Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 03/06/2022

Publié le 3 juin 2022 par Rédaction
I. Ugukatwa amafranga y’umukando wo ku ruhande (pension complémentaire) ku bakozi ba ONATEL, kwishura amadeni ntaheze ngo ashikirizwe bene yo, vyarateranije abo bakozi n’amabanki bari babitsemwo amafranga y’integabizoza. Ivyo bibonekera cane cane mu kigega cahoze citwa Fond de Promotion de l’Habitat Urbain. Ayo bari babitse yo kwitegekaniriza kazoza ico kigega cahavuye kiyiriha.
II. Ishirahamwe Lacell ryo gutumatumanako amakuru rishobora kutongerwa uruhusha rwo kubandanya rikorera mu Burundi. Mw’itangazo ARCT yasohoye kuri uyu wa kane, urwo rwego rugenzura ivyo gutumatumanako amakuru rumenyesha ko iryo shirahamwe ryasabwe kubanza kuriha amadeni riheraniye leta y’Uburundi kugira ryongererezwe ikiringo co gukora. Ico kiringo kizohera muri Mukakaro uyu mwaka ariko iryo shirahamwe Lacell naho ryari ryemeye kuriha iryo deni, n’ubu ntirirayatanga nk’ukwo iryo tangazo rya ARCT ribandanya ribivuga.
III. Hari imyidogo mu banyagihugu bo muri komine Vyanda mu ntara ya Bururi. Bagiriza musitanteri w’iyo komine kunyuruza isukari. Yoba yatanze itegeko kuri uyu wa kane ko ku musozi umwe umwe ugize iyo komine, hatangwa umufuko umwe gusa kandi abayihabwa bo bemeza ko bagenewe imifuko ibiri.
IV. Ahandi hari imyidogo ni mu bagendesha imodoka bo mu ntara ya Muyinga. Bariyamiriza ivyo bita akajagari mw’itangwa ry’igitoro co mu bwoko bwa Essence canke Mazout. Ivyo biba mu gihe cabonetse ku ma stations y’ibitoro nk’ukwo bamwe mu bafise ivyuma bikoresha ibitoro babishikiriza.
V. Kuri uyu wa 3 Ruheshi n’umusi mpuzamakungu wahariwe ubugaru. Mu Burundi, abana bagera ku 600 ni bo bavurwa indwara y’ubugaru ku mwaka, nk’ukwo bivugwa n’urunani rw’ibigo vy’abagendana ubumuga mu Burundi. Ladislas Butoyi ajejwe umugambi wo kuvura ubugaru mu Burundi, avuga ko ubugaru buvurwa bugakira iyo umwana avujwe hakiri kare. Agasaba abavyeyi kwitura ivyo bigo hakiri kare, mu gihe babonye abana babo berekana ibimenyetso vy’ubugaru.
VI. Urukino rwa kabiri rwo mu mugwi ‘’A’’ rwahuje Uburundi n’Urwanda kuri uyu wa gatanu  rwaheze Uburundi butahukanye intsinzi y’ibitsindo bibiri kuri kimwe c’Urwanda.  Ni mu nkino za CECAFA ziriko zibera muri Ouganda zihuza imigwi nserukira bihugu y’abigeme. Mu gice ca mbere, iyo migwi yari yanganije igitsindo kimwe ku kindi. Uburundi ni bwo bwatanguye gutsinda. Iyo ntsinzi itumye Uburundi bushika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, Urwanda narwo rukaba rusigaje urukino rumwe na Djibouti rugaca rusubira i muhira.  Mu rukino rwa nyuma rwo kugwanira ikibanza ca mbere mu mugwi ‘’A’’, hazoca uwambaye hagati ya Ouganda n’Uburundi ku musi w’Imana.
VII. Mu bagabo naho, Uburundi buzotana mu mitwe na Namibiya mu ntumbero yo kurondera ibihugu bizitabira igikombe ca Afrika c’umupira w’amaguru, kizobera muri Côte d’Ivoire mu mwaka wa 2023. Urukino ruzoba kuri uyu wa gatandatu. Igihe Uburundi bwokura intsinzi muri urwo rukino, buzoba buriko butera intwambwe yo kuja muri izo nkino. Bwoba bufise amahirwe angana gute muri urwo rukino ?

Ibindi bisa n'ibi