Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 26/05/2022

Publié le 26 mai 2022 par Rédaction
I. Ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru ONATEL ryarakoze birashimwa mu myaka y’imbere ya 2009. Iryo shirahamwe ryaranafasha leta mu gihe habaye ikibazo c’uburyo, kuko ryari rihagaze neza. Ivyo biri mu rwandiko rw’impapuro 10 rwanditswe n’abakozi ba ONATEL aho berekana ingene ryagiye rirakora kuva rishingwa mu mwaka wa 1979 kugeza ubu. Ivyo bigatandukana n’imvugo y’abategetsi b’uyu musi bagiriza abarirongoye kuba bararihombeje, gushika aho barya umutahe n’inyungu.
II. Inama nshingamateka iserukira abanyagihugu, integuro y’itegeko ije barayiga bakayihinyanyura ku neza y’abanyagihugu, ntibatamikwa ijambo ngo barihezagire. Bivugwa na Frederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu. Ni inyuma yaho umushikiranganji w’ikigega ca leta Domitien Ndihokubwayo asavye kuri uyu wa mbere inama nshingamateka ngo ihezagire vyihuta integuro y’itegeko ryerekana ingene amafranga leta yategekanije umwaka wa 2021-2022 yakoreshejwe. Kubwa Frederiko Bamvuginyumvira, inama nshingamateka iriko ikorera mu kwaha kw’umugambwe uri ku butegetsi.
III. Amashirahamwe mirongo ibiri adaharanira ivyicaro vya politike aranegura yivuye inyuma ibikorwa vyaranguwe n’umugwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira CVR. Mu mwihwezo ayo mashirahamwe yakoze, arerekana ko abagize uyo mugwi ari abantu batigenga na gato. Ikindi cerekana ko uyo mugwi wakoze nabi amatohoza ni uko washatse kumenya ivyabaye mu mwaka wa 1972 gusa, kandi igikorwa cawo cari guhera kuva Uburundi bwikukiye gushika mu mwaka wa 2008 igihe umuhari Palipehutu watera igikumu ku masezerano yo guhagarika intambara. Appolonie Simbizi wo mwishirahamwe ABC Canada rimwe mu mashirahamwe yakoze uyo mwihwezo.
IV. Ayo mashirahamwe aratangazwa kandi no kubona umugwi CVR wihutiye kuvuga ko ubwicanyi bwabaye mu 1972 ari ihonyabwoko ryakorewe abahutu, mu gihe hapfuye abantu bo mu bwoko bwose. Ikindi na co ngo amatohoza y’umugwi CVR yabaye mu gihe mu gihugu hari umutekano muke. Ivyo na vyo bikaba vyatumye abantu batinya kuvuga ukuri.
V. Abakirisu bo kw’isi bahimbaje kuri uyu wa 26 Rusama umusi w’iyurira mw’ijuru rya Yezu Kristu. Mu nkuka ya misa yaherejwe kuri uyu musi mu gisagara ca Bujumbura, Padiri Agathon Gahungu yabwiye abakristu ko uyu musi ari ubutumwa ku bantu bakiri kuri iyi si bose gukora ineza aho umwe wese aherereye. Yasavye abakristu bari aho, gutegura icegeranyo ciza bakiri kuri iyi si umwe wese azoserukana imbere y’Imana, umusi yarangije ubuzima ngaha.

Ibindi bisa n'ibi