Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 25/05/2022

Publié le 25 mai 2022 par Rédaction
I. Buramatari w’intara ya Cibitoke yatanze itegeko ko ata muntu yosubira kubaga inyama z’inka kuko hamaze kwibonekeza indwara mu bitungwa haraheze indwi. Carême Bizoza avuga ko ari mu ntumbero yo gukingira abanyagihugu kugira iyo ndwara yafashe ivyo bitungwa ntihave yandukiza abanyagihugu. Aragabisha uwutazokwubahiriza iyo ngingo ko azohanwa n’amategeko. Akongera agasaba abajejwe intwaro n’igipolisi gukurikirana iyubahirizwa ry’iyo ngingo. Ivyo bikaba vyemezwa n’abarongoye uburimyi n’ubworozi muri iyo ntara, ko mu kiringo kitarenga indwi imwe, inka 5 zimaze gufatwa hakaba hamaze gupfamwo 3. Bagasaba ko aborozi bopompa ivyo bitungwa vyabo kugira ntivyanduze ibindi bitungwa. Mu gihugu cose hamaze gupfa inka zirenga 460 nk’ukwo bimaze gushikirizwa n’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi.
II. Ku bijanye n’iyo ndwara y’ibitungwa nyene, umushikiranganji w’ubworozi arahanura abanyagihugu baba mu ntara zimaze kwibonekezamwo inka zatewe n’ako karanda ko batokwihereza inyama canke amata bizikomokako. Umushikiranganji Déo Guide Rurema amenyesha ko abahinga mu bijanye n’indwara z’ibitungwa bariko bararondera icokiza iyo ndwara itararonka umuti gushika uno munsi.
III. Inyishu umushikiranganji w’ikigega ca leta aherutse gutanga mu nama nshingamateka itandukanye n’intumbero umukuru w’igihugu yashikirije mu gusaba inzego z’igihugu gukorera mu muco mu bijanye n’uburyo bwa leta. Ivyo bishikirizwa n’uwurongoye PARCEM, ishirahamwe ryiyemeje gukangurira abarundi guhindura ingendo. Faustin Ndikumana anegura ukugene umushikiranganji Domitien Ndihokubwayo yubahutse kubwira inama nshingamateka kuri uno wa mbere, ko amafranga yinjira mu kigega ca leta azananye mu basirikare bagiye kugarukana amahoro muri Somalia na Centrafrika ari ibanga ritovugirwa mu nama nshingamateka.
IV. Ku bijanye n’amafranga ya leta adakoreshwa mu muco, Faustin Ndikumana arongoye PARCEM aratanga ingingo umunani ngenderwako kugira ikoreshwa ry’amafranga ya leta ribe ku mugaragaro. Muri izo, harimwo itunganywa ry’ivyegeranyo buri mezi atatu hamwe n’itunganywa rishasha ry’ingene ayo mafranga akoreshwa.
V. Umwaka uraheze Charles Hamenyimana aturuka muri komine Mabanda, mu ntara ya Makamba yari umukukuruke mu gisirikare ca kera abuzwe irengero. Charles Hamenyimana akaba yanyurujwe n’abantu bambaye impuzu z’igipolisi batashoboye kumenyekana. Abo mu muryango wiwe bagasaba ko hoba amatohoza kugira ngo abanyuruje uwabo bamenyekane.
VI. Hari umurundikazi w’impunzi yahungiye mu gihugu ca Tanzania mw’ikambi ya Nyarugusu apfunzwe kuva ku musi wa kabiri w’indwi iheze, igenekerezo rya 17 rusama. Azira kuba yarakiriye abasengezana biwe batatu bari barahungutse hanyuma basubira guhunga kuko bari bahunguwe ku gahato. Abapolisi bamutegeka guhunguka ku nguvu nawe akanka, ari na co gituma gushika ubu ari mu buroko. Gushika ubu ngo ntazi iyo abasengezana biwe bari.

Ibindi bisa n'ibi