I. Umudereva w’ipikipiki yaritavye Imana anizwe n’abantu bataramenyekana, mu gitondo co kuri uyu w’Imana, aho bita mu Cogo muri komine Mugamba, intara ya Bururi. Tuyisenge Éloi asanzwe akorera akazi ko kugendesha ipikipiki ku mugwa mukuru wa komine Buyengero. Abamutoye basanze atakigira ubwenge, baca bamunyarukana mu bitaro vyo ku mugwa mukuru wa komine Matana ariko yaciye acikana.
II. Kuri iyi taliki 23 rusama imyaka indwi iraheze hagandaguwe uwararongoye umugambwe UPD-Zigamibanga Zedi Feruzi, hamwe n’umwe mu bamucungera umutekano. Gushika ubu nta kintu na kimwe kirakorwa n’abategetsi kugira ababishe bamenyekane. Bimenyeshwa na Chauvineau Mugwengezo umukuru wuwo mugambwe. Ntakekeranya k’ubwo bwicanyi bwagizwe n’inzego za leta. Asaba amatohoza yigenga kuri ubwo bwicanyi.
III. Ibirori vyo guhimbaza isabukuru igira gatatu y’umugambwe CNL vyaraburabujwe kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 22 rusama, muri komine Kibago mu ntara ya Makamba. Musitanteri w’iyo komine yavyanse asigurako ko ivyo bikorwa vyitabwe n’abandi banywanyi bo mu yandi ma komine.
IV. Imyidogo ni myinshi mu basirikare b’Uburundi bo muri bataillon za 60 na 61 bari bagiye kugarukana amahoro muri Somaliya mu rwego ATMIS. Bariko baragomborwa mu gihe baheraniwe amafranga y’agashirukabute ka ATMIS k’amezi icumi. Abo basirikare basaba ubumwe bwa Afrika kubishuriza.
V. Ahandi havugwa imyidogo ni mu banyagihugu baba ku misozi ya Kirema na Musave, mu gisagara ca Kayanza. Ikaba iterwa n’uko bagabishijwe n’abarongoye komine Kayanza ko ata kintu na kimwe bazosubira kubaza mu biro vyose vya komine, mu gihe batoriha ikori ry’agataka. Abo banyagihugu bakabona ko ari ingingo ije kubakandamiza. Bagasigura ko itegeko ribatangisha iryo kori batigeze barisigurirwa. Basaba abarongoye komine Kayanza kubanza kubangira, bagasigurirwa ivy’iryo kori.
VI. Umukuru w’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo yasozereye urugendo rw’iminsi itatu yaramaze mu Burundi. Imbere y’ukwo asubira i Kinshasa, Félix-Antoine Tshisekedi yiyemeje kubandanya gukomeza imigenderanire n’uguhuza ababa muri ibi bihugu bibiri. Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, yashimiye mugenziwe ku ruhara ariko aragira mu ntumbero yo gutsimbataza umutekano, na cane cane biciye mu biganiro Tshisekedi yatanguye kugiranira n’imigwi yitwaje ibirwanisho mu gihugu ca Congo.
VII. Inama nshingamateka isabwa kwemeza amafranga leta izokoresha ifatiye ku bukene igihugu kirimwo mu kugabanya ayakoreshwa mu bisata bitandukanye vya leta. Vyashikirijwe na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME, ryishinze kugwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Leta, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere. Ibishikirije mu gihe uno musi inama nshikiranganji yemeje integuro y’itegeko rigenga amafranga leta izokoresha mu mwaka 2022-2023.
VIII. Impunzi 14 zagiriwe amabi atandukanye kuva mu mwaka wa 2015 ni zo zigiye guhabwa inyigisho zo kwiteza imbere n’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, MFFPS. Muri abo, bane bazohabwa imitahe kugira bagire urudandazwa rubafasha kwiteza imbere. Bivugwa na Me Jeanne D’arc Zaninyana arongoye uyo muhari. Akavuga ko ico ari igikorwa c’umuhari w’abakenyezi n’abigeme kiri mu vyo bihaye kuva mu ntango z’uyu mwaka wa 2022 mu mugambi wabo wo kugwanya amabi afatiye ku gistina no gushigikira abahohotewe.
IX. Amaritiro arenga 145 y’inzoga zitemewe n’amategeko Umuraha na Kanyanga, yarafashwe n’igipolisi ku musi w’Imana mu mihana 4, yo ku mutumba Rugari, zone Rugari ya komine n’intara ya Muyinga. Bimenyeshwa n’amakuru atandukanye ava aho kuri uwo mutumba. Ku bagabo 4 bafatanywe izo nzoga zitemewe n’amategeko, batatu barahagaritswe n’igipolisi mu ntumbero yo kubagirako amatohohoza. Uwugira kane na we akaba yaciye ahunga, nk’ukwo ayo makuru abandanya abimenyesha. Bamwe mu banyagihugu baba ku mutumba wa Rugari bakemeza ko izo nzoga bamwe mu bazindadaza bazikura mu gihugu ca Tanzaniya gihana urubibe na zone Rugari, bakazidandaza bakingiwe ikibaba n’abatware bamwe bamwe barongoye intwaro ku nzego zo hasi bafumbatishwa.
X. Imigwi ya Flambeau du Centre na Bumamuru mu mupira w’amaguru ni yo izohurira mu rukino rwa nyuma italiki 11 ukwezi kwa gatandatu mu gikombe c’umukuru w’igihugu. Muri basketball naho, ihiganwa ry’Uburundi bwose kuri uno w’Imana ni ho ryasozera umusi wa gatatu. Umugwi wa Gymkhana ni wo uri mu kibanza ca mbere.