I. Abasirikare umunani b’intwazangabo b’Uburundi ni bo birukanywe mu gihugu ca Somaliya mu kiringo kidashika ukwezi bashitse muri ico gihugu. Imvo zatumye birukanwa ahanini ni ubusuma bw’ibikoresho basanzwe bakoresha mu nteko z’ubumwe bwa Afrika ATMIS. Itangazo ribirukana muri ico gihugu ryateweko umukono na général de Brigade Élie Ndayizigiye batazira Muzinga, arongoye inteko z’Uburundi ziri muri contingent igira 14.
II. Intandaro y’uguhonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi ngo n’ukwo igihugu ataho kirigeza mu nzira ya demokarasi. Uko niko bisigurwa n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu. Albert Shingiro yabishikirije kuri uno wa gatanu uheze mu birori vyitiriwe umusi wo gufashanya hagati y’Uburundi n’umuryango w’ibihugu vya Buraya. Umushikiranganji avuga ko ukwubahiriza agateka ka muntu mu Burundi ari igikorwa kizofata umwanya.
III. Umushingwamanza Janvier Bigirimana aharanira agateka kazina muntu avuga ko umushikiranganji Albert Nshingiro ata nsiguro akwiye guha ihohoterwa rya kiremwa muntu ryirirwa riraba mu gihugu. Ku bwiwe, leta yari ikwiye gukurikiza amategeko kugira umunyagihugu yoroherwe, ni nayo ntango ya demokarasi kuri bose.
IV. Abana barenga 10 baritavye Imana mu kwezi kwa 5 kwonyene guheze, mw’ikambi y’impunzi y’I Nakivale mu gihugu ca Ouganda. Amakuru ava muri iyo kambi akavuga ko izo mpfu zituruka ku ndwara zifatiye ku gufungura nabi kw’izo mpunzi, kuva aho HCR ifatiye ingingo yo kugabanya imfashanyo yahora ironsa izo mpunzi. Kubera ico kibazo gikomeye, impunzi zisaba uwo wese abishoboye kugira ico aterereye amazi atararenga inkombe.
V. Nta wushobora kuvuga ko hari ugutahuka ku gushaka kw’impunzi ziri mu gihugu ca Tanzaniya, mu gihe zitakigira uburenganzira bwo gukora udukorwa two kwiteza imbere, ntibabe bakironswa n’ivyo bafungura. Bivugwa na Agathon Rwasa, arongoye umugambwe CNL. Hari kuri uyu w’Imana muri zone ya Kizuka mu ntara ya Rumonge, mu nama yariko aragirisha abanywanyi biwe. Mu gihe hakiri iterabwoba ari ryo ryatumye bahunga, ntawokwizera ko bashobora gufata ingingo yo guhunguka kubera babishatse.
VI. Kuri uyu musi w’igenekerezo rya 13, n’umusi mpuzamakungu wahariwe abanyamwema. N’akaryo kuri banyamwema bo mu Burundi ko gusaba ko boserukirwa mu nzego zifata ingingo. Ivyo ngo vyofasha gutora umuti w’ingorane zibugarije. Muri zo harimwo ubukene hamwe no kubura imiti ibakingira urukoba. Abana batanu bakaba bamaze kwicwa na cancer y’urukoba kuva mu 2008 nk’ukwo bivugwa na Anicet Bangirinama arongoye ishirahamwe ry’abanyamwema mu Burundi, Albinos sans Frontières.
VII. Umugwi wa Bumamuru ku musi wa gatandatu ni wo watahukanye igikombe c’umukuru w’igihugu utsinze Flambeau du Centre ibitsinddo bitatu kuri kimwe. Muri beach volleyball na ho, Uburundi ni bwo buzoserukira akarere ka gatanu mu bigeme no mu bahungu mw’ihiganwa rya Afrika ry’abadashikana imyaka 19.