Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/06/2022

Publié le 4 juin 2022 par Rédaction
I. Ubugizi bwa nabi bumaze iminsi bwibonekeza muri komine Nyanza-Lac burateye umutima uhagaze abanyagihugu. Mu kiringo kitarenze indwi imwe gusa, hakaba haratowe ibiziga bine muri iyo komine.
II. Isukari ibandanya kuba umuzi w’ibuye mu ntara ya Kayanza. Mu mezi abiri yose aheze, isukari yabonetse rimwe gusa. Kandi abashoboye kuyironka ntibarengeje ikiro kimwe. Ubu rero nta cayi abana bakironka imbere y’ukuja kw’ishure, co kimwe no mu mazu y’uburiro, naho nyene nta cayi kikiharangwa. Abaganiriye na radiyo Inzamba basaba leta guha uburenganzira abagwizatunga kwinjiza isukari mu gihugu, kugira ico kibazo gitorerwe inyishu. Bamwe mu banyagihugu baganiriye na radiyo Inzamba.
III. Amakenga ni menshi mu mpunzi z’abarundi ziri mw’ikambi y’i Nduta iri mu gihugu ca Tanzaniya. Bigaterwa n’uko batakivurwa neza nk’uko vyahora. Nk’ukwo umwe mu mpunzi yaganiriye na radiyo Inzamba abivuga, ivyo bigaterwa n’uko ata miti n’ibikoresho vya nkenerwa baronka. Izo mpunzi zigasaba ishirahamwe MSF ryari risanzwe ryitaho amagara y’impunzi kubagarukira amazi atararenga inkombe.
IV. Umugwi w’igihugu ca Namibie n’uw’Uburundi batandukanye banganije igitsindo kimwe ku kindi. Igitsindo ca Namibie cinjijwe mu mwanya w’igice ca mbere na Peter Shalulile, umukinyi yatsinze ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ry’igihugu ca Africa y’epfo. Igitsindo c’Uburundi cinjijwe mu mpera z’urukino biciye ku mukinyi wo hagati Bonfils Caleb. Ariko uyo mukinyi yaronse ikarata itukura akaba atazokina urukino rw’italiki ya 9 za kuno kwezi, mu rukino ruzohuza Uburundi na Cameroun.
V. Mu kiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi, tubabwira ibijanye n’amatongo n’imizibukiro mu Burundi.

Ibindi bisa n'ibi