Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 21/05/2022

Publié le 21 mai 2022 par Rédaction
I. Félix Antoine Tshisekedi aritezwe mu Burundi kuri uno wa gatandatu i Bujumbura mu rugendo rw’imisi itatu. Vyari bitegekanijwe ko ashika isaha zitanu ariko gushika igihe c’isaha cumi na zibiri ntiyari bwashike ku kibuga c’indege ca Bujumbura. Buzoba bubaye ubugira kabiri umukuru w’igihugu ca Congo iharanira demokarasi agendeye Uburundi. Urugendo rwiwe rubaye inyuma y’amezi abiri gusa ico gihugu cinjiye mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko. Iyinjira rya Congo iharanira demokarasi muri EAC ryatumye hatanguzwa ibiganiro vyo kugarukana akarere muri uwo muryango, biciye mu kuganira n’abari mu migwi y’aba reberi bagwiriye ku butaka kwa Congo. Ico kibazo kikaba gishobora kutazoba mu vyo Felix Tshisekedi azoganira na mugenzi we w’Uburundi Evariste Ndayishimiye.
II. Ngo haracari kare kugira umutekano ugaruke ku butaka bw’igihugu ca republika iharanira intwaro rusangi ya Congo inyuma y’ibiganiro vyabereye mu gihugu ca Kenya. Uyo n’umwihwezo wa Reagan Miviri, umushakashatsi mu bijanye n’umutekano mu karere ka Kivu mu gihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi. Uyo mushakashatsi avuga ko igikenewe kugira amahoro agaruke muri ako karere ka Kivu y’amaja epfo, ari uko ababifisemwo uruhara bose bakwiye gukora ico biyemeje kugira amahoro ashobore kuboneka nk’ukwo babiganiriye.
III. Ishirahamwe Swissmed International ari na ryo rifise umutahe munini mu bitaro Kira Hospital rirarajwe ishinga n’ifungwa rya muganga Christophe Sahabo yahoze arongoye ivyo bitaro. Mu rwandiko abashingwamanza b’iryo shirahamwe bandikiye uwurongoye urwego nshingwantwaro rwa Kira Hospital, Charles Ndagijimana, bavuga ko ipfungwa rya Christophe Sahabo riciye kubiri n’amategeko. Basaba nyabuna ko yorekurwa mu maguru masha.
IV. Imyidogo ni myinshi ku banyagihugu bo muri komine Matana na komine Rutovu, mu ntara ya Bururi. Bagiriza umugambwe CNDD-FDD kuba uriko utoza intererano yo kwubaka ingoro y’intara ku nguvu. Bagasaba abarongoye intara kurabira hafi ico kibazo.
V. Haribonekeza mu ntara y’indero ya Kayanza ingeso y’ugutwara inda ku bana b’abakobwa biga mu mashure shingiro n’ay’inyuma y’ishure shingiro. Mu gice ca kabiri c’umwaka w’ishure wa 2021-2022 hatwaye inda abashika 47. Mu buyobozi bw’indero bakavuga ko ico kibazo kibaraje ishinga, bagahamagarira abavyeyi gusubira kuri ya ndero yo ku ziko bakigisha abana babo ivyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza, kugira ngo inda z’indaro zigabanuke mu mashure.
VI. Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwaratanguje icese kuri uyu wa gatanu, isekeza ry’uguhemba abarimyi b’ikawa ryo mu mwaka w’ibihumbi bibiri na mirongo ibiri na kabiri ushira ibihumbi bibiri na mirongo ibiri na gatatu, ico gikorwa kikaba catangujwe ku cicaro c’ishirahamwe ODECA mu ntara ya Ngozi. Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema akaba yashimye intambwe igiterwa c’ikawa kigezeko mu Burundi, yongera anamenyesha ko abarimyi b’ikawa bagiye kubona akarusho kiyongereye ku mafranga bahora bahembwa ku kiro c’ikawa bagurishije.
VII. Inyuma y’igitero c’aba El Shabab mu gihugu ca Somalie, igitero cahitanye abasirikare b’abarundi, imiryango y’abo basirikare iri mu mwiheburo munini. Ikigabane Kw’isôko c’uno munsi, kiza gushimikira ku ngaruka mbi zishikira imiryango y’ababuze, dufatiye ku gacerere k’igisirikare c’Uburundi ku vyabaye.

Ibindi bisa n'ibi