mu ntara ya Ruyigi bisigaye ari umurengera. Bigaca vyunyuka ugeze ku bana bo mu mwaka wa mbere. Ivyo uwurongoye indero mu ntara akabisigura avuga ko ari ukutamenya kw’abavyeyi, n’ubukene mu miryango. Onesphore Nsabiyumva, umuyobozi w’indero muri iyo ntara, asaba ko abana basubira kugaburirwa mu mashuri aho mu Ruyigi.
IV. Kubwa Eulalie Nibizi, akurikiranira hafi ibibazo bijanye n’indero mu Burundi, kugaburira abana kw’ishuri vyonyene ntibikwiye kugira ntibasubire guheba amashuri. Harakenewe izindi ngingo zotuma abana bumva ko bafashwe neza.
V. Umuyobozi w’ibohero ntawundi ategerezwa gusaba uruhusha kugira arungike General Major Celestin Ndayisaba batazira Kibadashi, kugira aje kwa muganga kwivuza. Bisigurwa na Jean Claude Ntiburumusi, ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe rukristu ryishinze kurwanya ihohotera rya kiremwa muntu mu Burundi ACAT-Burundi. Ku bwiwe, kubuza abanyororo kuja kwivuza bakurikiranwa ku vyaha bifitaniye isano na politike bimaze igihe bikorwa n’abarongoye amabohero, kandi amategeko abarekurira gutanga uruhusha ku muntu amagara akitse, ngo aje kwivuza. Agasaba ko uyo munyororo yohabwa uburenganzira bwo kwivuza nk’uko amategeko abivuga.
VI. Abakozi bose bakorera mu gisagara c’ubutunzi ca Bujumbura bahamagarirwa kugira inguvu mu kazi kugira bagwize umwimbu. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’abakozi n’akazi Thaddée Ndikumana, mu rugendo yagize mu gisagara ca Bujumbura kuri uno munsi wa gatanu, aho yagiranye inama n’abakozi b’igisagara ca Bujumbura. Umushikiranganji asigura ko bagiye kubandanya bakorana n’abajejwe igisagara, kugira batorere inyishu ibibazo vy’abakozi hisunzwe amategeko abagenga.