Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 10/06/2022

Publié le 10 juin 2022 par Rédaction
I. Imfashanyo y’ibihugu vya buraya ku Burundi ngo si yo igihugu c’Uburundi gihanze amaso kugira gishobore kubaho. Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, mu gihe we n’abaserukira uwo muryango wa Buraya bari bateguriye hamwe umusi bitiriye uwo gufashanya hagati y’Uburundi n’ibihugu vya Buraya. Albert Nshingiro yabwiye abamenyeshamakuru ko kubona imfashanyo itarashika mu nyuma yaho ivyo bihugu bikuye ibihano ku Burundi, ata mutsi wishe ibere. Igihambaye ngo n’uko abarundi ubwabo bogwiza umwimbu.
II. Ngo iyo mvugo y’umushikiranganji wo gufashanya hagati y’Uburundi n’ayandi makungu ni iyo gushinyagurira abarundi bari mu bukene ntangere. Uko niko bishikirizwa n’ishirahamwe RCP, Réseau des citoyens Probes mu gifaransa. Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe avuga ko bitangaje kubona umushikiranganji adaha agaciro iyo mfashanyo, mu gihe igihugu kiri mu bukene bw’amafaranga y’agaciro.
III. Umwanya wo kwigisha no guhimiriza abajejwe intwaro n’abarundi muri rusangi, uriko urarengana. Birihutirwako leta y’Uburundi ishira mu ngiro imigambi n’ibikorwa biyishigikira, kugira igihugu gitere imbere. Bishikirizwa na Faustin Nduwimana arongoye ishirahamwe PARCEM, ryiyemeje gukangurira abarundi guhindura ingendo. Ni inyuma y’iminsi ibiri hahimbajwe umunsi wo kwibuka urupfu rwa Petero Nkurunziza. Ku bwiwe, ngo leta ni ije mu bikorwa nyezina.
IV. Bamwe mu barundi bankiwe ubuhungiro mu gihugu ca Tanzaniya bahisemwo kuja kwibera mu mashamba y’ico gihugu, kuko banse gutahukanwa ku nguvu. Umugwi umwe washoboye kumenyekana, ugizwe n’imiryango irenga 20, hakaba hariho n’abandi batazwi igitigiri bari mu mashamba atandukanye. Bavuga ko ingorane bafise ari nyinshi nko kwivuza, hamwe n’uruhigi bagirirwa n’igipolisi ca Tanzaniya. Basaba abaharanira agateka ka zina muntu kubatabariza, kugira ngo bahabwe ubuhungiro nk’abandi.
V. Kuri iryo burabuzwa, leta ya Tanzaniya isabwa guhagarika ishirwa mu ngiro ry’ingingo yo gushaka gutahukana ku nguvu impunzi z’abarundi baba muri ico gihugu, mu gihe mu kiringo kitarenze umwaka batoba batashe ku gushaka kwabo. Ivyo bisabwa n’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano INAMAHORO. Marie Louise Baricako arongoye uwo muhari asaba ko leta ya Tanzaniya yokwubahiriza amategeko mpuzamakungu akingira impunzi yateyeko umukono.
VI. Abantu bashika kuri mirongo ibiri na babiri barahagaritswe bongera barafungwa hadakurikije amategeko, kuva mu kwezi kwa Ntwarante gushika muri Rusama umwaka turimwo. Ivyo biri mu rwandiko rwasohowe n’ishirahamwe rishigikira abaharanira agateka ka zina muntu ESDDH. Ku bwa Germain Rukuki aharanira agateka ka zina muntu akaba anarongoye iryo shirahamwe, aratewe umutima uhagaze n’ivyaha vyo guhohotera abarundi no kubafungira ubusa bikorwa n’ubutegetsi bw’Uburundi. Germain Rukuki agasaba leta y’Uburundi guhagarika kuburagiza iyindi migambwe badasangiye ivyiyumviro vya politike, akongera agahamagarira ubutungane bw’Uburundi gutunganiriza bose.
VII. Inyuma y’ukwo uwahoze ari igisongerezi mu gisirikare c’Uburundi Thaddée Gahungu ahatswe kugandagurwa, igipolisi c’inyamiramabi coba gishaka kumwagiriza ko akorana n’abiba amafranga abantu bakoresheje amayeri ivyo bita escroquerie mu gifaransa. Ivyo vyose ngo boba bariko babikora mu ntumbero yo kugomba guhisha icaha bagomvye gukora no kugomba kumusubiza mu mvuto. Abegereye umuryango wiwe basaba ko arekurwa kuko ataco yagirizwa.
VIII. Amafranga angana miliyoni 5 ni yo ategerezwa gutangwa n’abakoresha icambu co ku mabuye kwa Ntunaguzi kiri ku ruzi Maragarazi rugabura igihugu c’Uburundi na Tanzaniya muri komine Giharo, intara ya Rutana.  Ayo mafranga akarihwa n’abahacisha ibidandazwa, abasoza ubwato canke ba nyenebwo hamwe n’ishirahamwe ry’abikorera imizigo ryitwa « Ishirahamwe ry’abatanganguvu « .

Ibindi bisa n'ibi