Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 14/06/2022

Publié le 14 juin 2022 par Rédaction
I. Abantu 4 bitavye Imana, 2 barakomereka bikomeye mw’isanganya ryabereye kw’ibarabara Mabanda-Mugina mu gitondo co kuri uyu wa kabiri.  Iryo sanganya ryabereye ku mutumba Musenyi, muri komine Mabanda, hagati y’imodoka yo mu bwoko bwa Probox n’ipikipiki.  Abadereva bose bakaba baciye bitaba Imana ubwo nyene, 2 harimwo umwana na nyina na bo bacikaniye ku bitaro vyo ku Rusenyi muri komine Mabanda nyene.  Abandi 2 bakomeretse cane bakaba baciye bajanwa ku bitaro vy’I Kibuye mu ntara ya Gitega. Iyo modokari yo mu bwoko bwa Probox igipolisi kikaba cahavuye gisanga yari ipakiye ibitenge 110, umufuko w’isukari n’ifumbire vyinjiye kuri magendu bivuye mu gihugu ca Tanzaniya.
II. Inzitizi ni nyishi zikwiye guhagurukirwa kugira ngo igisata c’indero gishobore gutera imbere. Muri izo harimwo gutanga inyigisho zishimishije kandi zifise akanovera. Ivyo n’ivyashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe indero n’ubushakashatsi François Havyarimana, kuri uno wa kabiri igihe hari haramutse hugururwa inama kaminuza yo kurabira hamwe ingene igisata c’indero conagurwa. Umushikiranganji akavuga ko hakenewe inyigisho zitanga ubumenyi kugira ngo abahejeje amashure bashobore kwibeshaho, hakurindira akazi ka leta kandi atagahari.
III. Hariko harabera mu gisagara ca Bujumbura inama y’ibihugu vya kano karere k’ibiyaga binini, bihurikiye mw’ishirahamwe CIRGL. Ni mu ntumbero yo kwigira hamwe ibibazo vy’amahoro n’umutekano muri kano karere. Umuhuzabikorwa wa CIRGL ku rwego rw’igihugu Ntahiraja Bernard, yamenyesheje ko kugira iyo nama ibere mu Burundi ari uko uno munsi harangwa amahoro n’umutekano. Ku bwiwe, Uburundi bwobera akarorero ibindi bihugu bisangiye umuryango.
IV. Kubw’uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu Frédéric Bamvuginyumvira, haracari kare kugira umuntu avuge ko amahoro n’umutekano vyiraye mu gihugu, mu gihe mu karere burimwo, hariho indyane zifatiye kuri politike n’umutekano muke.
V. Abakristu 15 b’urushengero EUSEBU barahagaritswe kuri uyu w’Imana muri komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba. Bahagaritswe n’igipolisi mu gihe bari bagiye gusenga. 14 bahagarikiwe ku rushengero rwa Kazirabageni, uwundi na we ahagarikirwa ku rushengero Ngabwe zose ziri muri zone Kazirabageni. Inkuru ziva ngaho i Nyanza-Lac zivuga ko bahagaritswe n’igipolisi kibisabwe n’abarongozi b’urwo rushengero ku mvo zo gukinga akajagari kari gushobora kuvyuka kuri ayo mashengero. Bamwe mu bakiristu, bakabona ko bahagaritswe kubera akadenderezo.
VI. Abanyororo barekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu bakwiye kwigenza neza mu mihana yabo bakirinda umutima wo kwihorana. Vyashikirijwe kuri uyu wa kabiri n’ishirahamwe NTABARIZA riharanira agateka k’abanyororo n’ak’imiryango yabo, mu kiganiro ryahaye abamenyeshamakuru. Ku bwa Jean Marie Nshimirimana arirongoye, ngo ubushikiranganji bw’ubutungane burakwiye kuza burashira mu ngiro vuba ingingo y’ikigongwe c’umukuru w’igihugu igisohoka, mu kurekura abanyororo vyega.
VII. Abarundi bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya baratotezwa, bakaburabuzwa, bamwe muri bo bakicwa, abandi bakaburwa irengero, mu gihe hari n’abafatwa bagatahukanwa gupfungirwa mu Burundi. Abahungiye mu gihugu ca Congo na bo barara ntibuca kubera intambara zikunze kubera mu bice babamwo mu buseruko bw’ico gihugu. Ivyo biri mu cigwa cakozwe n’ishirahamwe rukristu ryishinze kurwanya isinzikarizwabuzima rya kiremwa muntu, ACAT-Burundi aho bihweza uko impunzi z’abarundi zahungiye mu bihugu vyo muri kano karere zimerewe, aha nini bagafatira kw’iyubahirizwa ry’amasezerano mpuzamakungu agenga impunzi ivyo bihugu vyateyeko igikumu.
VIII. Abategetsi ba Zambiya bari bakwiye kwubahiriza agateka k’impunzi. Ako kamo bagaterwa n’urunani rw’abaharanira agateka ka muntu mu makambi y’impunzi. Mw’itangazo ryo kuri uyu wa mbere, CBDH-VICAR ivuga ko ibabajwe n’ifatwa ku bwinshi ry’abanyamahanga harimwo impunzi z’abarundi mu mpera z’ukwezi guheze muri ico gihugu. Bahowe ko basohotse bakaja kurondera ubuzima ahatari mw’ikambi y’impunzi. Kubwa Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye CBDH VICAR, imfashanyo baronka ntigikwiye ari na co gituma bategerezwa kwibako kugira batunge imiryango.
IX. Kuri uno wa 14 ruheshi, Uburundi bwifadikanije n’amakungu kugira buhimbaze umunsi mpuzamakungu wahariwe abatanga amaraso. Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu Sylvie Nzeyimana yaboneyeho akaryo ko gutera akamo abarundi bose kurushirizaho gutanga amaraso, kugira ngo bagarukire ubuzima bw’ababa bayakeneye. Yavuzeko ibigo bijejwe amagara y’abantu vyama bikenye abantu bitanga kugira ngo bashobore gukiza indembe ziba ziyakeneye.

Ibindi bisa n'ibi