Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 06/06/2022

Publié le 6 juin 2022 par Rédaction
I. Umugambwe CNL arababazwa na ka mwana wa mama gakoreshwa n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD mu gutanga ubuzi bwa leta. Agathon Rwasa awurongoye yabishikirije kuri uyu w’Imana muri komine Gihanga mu ntara ya Bubanza, mu gihe yari yagiye kwifatanya n’abanywanyi biwe guhimbaza imyaka itatu umugambwe CNL umaze utanguye gukorera ku mugaragaro. Ivyo ngo biri mu vyatumye igihugu kigwa mu kaga, agasaba abategetsi kuvavanura n’iyo ngendo, hagatangwa ubuzi hisunzwe ubumenyi n’ubushobozi.
II. Ikibazo c’ubutunzi bw’ishirahamwe ONATEL, leta yakimenyeshejwe itewe akamo n’abakozi b’iryo shirahamwe basaba ko leta yogira ico ikoze, kuva mu mwaka wa 2014. Ariko akamo leta y’Uburundi yatewe yabaye nk’iyikihoza bituma n’ivyahuha bihuhuka mu gisata c’ubutunzi bwa ONATEL. Bimenyeshwa na André Nikwigize, umuhinga mu vy’ubutunzi akaba n’icegera c’uwurongoye umuhari MAP Burundi Buhire. Uwo muhinga mu vy’ubutunzi akababazwa no kubona n’ideni igihugu casavye ryo guteza imbere iryo shirahamwe ritabaye rigikoreshwa ico ryari ryasabiwe, nk’ukwo vyamenyeshejwe n’abakozi ba ONATEL.
III. André Nikwigize akavuga kandi ko leta hamwe koko yoba ishaka ko iryo shirahamwe ribandanya rikora, yoshiraho umugwi w’abahinga badasanzwe, biga ingene iryo shirahamwe rinagurwa. Atari ukwo, uruhombo rwa ONATEL ntihazoba hahomvye abarikoramwo gusa hazoba hahomvye Uburundi n’abarundi bose.
IV. Indwara ifata inka, impene n’intama iramaze kwibonekeza mu ntara ya Rumonge. Ni mu gihe iyo ndwara yari imaze kwibonekeza mu ntara ziri mu buraruko bw’igihugu na cane cane mu ntara za Kirundo, Ngozi na Muyinga. Amakuru ava mu Rumonge, avuga ko hari ibitungwa biguma vyiyerereza, ivyo bigatera umutima uhagaze abanyagihugu batari bake, aho basaba ko hoba ikingirwa ry’ivyo bitungwa. Bagasaba ko ababijejwe bofata ingingo zituma ivyo bitungwa bitaguma vyiyerereza.
V. Ibibazo vyari bitegekanijwe gutangura ntivyabaye kuri uyu wa mbere mu mashure yo mw’ikambi y’impunzi ya Nduta muri Tanzaniya. Vyari ibibazo vy’igice ca gatatu c’uyu mwaka w’ishure nk’ukwo amakuru avayo avyemeza. Ayo makuru nyene avuga ko insiguro yatanzwe ari uko habuze impapuro zo gushirako ivyo bibazo. Ivyo birateye umutima uhagaze abavyeyi n’abanyeshure aho i Nduta.
VI. Umugwi nserukira gihugu w’abakenyezi uri muri CECAFA kuri uno wa mbere uramenya umugwi bazohura mu gice ca kabiri gishira ica nyuma. Muri basketball naho mw’ihiganwa ry’Uburundi bwose inyuma yaho les Hippos itsindiye Gymkhana ku manota 82 kuri 72, nta mugwi n’umwe utaratsindwa kugera ku musi w’indwi w’ihiganwa.

Ibindi bisa n'ibi